Mpox ''iri ku murindi uteye ubwoba ariko abantu ntavyo babona''- abajejwe amagara y'abantu mu Burundi

    • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bujumbura

‘’Ndayumva ariko sindabona uwuyirwaye…sinzi ko yoba ihari ngaha mu gihugu canke itahari,’’ ayo ni amajambo avugwa na Nkundubumwe - umushoferi wo mu gisagara ca Bujumbura - ariko yotangaza cane Egide Irambona.

Ayo majambo kandi ateye impungenge abajejwe amagara y’abantu bahanganye no kugwanya ikiza c’ibihara vy’inkende, Mpox, kimaze ukwezi giteye mu Burundi aho ''abantu benshi batarumva ko giteye ubwoba''.

Egide Irambona, w’imyaka 40 afise umuryango w’abana indwi. Umwe mu ruhande rw’abagabo uwundi mu ruhande rw’abagore, Irambona n’umugore wiwe bompi baryamye mu kigo cashiriweho kwitaho abarwayi b’ako karanda mu bitaro vya kaminuza Roi Khaled mu Kamenge.

Muri ico kigo, gushika ku wa kane, hari abarwayi 59 barimwo abagabo nka Irambona barenga 20. Abandi ni abana batarenza imyaka 15 n’abagore harimwo n'uwufise inda.

Irambona n’umugore wiwe baba muri karitiye ya Gihosha mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Ico gice ni co kimaze kugaragaramwo abanduye benshi na cane mu makaritiye ya Kinama na Kamenge.

Ku mubiri wa Irambona ibihere biracari vyinshi mu maso, ku maboko no ku nda gushika haruguru y’umukondo aho yagejeje kumanura ishuka atwereka ingene vyadutse ku mubiri wose.

Ariko nta na hamwe vyasigaje gushika. "Iminsi ya mbere naragize amasumbi menshi mu muhogo vyanka ko mpema mw’ijoro", ni ko Irambona avuga.

"Ariko uko bagiye batuvura ni ko hagiye haraba mitende mu muhogo harakira, ububabare buca bwimukira mu birenge harazayo ibihere binini binini birimwo amashira.

"Biriko birakira, ubu ni sawa."

Ku mahirwe, Irambona n'umugore wiwe, abana babo indwi nta n’umwe arandura. Umuhungu mukuru w’imyaka 16 ubu ni we yitayeho barumunawe akongera akabandanya akazi ka se k’ubufundi bw’imodoka.

'Ikiza kiri ku murindi uteye ubwoba ariko abantu benshi ntavyo babona'

Nduwimana Samuel na we nyene ari mu bariko baravurirwa muri ico kigo co mu bitaro Roi Khaled aho amaze indwi zitatu.

Uwo musore w’imyaka 28 nturinda kumwinginga kugira akure agapira canke ngo aduze ipantaro akwereka ku maguru n’ahandi ku mu biri ingene huzuye udusebe tw’ahaturitse ibihere na cane cane ku mutwe.

"Natanguye kubona agahere ku gihimba c’irondoka. Ndagaharura nca ntangura kwumva isumbi nini iteye ubwoba", ni ko Samuel avuga. Uko ngo ni ko yatanguye kurwara imbere y’uko ibihere vyaduka umubiri wose.

Na we nyene avuga ko "ndiko ndakira kuko baranyitayeho cane".

Irambona na Nduwimana bavuga ko bari bageze kure cane.

Ariko dusubiye kwa Nkundubumwe, wa mushoferi aho ari mu bandi bantu benshi ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, we avuga ko iyo ndwara amaze kuyumva ivugwa gusa ariko atarabona uwuyirwaye, uretse ku mafoto yo kumbuga hwaniro.

Mbere ngo ntazi ko mu gihugu ihari n’uko atayihari.

Aho ku gituro c'amibisi hagati mu gisagara ca Bujumbura, abumva iyo ndwara ku matwi canke mbere abasa n’uko ataco ibabwiye, si Nkundubumwe gusa.

Ku muhingamo aho abantu baba bariko barurira ama bisi nta kimenyetso c’ubwoba canke c’umwitwarariko w’iyo ndwara y’ibihere "iteye ubwoba no kurusha ica Covid" mu kurandagata vuba no kwandukira mu buryo bwinshi nk’uko abategetsi bajejwe amagara y’abantu bakivuga.

Muganga Ndayikeza, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu, avuga ko umurindi iyo ndwara iriko wari ukwiye gutera ubwoba abantu.

Mu kwezi kumwe - kuzokwira ku wa 25 Myandagaro (8) - kuva ico kiza gitangajwe ko cateye mu Burundi, abarwayi bemejewe ko banduye barenga 170. "Ni benshi ugereranije n’ingene irandagata mu bindi bihugu bimwe bimwe", nk'uko Ndayikeza avuga.

Aho ku gituro c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, zimwe muri bisi ziba zivuye canke zigiye mu Kinama na Kamenge, abiri mu ma karitiye yo mu gisagara ca Bujumbura arimwo ibitigiri binini vy’abamaze kwandura.

Ariko abantu bazurira bariko baragundana kugira batanguranwe ibibanza - haboneka nke cane kubera ubukene bw'igitoro - mu gihe imwe mu nzira ikomeye yo kwandura canke kwandukiza ari ugukoranako n’uwumaze kwandura. Kandi ntategerezwa kuba agaragaza ibimenyetso kugira umubone umwigire kure.

Umwitwarariko ni munini na cane cane mu bajejwe kurwanya iyo ndwara mu gihugu gihana urubibe na Repuburika ya Demokarasi ya Congo, aho imaze kwica abantu barenga 500, abamaze gufatwa bakaba baharurwa mu bihumbi birenga 16.

Muganga Liliane Nkengurutse, umuyobozi w’ikigo kijejwe ibikorwa vyihuta mu gisasta c’amagara y’abantu avuga ko impinga ikiri ndende kugira abantu babone ko ibintu bikomeye.

Agira ati: "[Ico kiza] kiri ku murindi uteye ubwoba ariko abantu benshi nta vyo babona. Babandanya bigenza uko bari basanzwe bigenza kandi mu vy’ukuri ari indwara yandukira cane kandi ibabaza".