Harris canke Trump? Abashinwa bipfuza nde mu matora yimirije ya Amerika

- Umwanditsi, Laura Bicker
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Pekin
Mu Bushinwa, abanyagihugu barakurikiranira hagufi amatora yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bamwe muri bo buzuye impungenge. Bafise ubwoba ku bishobora kuzoba muri kazoza, hanze no mu gihugu hagati, uwo ari we wese hagati ya Kamala Harris na Donald Trump atsinze.
“Nta n’umwe muri twebwe yipfuza kubona haduka intambara”, bivugwa na Xiang, ari mu kibanza c’ukwinezereza, mu muziki mwinshi, hafi yaho hari uwundi yari yiryohererewe ariko aratambana na mugenziwe.
Wewe yari yazananye na Ritan Park kwiga gutamba umuziki n’abandi bantu bakuze.
Bama bahurira mu kibanza kitari kure cane, ku metero nkeya uvuye ku muhana w’umuserukizi wa Amerika mu Bushinwa, ku mugwa mukuru Pékin/Beijing.
Hampande y’intambo nshasha, amatora yimirije muri Amerika nayo ari mu mitwe yabo.
Ni amatora ashitse mu gihe ibintu bitameze neza hagati y’ibi bihugu bibiri vy’ibihangange, aho icuka kibi giturutse ku kibazo ca Taiwan, ubudandaji n’ibibazo mpuzamakungu kibandanya ciyongera.
Xiang ari mu myaka 60 agira ati: “Mfise impungenge kubona imigenderanire hagati y’Ubushinwa na Amerika ibandanya iba mibi. Amahoro niyo twishakira”.
Ikirwi c’abantu baramuhundariye kugira ngo bumve ivyo ariko aravuga. Hafi bose baratinya gutanga amazina yabo mu gihugu umuntu yemerewe kuvuga ku mukuru w’igihugu wa Amerika, ariko yihenze akanegura umukuru w’igihugu ciwe bigashobora kumuzanira akarambaraye.
Bavuga ko bafise ubwoba bw’intambara – atari gusa ku ntambara yokwaduka hagati ya Amerika n’Ubushinwa, ariko kandi ko ibintu bishobora kuyangara mu ntambara zirangwa ubu mu Buseruko bwo Hagati no muri Ukraine.
Ni co gituma Meng ari mu myaka ya 70 yizeye ko Donald Trump azotsinda amatora.
Ati: “Nubwo afatira ibihano Ubushinwa, ntiyipfuza kurwana canke gutanguza intambara. Biden yatanguje intambara nyinshi, ni co gituma abantu basanzwe benshi bamwanka. Biden ni we agumirije umuriro Ukraine kandi Uburusiya na Ukraine biriko biratakaza cane mu ntambara hagati yavyo”.
Hariu abanda bakobwa nabo bariko bafata umuziki kugira bawushire ku mbuga nyagiro, na bo nyene ntibatangwa. Umwe muri bo ati: “Mu kiyago mpari, Donald Trump yavuze ko azorangiza intambara ya Ukraine mu masaha 24 kuva ashikiriye amabanga.
“Kuri Harris, nta vyinshi ndamuziko, ariko twibaza ko azofata inzira nk’iya Perezida Biden ashigikira intambara”.
Ivyiyumviro vyabo ni vyo vyiyumviro nyamukuru biri mu butumwa buriko bukwirakwizwa n’ibinyamakuru vy’Ubushinwa.

Ubushinwa butera akamo amakungu ko hoba ibiganiro vyo guhagarika intambara muri Gaza mu gihe na bwo buhagaze ku ruhande rw’abo bwita “abavukanyi b’Abarabu” mu Buseruko bwo Hagati, kandi bukaba bwaciye bwihutira kunegura Amerika ku mfashanyo ikomeye iha Israel.
Kuri Ukraine, umushikiranganji w’imigenderanire Wang Yi yabwiye ishirahamwe ONU ko Ubushinwa bufise “uruhara rwo kwubaka” maze aca yagiriza Amerika ko iriko “ikoresha iyi ntambara ku nyungu zayo zo kwigungirako”.
Mu gihe abihweza ibintu n’ibindi hafi bose babona ko Ubushinwa ata ruhande bwegamiye hagati y’abariko barwanira uburongozi bwa Amerika, benshi bashobora kuba bemera ko Kamala Harris atazwi cane mu banyagihugu b’Ubushinwa no mu barongozi babwo.
Ariko hari ababona ko ashobora kutaba mahindagu gusumba Trump iyo hageze ibibazo bikomeye hagati y’Ubushinwa na Amerika - Taiwan.
Umugabo yari yasohokanye umugore wiwe n’umwana wabo w’umuhungu w’imyaka ine agira ati: “Jewe ndanka Trump. Si nibaza ko hari kazoza keza hagati ya Amerika n’Ubushinwa – hari ibibazo vyinshi cane, ku biraba ubutunzi kw’isi, hamwe kandi no ku kibazo za Taiwan”.
Afise ubwoba ko uku kutumvikana kuri Taiwan gushobora kwandurukamwo intambara.
Ati: “Nta gisirikare nshaka. Si nshaka mbere ko n’umuhungu wanje aja mu gisirikare”.

Ubushinwa buvuga ko izinga ryigenga rya Taiwan ari intara yabwo, mbere na Perezida Xi Jinping avuga ko “bizorangira isubiye mu ruhongore”, akaba avuga ko bibaye ngombwa azoyisubiza ku nguvu.
Amerika ibandanya gukomeza imigenderanire isanzwe na reta y’Ubushinwa kandi iremeza ko ari yo reta yonyene yemera muri poritike yayo ishingiye ku “Bushinwa nk’igihugu kimwe” ariko kandi ibandanya kuba igihugu ca mbere kw’isi gishigikiye Taiwan.
Itegeko riremerera reta ya Amerika guha Taiwan ibirwanisho vyo kwivuna kandi Joe Biden aherutse kumara amazinda abayafise mu kuvuga ko Amerika izotabara Taiwan gisirikare.
Harris ntarashika kure nk’uko. Ahubwo, igihe aherukira kuvugana n’umunyamakuru, yahagaze “ku kwubahiriza umutekano n’iterambere ku buhigu vyose”.
Donald Trump wewe ahubwo ahagaze cane ku masezerano yogiriranira na Taiwan. Ahamagarira Taiwan kurihira umutekano wayo.
Mu kiganiro aheruka gutanga, avuga ati: “Taiwan tuyiha ibintu vyacu ku buntu. None, ubwo bujuju bwacu ni nyabaki? Baratunze cane rwose. Taiwan yategerezwa kuturiha kugira tuyikingire”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aho abatari bake bafitiye ubwoba kuri uno yahoze ari umukuru w’igihugu ca Amerika, ni uko aherutse kwerekana neza ko ategura kurihisha amakori angana na 60% ku bidandazwa vy’Ubushinwa.
Iki nico kindi kintu abadandaza mu Bushinwa bashaka ko gifata inzira itumbereye ubu, mu gihe igihugu kiriko kigerageza guhingura ibikenewe vyose coshobora kwikorako kigashora hanze mu gihe ibintu vyohinduka mu bijanye n’ubutunzi.
Abashikiranganji b’Ubushinwa bararakajwe cane n’amakori Amerika yashinze ku bidandazwa, amakori yatanguye gushingwa na Donald Trump.
Perezida Biden na we nyene yarashinze amakori ku mamodoka akoresha umuyagankuba hamwe na vya vyuma bifata imishwarara y’izuba. Ubushinwa bwemeza ko izi ngingo zifise intego yo kububuza kuba igihugu rutura kw’isi mu vyo ubutunzi.
Asubiramwo ivyiyumviro vy’abatari bake twashoboye kuganira, Xiang agira ati: “Si nibaza ko hari inyungu Amerika azoronka mu gutoza amakori ku bidandazwa vy’Ubushinwa”. Avuga ko aya makori azogira ingaruka ku banyagihugu ba Amerika, yongere atume ubuzima buzimba ku banyagihugu basanzwe.
Hari benshi mu bakiri bato, nubwo bakunda igihugu cabo, bakunze ibiva muri Amerika haba mw’iterambere n’akaranga.
Muri iki kibanza co kwinezereza, Lily na Anna b’imyaka 20 na 22, bakurikirana amakuru baciye ku rubuga rwa TikTok, nabo basubiramwo ubutumwa bwo kwiyubahiriza buca mu binyamakuru vy’Ubushinwa iyo hageze ku kibazo c’ino migenderanire yo gukebana.
Bambaye umwambaro uranga igihugu cabo, bagira bari: “Igihugu cacu ni igihugu giteye imbere kandi gikomeye cane”. Bavuga ko bakunda Ubushinwa nubwo bakunga ama firime ya Amerika nka Avengers na cane cane America.
Indirimbo za Taylor Swift na zo nyene ziri mu zo bakunda cane.

Abandi nka Lucy w’imyaka 17 bizeye ko umusi uri izina bazoja kwiga muri Amerika.
Lucy avuga ko aryohewe kubona hari umugore ariko arahiganira kuba umukuru w’igihugu.
Ati: “Kubona Harris yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu ni intambwe ikomeye ku bijanye n’gukuraho ubusumbasumbane hagati y’ibitsina, kandi bitarera intege”.
Abanyagihugu b’Ubushinwa ntibarigera babona indogozi y’umugore, mbere no mu biro bikuru vy’umugambwe w’Abakomunista urongoye Ubushinwa bizwi nka Politburo, bikaba bigizwe n’abantu 14, nta mugore n’umwe arimwo.
Lucy ararajwe ishinga kandi n’ukwinubana gukomeye hagati y’ibi bihugu bibiri akabona ko inzira nyayo ku Bushinwa na Amerika yo gukomeza imigenderanire yavyo ari uko hoba ibiyago vyinshi hagati y’abanyagihugu.
Impande zompi zariyemeje gukora muri iyi nzira, ariko igitigiri c’abanyeshure b’Abanyamerika biga mu Bushinwa carakorotse, kuva mu 15.000 mu 2011 gishika ku 800.
Xi yizeye ko azokwuguririra imiryango abanyeshure b’Abanyamerika 50.000 boza kwiga mu Bushinwa mu myaka itanu iri imbere. Ariko mu kiganiro aheruka kugiriranira na BBC, umuserukizi wa Amerika mu Bushinwa, Nicholas Burns, yaragirije bimwe mu bisata vya reta y’Ubushinwa kudafata nka nkama ivyo ino ndongozi yabo yiyemeje.
Avuga ko, ku ncuro zitari nke, inzego zijejwe umutekano canke umushikiranganji kanaka wa reta, babujije abanyagihugu b’Ubushinwa kwitabira ibikorwa vyateguwe na Amerika mu rwego rw’imigenderanire.
Ku rundi ruhande, abanyeshure n’abahinga ba za kaminuza b’Abashinwa bavuga ko bafatwa nabi n’abakozi ba Amerika bashinzwe imbibe.
Hagati aho, Lucy, aracafise icizere ko umusi uri izina azoshobora kuja muri Amerika, guteza imbere akaranga k’Ubushinwa. Eka mbere, mu gihe umuziki waryoshe hafi yaho, asaba Abanyamerika kuza gutembera kugira ngo bashobore kwirabira ivyiza vy’Ubushinwa.
“Kumbure dushobora kuba twiyugaye rimwe na rimwe kandi tudakunda gusohoka canke ngo twirekure nk’Abanyamerika, ariko turi abantu bakira neza abashitsi”, niko avuga atera yegera umuryango wiwe.
Amaphoto ya BBC yafashwe na Xiqing Wang











