Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Qatar 2022: Ni nde Goncalo Ramos - umukinyi yasubiriye Cristiano Ronaldo?
Na Harry Poole
Umunyamakuru w'inkino wa BBC
Imbere y’uko urukino rutangura, havugwa gusa ivyo kudakinisha Cristiano Ronaldo. Ariko ifirimbi ya nyuma iheze, ivyavugwa vyose vyari kuri Goncalo Ramos.
Igihe afata ikibanza ku ntebe y’abasubirizi mu rukino rwa nijoro n’Ubuswisi mu gice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose muri Qatar, amakamera yose (cameras) yari yarabishijwe kuri uno mukinyi amaze kwinjiriza Portugal ibitsindo vyinshi gusumba abandi bakinyi bose muri kahise k’umupira muri ico gihugu.
Inyifato yagize igihe asubirizwa mu rukino rwaheruka yararakaje umumenyereza Fernando Santos.
Intebe yari ikikujwe n’abafotozi barwana barondera gufata isanamu ya Ronaldo yari ababaye kubera atari ku rutonde rw’abakinyi 11 bategerezwa gutangura mu rukino rukomeye nk’uru. Bwari bwo bwa mbere bimugendeye uko kuva mu 2008.
Ariko rero haciye akanya gato, amaso yose yaciye ahindukirira ku vyariko bibera mu kibuga, aho umukinyi w’imyaka 21 yamusubiriye yandikishije izina mu gutsinda ibitsindo bitatu vyose muri uru rukino rwarangiye Portugal inyagiye Ubuswisi 6-1.
Umukinyi atazokwibagirwa mu gikombe c’isi yose
Igihe umumenyereza wa Portugal Santos afata ingingo yo kudatanguza Ronaldo muri uru rukino, ntiyari yiteze ibintu vyiza nk’ivyo yaraye abonye.
Uretse ko umurwi wiwe watsinze ibitsindo bitandatu mu gice co gukuranamwo mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose, umusore yakinishije mu kibanza ca Ronaldo yateye ibitsindo bitatu wenyene muri iri joro rya mbere rikomeye kuva atanguye umwuga wiwe.
Ku myaka 21 n’imisi 169, Ramos ni we mukinyi wa mbere akiri muto yinjije ibitsindo bitatu mu rukino rumwe mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose kuva ku munya-Hongrie Florian Albert mu 1962.
Uyu musatirizi wa Benfica vyamusavye iminota 17 gusa kugira atangaze izina ryiwe muri Qatar, igihe atera umupira ugaca iruhande y’umunyegori w’Ubuswisi Yann Sommer hejuru mu mfuruka z’igori, aba ashize Portugal imbere.
Inyuma y’iminota mikeya igice ca kabiri gitanguye, yateye igitsindo ciwe ca kabiri ku mupira wo hasi yari ahawe na Diogo Dalot, maze biba bibaye 3-0.
Igitsindo ca Raphael Guerreiro cinjiye imbere y’uko Ramos atera iciwe ca gatatu muri urwo rukino – ubwa mbere muri rino higanwa ry’igikombe c’isi yose – igitsindo yinjije arovye umunyegori Sommer.
Yagiye gusubirizwa ku munota wa 74 amaze gutera ibitsindo vyiwe bitatu, tutavuze imipira yahereje n’iyo yateye mw’igori ishika itanu.
Igihe Ramos yari asubirijwe, Rob Green yahoze ari umunyegori w’Ubwongereza yavugiye kuri BBC Radio 5 Live ati: " Goncalo Ramos yakoze ibintu bitangaje. Ivya mbere muri kino gikombe c’isi yose gushika ubu, n’ibindi vyose vyoba bimaze kuba”.
None Ramos ni nde?
Mu gihe Ronaldo atarashobora kwinjiza igitsindo na kimwe mu nkino zitandatu zose zo gukuranamwo Portugal imaze gukina muri rino higanwa, n’aho amaze kwinjiza ibitsindo umunani mu mahiganwa y’igikobe c’isi yose, Ramos wewe amaze kwinjiza bitatu.
Ramos, umukinyi yakuriye mu murwi w’urwaruka rwa Benfica, yari amaze gukinira Portugal iminota 33 yonyene mu nkino zitatu yari amaze gukina, imbere y’uko igihugu ciwe gihura n’Ubuswisi nijoro ku wa kabiri.
Aha harimwo iminota 23 yakinye mu rukino rwa kivandimwe Portugal yahuye na Nigeria mu kwa cumi na rimwe rwarangiye Portugal itsinze Nigeria igitsindo kimwe ku busa, iminota ibiri mu rukino rwa Ghana hamwe n’iyindi umunani yakinye mu rwa Uruguay mu nkino zo mu matsinda.
Kuva ico gihe yashizwe ku rutonde rw’abasubirizi akaba atakinishijwe igihe Portugal itsindwa na Korea ya Ruguru, ariko ikaba yari yamaze kuronka itike yo kubandanya.
Hagati aho, inyuma yo gushirwa ku rutonde rw’abatangura mu kibuga ku ncuro ya mbere ku rwego mpuzamakungu mu nkino zo gukuranamwo muri rino higanwa ry’igikombe c’isi yose, yakoze ibintu bikomeye aboneka nk’uko umengo ni ibintu yari amaze imyaka myinshi akora.
Ku bitsindo 14 n’imipira itandatu yatanze ikavamwo ibitsindo mu nkino 21 za Benfica muri uno mwaka w’inkino – hiyongereyeko ibitsindo indwi yinjije mu nkino zitandatu mw’ihiganwa riheruka – Ramos nta nkeka ubu ni umukinyi yiyemera.
Ariko indoto yonyene yari afise ni ukungene yari kuvyifatamwo ku rukino rwiwe rwa mbere ashizwe ku rutonde rw’abatangura mu kibuga mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose.
Ni we mukinyi wa mbere yinjije ibitsindo bitatu, ikizwi nka hat-trick, ku rukino rwiwe rwa mbere atangujwe mu kibuga mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi kuva ku mudagi Miroslav Klose mu 2002- umukinyi wa mbere amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi ku ruhande rw’abagabo – akaba kandi n’umukinyi akiri muto agira kabiri amaze kwinjiriza Portugal ibitsindo muri kahise k’ik igihugu mu gikombe c’isi yose, inyuma ya Ronaldo mu 2006.
Inyuma y’urukino rudasanzwe rwa nijoro, arumva neza ko yakoze ivyo yashobora gukora vyose kugira ngo igihugu ciwe kibandanye mu gice ca kane gishira ica nyuma aho kizohura na Maroc.
None ivya Ronaldo bigiye guherera he?
Abajijwe ivya Ronaldo ifirimbi ya nyuma ivuze, Ramos yavuze ati: "Cristiano Ronaldo aramvugisha kandi avugisha uwo ari we wese mu murwi. Ni we kizigenza wacu kandi yama agerageza kudufasha”.
Irangira ry’urukurikirane rw’inkino 31 atanguzwa mu kibuga kuri uyu yahoze ari umusatirizi wa Real Madrid, Juventus na Manchester United ryategerezwa kuba inkuru ikomeye cane.
Ariko na we nyene ashobora kuba yaratangajwe n’ingene yavuzwe cane imbere y’uko urukino rwa nijoro rutangura, mu gihe ikintu kinini yashoboye gukorera abakunzi baguma basaba ko yinjizwa mu gice ca kabiri ari igitsindo canswe kubera yari yaraririye.
Uravye ivyo Ramos yaraye akoze, nta cizere kinini asigaranye c’uko ku myaka 37 Ronaldo azohava asaba gutanguzwa mu kibuga mu rukino rwo ku wa gatandatu aho Portugal izoba ihura na Maroc.
Umumenyereza wa Portugal Santos avuga ati "koko sinashimishijwe" n’inyifato ya Ronaldo igihe asubirizwa ku munota wa 65 igihe itsindwa na Korea y’Epfo mu rukino rwa nyuma rwo mw’itsinda ryabo, bikaba bisa n’ingene yaje kurangiza giturumbuka muri Manchester United mu kwezi guheze.
Uyu mukinyi yatsindiye Ballon d’Or (Umupira w’Inzahabu) incuro zitanu arahakana ko atarakariye umumenyereza wiwe, ariko ibi nticabujije ko yisanga ku rutonde rw’abasubirizi mu rukino n’Ubuswisi.
Inyuma yo kuba umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo mu mahiganwa atanu y’igikombe c’isi yose imbere y’aha, ibitangaza umurwi wiwe waraye ukoze bishobora gutuma Ronaldo ata kundi vyogenda atari kwemera ikibanza giciriritse mu gihugu ciwe.
Mu kiganiro n’imboneshakure ITV, uwahoze ari umusatirizi w’Ubwongereza, Ian Wright avuga ati: "Uyu ni umurwi ushobora neza na neza kubandanya gushika kw’iherezo kandi Ronaldo aracashoboye gufasha.
"Mu gihe yokwipanga neza, birashobora kurangira abinjirije igitsindo c’intsinzi mu rukino rwa nyuma”.