DR Congo-M23: Umuriro wongeye kwaka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Intambara yongeye kwaduka hagati y'ingabo za reta ya Repuburika ya Demokrasi ya Congo n'izo umugwi witwaje ibigwanisho wa M23, iminsi ibiri gusa abategetsi ba Congo n'Urwanda bahuriye i Luanda muri Angola mu nama yo guhosha iyo ntambara.
Muri iyo nama bahujwe n'umukuru wa Angola João Lourenço , prezida Paul Kagame na prezida Félix Tshisekedi basavye ko haba guhagarika kurwana n'uko ubwo nyene M23 iva mu birindiro yafashe ubu vuba mu buseruko bwa Congo.
Congo n'Urwanda birabana ribi kuva M23 isubiye kurwana n'ingabo za reta muri aya mezi makeya aheze.
Congo yagiriza Urwanda gushigikira umugwi M23 ariko Urwanda rukabihakana.
Urwanda na rwo rwagiriza ingabo za Congo, FARDC, n'iza ONU zo mu rwego rwa Monusco gukorana n'abagwanyi bo mu mugwi FDLR usanzwe ugwanya reta y'Urwanda.
Icuka hagati y'ivyo bihugu carabaye kibi gushika aho Congo ifata ingingo zirimwo kubuza kompanyi y'indege y'u Rwanda, Rwandair, gusubira kuja muri Congo.

Ahavuye isanamu, AFP
Inama ya Luanda umukuru wa Angola, João Lourenço, yari yayitumyeko ngo hahoshwe ico cuka hongere haronderwe inyishu kuri iyo ntambara.
Habaye iki, hehe?
Amakuru ava muri ONU avuga ko M23 yateye ku wa kane ibirindiro vy'ingabo za reta ahitwa Kanyabusoro, ku birometero bitanu uvuye ku makambi ya gisirikare ya Rumangabo na Kazuba.
Umunyamakuru ari muri ako karere avuga ko intambara zakomeje kandi ku wa gatanu mu gitondo ahitwa Rusenge , ku 10km uvuye kw'ibarabara rikuru rija mu gisagara ca Goma.
Abantu benshi bahunze ingo zabo.
Kuri twitter, umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire, Vincent Biruta, yanditse ko amakuru atari yo no kwiyerekana neza imbere y'abanyagihugu bibangamira utwigoro two kurondera amahoro muri Congo n'akarere.
Yatomoye ko mu nama yahuje abakuru b'ibihugu bitatu i Luanda ku wa gatatu ata masezerano canke kwumvikana guhagarika intambara vyigeze bishikwako.
Muri iyo nama, abakuru b'Urwanda na Congo bumvikanye ku bikeneye gukorwa kugira hahoshwe ico cuka kibi hanyuma abahunze bashobore gusubira iwabo.
Avuga kuri iyo nama ya Luanda, umuvugizi wa M23 yabwiye BBC ko ivyo biganiro bitazorangiza intambara mu buseruko bwa Congo.
Mu kwezi guheze, intumwa idasanzwe ya ONU muri Congo, Bintou Keita, yagabishije ko umugwi M23 uriko uraba nk'igisirikare gisanzwe, ko usigaye ufise ibigwanisho bikomeye kandi ko ushobora kugeramira ingabo za ONU ziri aho muri Congo kugarukana amahoro no gufasha gukingira abanyagihugu basanzwe.










