ONU ishinja M23 kurasa ibisasu mu kigo cayo

Ahavuye isanamu, Getty Images
ONU ivuga ko inyeshamba zarashe ibisasu bitatu vya rokete mu kigo cayo mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo.
Nta makuru aramenyekana y'ivyoba vyononekaye muri ico gitero cagirijwe umugwi wa M23.
Umuvugizi wa ONU yavuze yuko ibisasu bibiri vyaguye hafi y'ibirindiro vy'abasirikare bayo bahagarariye amahoro mu karere ka Kibindi muri Kivu ya ruguru.
Uruhagarara ruracari rwose mu buseruko bw'ico gihugu mu gihe inyeshamba zibandanya kugaba ibitero ku basirikare ba leta.
Kuwa gatatu umwe mu bakozi ba ONU bo ku rwego rwo hejuru yabwiye akanama kayo kajejwe umutekano yuko abarwanyi ba M23 bitwara nk'igisikare ceruye, hamwe n'ubushobozi bwo kunesha ingabo za ONU.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagati aho intumwa idasanzwe ya ONU muri Congo yasavye ko haba, ubu bwa vuba kandi ata kirinze gusabwa, kwaka ibirwanisho imigwi yose yitwaje ibirwanisho muri ico gihugu, ibangamiye umutekano w'akarere k'ibiyaga binini.
Umugwi M23 warongereje ibitero mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, unigarurira imiji ikomeye.
Warakuwe mu biganiro vy'amahoro na reta ya Congo biriko birabera mu gihugu ca Kenya.
Abantu barenga imihumbi 170 baramaze guta izabo kuva aho hatanguriye imirwano hagati y'abasirikare ba leta ya Congo n'inyeshamba za M23 mu ntango z'ukwezi kwa kane.
Muri kuno kwezi ishirahamwe ry'ubuseruko bwa Afrika ryafashe ingingo yo kurungika abasirikare muri Congo gufasha leta y'ico gihugu kugarukana amahoro.
BBC iracariko iragerageza kumanye ico M23 ivuga kuri ibi vyagiriji vy'igitero ku basirikare ba ONU.










