Ghana: Igiporisi cabujije ihishurwa ry'Umwaka Mushasha ritera ibibazo
Dickens Olewe
BBC News

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igiporisi muri Ghana cagabishije abarongoye ukwemera n’amashengero ko batokora ihishurwa basanzwe bakora ku Mwaka Mushasha kuko hari abo ritera ubwoba, abandi umwitwarariko, mbere abandi bagapfa.
Uburenganzira bwo gusenga ntibutegerezwa kurengera uburenganzira bw’abandi, nk’uko igiporisi cavuze mw’itangazo.
Abanegura iyo ngingo bavuga ko iteye kubiri n’uburenganzira butangwa n’ibwirizwa shingiro mu kwishira no kwizana ku bijanye no kwemera ko rero iteye kubiri n’amategeko.
Aba-Kristu baharurwa muri za miriyoni akenshi barakoranira mu masengero kugira bumve ivyo abapasitori babahishurira ku vyo beretswe ku bizobashikira mu mwaka mushasha.
Hari abahishurirwa ivyiza bibarindiriye ariko hari n’abagabishwa ko barindiriwe n’ivyago.
Iyo ngingo y’igiporisi yatanguye gusohoka mu mwaka uheze igihe abantu bari barengewe n’ukugabishwa kw’impfu n’akaga, nk’uko ikinyamakuru co kuri internet My Joy Online kivyandika.
Mw’itangazo, igiporisi casavye amadini atandukanye”gafashanya” na co no “gukoresha uburyo bwemewe n’amategeko um gushurira ivyo beretswe”.
Ariko umunyamategeko Sammy Sarko yavuze ko iyo ngingo y’igiporisi “iteye kubiri n’amategeko.”
Yanditse ati: “Ntikeneye no kubanza kwihwezwa na sentare ya mbere nkuru muri Ghana. Nta tegeko muri Ghana riha igiporisi ububasha bwo kugenzura ingene ivyahishuwe bimenyeshwa mu gihugu”.
Yongeyeko ati : “Ubwisanzure bw’idini burenze ubwisanzure bwo gusenga muri sinagoga, isengero canke umusigiti. Bisigura ko abantu badategerezwa guca kubiri n’ivyo bemera kugira bisunge umuco canke reta kiretse buteye kubiri n’itegeko iri canke irindi.”
Igiporisi cavuze co cashinze itariki ya 27 Kigarama (12) nk’umunsi wo gutangura kwubahiriza ingingo zijanye no kumenyesha ivyahishuwe.
Iryo tangazo ryavuze riti: “Uyu munsi ni uwo kutwibutsa twese, gukora ibikorwa bijanye n’ukwemera hatarenzwe akarimbi k’amategeko kugira hubahirizwe ituze ridahungabanywa n’umwitwarariko uvuye ku mburi y’ibibi canke urupfu bigiye gushika”.













