Nigeria: Umupasitori atangisha 700$ kugira yereke abantu 'irembo ribashikana mw’ijuru’

Ahavuye isanamu, BBC News Yoruba
Umuvugabutumwa muri Nigeria ari mu yabira inyuma yo kubwira abantu ko azi irembo ribashikana mw'ijuru riri mu bumanuko bushira uburengero bw'ico gihugu, ariko ko kugira aribereke bategerezwa gutanga amafaranga.
Pasitori Ade Abraham yarezwe mu gipolisi n'umwe mu banywanyi biwe avuga ko uyo mu pasitori yamutangishije 310.000 y'amanaira (amafaranga yo muri Nigeria), angana n'amadorari y'abanyamerika 750, kugira ngo bashobore kubona iryo rembo avuga ko riri mu gisagara ca Araromi-Ugbeshi, mu ntara ya Ekiti.
Uyu muvugabutumwa yemereye BBC ko koko yabwiye abantu ivy'iryo rembo, akavuga ko ari "Imana akorera" yarimweretse mu ntumbero yo kuraba aho abanyashengero biwe bageza mu kwemera kwabo, ariko akavuga ko ata muntu n'umwe aramuha amafaranga.
Ishirahamwe ry'Abakristu muri Nigeria ryasohoye itangazo ryikurako uyo mupasitori Ade Abraham, igipolisi co mu ntara ya Ekiti naco kikaba cegeranije inzandiko z'abanywanyi b'ishengero ryiwe, kikaba catanguye amatohoza.
Ishengero rya Pasitori Ade Abraham ryahora rifise icicaro mu ntara ya Kogi, mu nyuma ryimukira mu ntara ya Kaduna, imbere y'uko ryimukira amaja mu bumanuko n'abanywanyi baryo, mw'ikambi yubatse mu ntara ya Ekiti.

Ahavuye isanamu, BBC News Yoruba
Uyu munyashengero yamureze ku gipolisi yaciye yisubirira muhira iwe i Kaduna kuva ico gihe, ariko umugore wiwe yaranse kumukurikira, akavuga ko "igihe c'umunezero" cari kigiye gushika vuba.
Ariko uyu mugabo n'umugore badashaka ko amazina yabo amenyekana babwiye BBC ko babandanya bavugana kuri terefone umusi ku musi.
Pasitori Ade, azwi kandi kw'izina rya Noah Abraham (Nowa Aburahamu), aherutse kwerekanwa mw'ireresi yazungurutse cane, aho yariko asaba abasenga Imana gutera akamo incuti zabo ziri mu mahanga gutanga intererano y'amafaranga mu rusengero rwiwe.










