Ingene nashize ahagaragara ikinyoma cya MI5 ku bugizi bwa nabi bw'intasi yayo

    • Umwanditsi, Daniel De Simone
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC ku nkuru z'amatohoza

Intasi (maneko) zirabesha, ariko ntizigenewe gufatwa.

Ku mugoroba wo ku wa gatanu mu kwezi kwa Kigarama (12), abunganizi mu mategeko batatu ba MI5 bicaye mu cumba ku cicaro gikuru cya BBC i Londres. Ku rundi ruhande rw'imeza hari abunganizi ba BBC mu mategeko na jewe. Nta bayobozi ba MI5 bari bahari, inyuma y'aho twankiye icifuzo c'uko inama ibera mw'ibanga.

Tumaze kurabana tukawenyura vyo kwikurayo, twatanguye igikorwa catuzanye. - tubereka ko urwego rushinzwe umutekano rwahaye sentare ivyemezo vy'ibinyoma.

Inama yabaye inyuma y'aho mbwiriye MI5 muri Munyonyo (11) ko dutegekanya gusohora inkuru y'uko yabeshe hanyuma ndayiha akaryo ko kugira ico ibivuzeko. Mu gusubiza, urwego rushinzwe umutekano rwashimangiye - n'ukwiyemera cane - ko muri vyose na hose ivyo rwakoze bitagira akanenge.

Ico rutari rwamenye ni uko gushika kuri iyo nama yo muri Kigarama, nari mfise ivyemezo bifadika vyerekana ko ivyo rwavuga vyari ibinyoma.

Kwerekana ivyo vyemezo vy'ibinyoma vyari nkenerwa cane kuko bica bitera amakenga akomeye ku cizere cogirirwa ivyemezo MI5 itanga mu masentare, aho ibishikirizwa n'urwo rwego rw'umutekano vyubahwa cane.

Bitera kandi kwibaza niba MI5 yobandanya poritike yayo y'ishingiro yo gukora ibintu mw'ibanga - tumaze kwerekana ko itoranya mu kuyikoresha [iyikoresha hamwe ahandi ntiyikoreshe].

Ikinyoma ca mbere cy'urwo rwego caje igihe reta yitwarira BBC muri sentare nkuru mu 2022 kugira ngo ihagarike inkuru ivuga ku ntagondwa y'iburyo [extreme droite, far right) yakorera MI5 nk'intasi - ijambo risigura umuntu ahembwa kandi yemerewe gutanga amakuru y'igendereza.

Uwahoze ari umujenama mukuru wa reta mu mategeko akaba n'umushingwamanza wayo, Suella Braverman, yarananiwe kutubuza gusohora iyo nkuru ariko ashobora kuronka ingingo itubuza kuvuga uwo mugabo uwo ari we, kuko yari yasiguye ko uwo muntu vyoheza bikamubangamira. Kubera iyo mpamvu, uwo mugabo ubu azwi icese nka X gusa.

Twarasiguye ko uwo mugabo yomenyekana kugira ngo abagore bashobore kuburirwa ko ari umugabo akora amabi. X yari yarakoresheje akazi kiwe ka MI5 kugirango agenzure ku gahato umugora bahoze babana , azwi icese nka Beth. Yarahohotera abagore ku mubiri no ku bijanye n'imibonano mpuzabitsina, kandi yarafashwe amashusho amugangisha ko amwica hanyuma amutera yitwaje umupanga.

Mu gihe c'imanza, MI5 yavuze ko idashobora kwemeza icese [ku mugaragaro] canke guhakana (neither confirm nor deny, NCND) niba X yari intasi, ishingiye ku murongo imaze imyaka igenderako.

Ku mugaragaro, MI5 ishimangira akamaro nkoramutima ka poritike ya NCND, ivuga ko ikurikiza ku bijanye n'intasi zayo. Bishitse ntikurikizwe vyoca bibangamira ibanga rikingira abo bagabo n'abagore bikanabangamira umutekano w'igihugu.

Ariko rero, muri izo manza, umukozi mukuru muri MI5 - icegera c'umuyobozi w'urwo rwego akaba n'umuyobozi mukuru w'igisata co kurwanya iterabwoba, azwi muri sentare nk'icabona A, hari ama terefone amwe yavuze ko ndimwo.

Mu itangazo ry'icabona nk'umukozi w'urwo rwego, icabona A yavuze ko uwuserukira MI5 yavuganye nanje kw'itariki y'imbere y'aho. Ivyo vyabaye urwego rujejwe umutekano rumaze kumenya ko BBC yashaka gushira X mu nkuru y'itohoza.

Icabona A yavuze ko, mu gihe co kuvugana, navuze ko nari naketse ko X ari umukozi wa reta, ariko ko MI5 "itari yemeje canke ngo ihakane" niba vyari vyo.

Ntiyavuze uwatanguje uko kuvugana - yari MI5. Ntiyavuze kandi ingene urwego rujejwe umutekano rwari rwamenye iyo nkuru BBC yategekanya gukora - X ni we yari yabibabwiye.

Mu rwandiko rwanje rw'icabona, navuze ko ivyashikirijwe bitari bihuye n'ivyo nari nzi mu nzira zitandukanye. Nta vyinshi nabandanije kwongerako - kuko ata kivuga ko amategeko atamfata- nari nagiriwe inama n'abunganizi mu mategeko ko bitashobora kugira ingaruka ku bibazo nyamukuru muri ayo matati, vyari bishingiye ku ngorane vyavugwa ko vyogira kuri X mu gihe BBC yari kuba yavuze uwo ari we.

Umugwi wa BBC kandi wari wabonye bimwe bimwe gusa muri urwo rubanza - bimwe bimwe mu vyemeza hamwe n'ivyavugiwe mu ntahe vyari mw'ibanga.

Mu gice kimwe c'urwo rubanza umugwi wa BBC nanje tutashoboye kubona, abashingwamanza bemejwe n'urwego rujejwe umutekano bagenywe ngo bakore kw'izina ryacu babwiwe n'abashingwamanza ba MI5 ko yari yagumye ihagaze kuri porike yayo yo kutemeza canke kudahakana mu materefonye bavuganye nanje.

Ariko nari nzi ko ivyo icabona A cavuze kuri jewe mu rwandiko rwiwe bitari ukuri. Nari nzi ko MI5 itubahirije poritike ya NCND. Mu vy'ukuri, ububeshi bwiwe bwarambabaje cane.

Ubu dushobora kandi gutangaza ko umuyobozi wa MI5 Sir Ken McCallum yahamagaye umuyobozi mukuru wa BBC Tim Davie, muri Kigarama mu 2021, kugira avuge ko afise amakenga ku nkuru BBC yategekanya gukora kuri X.

Ivyanditswe n'umuyobozi Sir Ken ku vyavugiwe muri ayo materefone, vyazanywe nka bimwe mu vyemeza vya reta mu rubanza rwo mu 2022 muri sentare nkuru, bimwerekana avuga ko iyo nkuru yari igiye gukorwa ''itari ifatiye ku kuri kandi yari sindabibazwa''.

Ariko inkuru yari ishingiye ku kuri. Umucamanza yasanze nari narakoze ibikenewe kugira nsuzume ko ibigize inkuru vyari ukuri kandi ko herekanywe ''bihagije'' ko yari ifise ishingiro ryizewe ry'uko hari ivyemezo.

Nubwo tutari twemerewe kuvuga X uwo ari we, sentare nkuru yemeje ko dushobora gutangaza ibivuye mu matohoza yacu. Yerekanye ko X yari yahohoteye Beth n'uwundi bagendana imbere y'uwo, kandi ko yari intagondwa ibangamye.

Hafi muri ico gihe nyene, Beth yatanze ikirego ku buryo MI5 yigenjeje ku rubanza rwiwe Investigatory Powers Tribunal (IPT), sentare yigenga ifise ububasha bwo gutohoza ku birego vy'uburenganzira bwa zina muntu biba vyagirizwa urwego rujejwe umutekano.

Aho muri iyo sentare niho MI5 yongeye kubesha.

IPT rimwe na rimwe irasasa hatagira ababuranyi, ababunganira mu mategeko canke abamenyeshamakuru canke abanyagihugu [baje gukurikirana imanza], kugira ngo yige ivyemezo iba ibona ko bihambaye ku mvo z'umutekano w'igihugu. Ku kibazo ca X, zari inkuru zose zemeza ko yari intasi ya MI5.

Abashingwamanza ba IPT ni bo bahagararira inyungu z'abitwaye muri izo ntahe zibera mw'ibanga. Ariko Kate Ellis wo mu Kigo cy'Ubutungane ku Bagore, yaserukira Beth, avuga ko ubwo buryo bwo gukora bwo nyene buteye ikibazo.

"Nta burenganzira ufise bwo kumenya ibiriko birakuvugwako. Hashobora kuba hari ibintu bavuga ushobora kwerekana ko atari vyo. Ushobora kuba uriko uritwa umubeshi kandi nta burenganzira ufise bwo kumenya ivyo vyose," niko avuga.

Ico Beth yashobora kumenya urubanza ruheze kwari ko yatsinze canke yatsinzwe, kandi ntiyari kuzokwigera atahura impamvu, nk'uko Ms Ellis abivuga.

Beth yasavye sentare ko MI5 iheba poritike yayo yo kutemeza canke guhakana . Ahandi ho, ku bw'abamwunganira, igice kinini c'urubanza cari kubera mw'ibanga. Bavuze ko X yaja yaramaze kubwira Beth akazi yakora kandi ko yagakoresheje mu kumushirako agahato.

Ariko abunganizi ba MI5 bavuze ko vyosaba urwego rw'umutekano kwemera ku ncuro ya mbere kwemerera uruhande rugira gatatu mu rubanza ko umuntu ari intasi.

Mu ci riheze, IPT yaciye urubanza rutsindisha Beth. Nubwo yemeye ko kubandanya poritike yayo ya NCND bigira ingaruka ku burenganzira bwiwe bwo kuronka ubutungane bubereye - kuko adashobora kubeshuza ivyemezo bitanzwe mw'ibanga, - yavuze ko iyo poritike "ihagaze kw'ikurikizwa ryayo co kimwe kuri bose na hose".

Yongeyeko ko MI5 "yakoze ibishoboka vyose muri uru rubanza n'urwa BBC kugira ngo poritike ya NCND yubahirizwe".

MI5 yasubiyemwo ivyemezo vyayo vy'ibinyoma muri sentare igira gatatu igihe Beth yasaba isuzumwa mu mategeko ry'urubanza rwaciwe na IPT.

Kuva ico gihe, naciye ngira ishaka ry'uko ukuri ku nyifato ya MI5 kwategerezwa kuja ahabona. Nari nahuye ubwa mbere na Beth igihe yari arwaye cane inyuma yo gukorerwa ihohoterwa na X no gushirwako agahato. Nari nzi ko gushika aho yari avuye kure nkaba nashaka gumukorera vyiza.

Natanguye gukorana n'umugwi muto w'abunganizi ba BBC mu mategeko kugira dutunganye umukenyuro w'ingene tuzobigenza.

Akamari ka MI5

Ukuri ni uko, mu biganiro vyinshi kuri terefone, umukozi mukuru wa MI5 yari yararenze kuri poritiki ya NCND mu kumenyesha ko X yari intasi yabo kandi anyemerera guhura na we. Uwo mukozi yavuze ko yari yahawe uruhusha rwo kumpa iyo nkuru.

Uko kuvugana kuri terefone yari amayeri ya MI5 yo kugerageza kunyumvisha kureka kuvuga X nk'intagondwa mu nkuru yacu twategekanya gukora. Vyabaye mpejeje kurungika ikete, rivuga mw'ido n'ido uruhara rwiwe mu bikorwa vy'intureka vy'ubutagondwa no kumuha amahirwe yo kugira ico abivuzeko.

Muri Muyonyonyo (11) mu mwaka uheze, maze gukorana amezi menshi n'umugwi w'abunganizi ba BBC mu mategeko, nandikiye MI5 mvuga ko twategekanya gusohora inkuru y'uko urwego rujejwe umutekano rwabeshe amasentare, kandi ko rwarenze kuri poritiki ya NCND mu biganiro rwagiranye nanje kuri terefone. Sinavuze ingene nari kwerekana ko ivyo mvuga ari vyo.

Muri ico gihe nyene, abunganira BBC bandikiye ikete umushingwamanza wa reta mushasha, Lord Hermer, bamubwira ko twategekanya gusaba sentare gushira ahabona igice c'ivyatanzwe n'icabona ca MI5 aho ivyemezo vy'ibinyoma vyatanzwe.

Ku itariki ya 25 Munyonyo, umushingwamanza wa reta yishuye kw'izina rya MI5, avuga ko MI5 "yemanga atakivuyemwo ivyashikirijwe sentare nkuru n'icabona A mu rwandiko rw'icabona''.

Yavuze ko aho urwego rujejwe umutekano ruhagaze haguma ari uko ''hatigeze haba iryo dohoka'' kuri poritike ya NCND.

Naratangajwe n'iyo nyishu. MI5 yariko irakina akamari ko ntazoshobora kwerekana ko ivyo nari nashikirije vyari vyo.

Kari akamari Urwego rw'umutekano rwari rugiye gutsindwa.

Twishuye tuvuga ko MI5 yari itumiwe mu nama aho bashobora gusuzuma ivyemezo twari kwishimikiza mu gusaba sentare. Twafashe iyo ntambwe idasanzwe yo guha MI5 akaryo ko kuraba ko ishobora kwemera guhindura ivyari mu ngingo yari yashizweho igihe harangira urubanza twari twashingishirijwe mu 2022.

Yaritavye iyo nama itariki ya 13 Kigarama, igihe abunganizi batatu bahagarariye MI5 baza ku biro vya BBC vya London Broadcasting House guhura nanje n'umugwi w'abanyamategeko ba BBC.

Barasomye kandi barumviriza ibikenewe, vyarimwo inyandiko y'intoke y'ivyo twavuganye muri terefone ya mbere ya MI5, email nari narungikiye umukozi wa MI5 inyuma y'ico kiganiro, n'amajwi y'ikiganiro ca terefone igira kabiri ku munsi wakurikiye.

Neretse uwo mugwi wa MI5 ivyemezo mu rukurikirane. Uko nabibonye ni uko babaye nk'abaryohehewe gato igihe nabereka urwandiko rw'umukono w'intoke, bacibwa intege n'iyo email, bongera baca baneshwa igihe bumva amajwi nafashe y'iminota 40 - kuko intambwe yose yagenda irerekana ko ivyemezo vyacu vyari bikomeye gusumba.

Gutanga inkuru atawuyisavye

Inyandiko yanje y'umukono w'intoke yerekana ico guterefonwa na MI5 vyari bigamije - kumbwira ko X yari intasi.

Umukozi wa MI5 yampamagaye yavuze ko "yari yahawe uruhusha'' rwo kumbwira ikintu yavuze ko ubundi cari kuba "kitemewe n'amategeko".

Iyo nkuru nayihawe ku bushake na MI5, ntikwari ukunyishura ku busabe bwanje bwo kumenya ko ari yo canke atari yo – cari ikintu ntari nasavye X canke MI5.

Sinari narigeze mvugana n'umukozi wa MI5 imbere y'aho. Mu vy'ukuri uko nahavuye ndabitora, yashaka gukingira X aca atanga ukwerekana kutariko ku bijanye n'ivyago uwo mugabo yashobora gutera abagore.

Uwo mukozi, yakoranye cane n'umuyobozi mukuru wa MI5, Sir Ken McCallum, yavuze ko X yari umuntu yatanga amakuru ku ntagondwa ku rwego rushinzwe umutekano, ko we atari intagondwa.

Ico basavye kuri terefone kwari uko tutobadanya iyo nkuru twashaka gukora kuko MI5 yari yavuze ko atari ukuri.

Uko nabibonye ni uko MI5 yahamagaye yishizemwo ko nari kwemera ivyo bansavye ata kindi kirenze aho. Ahubwo, mu gihe twavugana sinemeye uko MI5 yavuga ko X ameze, jewe nafata -kandi n'ubu ngifata - nk'intagondwa iri ngaho.

Naranabwiye MI5 intureka, ihohotera n'agahato X yari yaragiyemwo mu buzima bwiwe bwite. Sinavuze uburyo nari namenye ivyo bibazo, canke ngo mvuge n'umwe mu bo vyari vyashikiye. Ivyo bibazo ntavyo nari nashize mw'ikete narungikiye X kandi nibaza ko umukozi wa MI5 yatangaye igihe nabivuga.

Nagaragaje uburyo nari ntewe umutima uhagaze n'ivyo bibazo. Nababazwa n'ingene MI5 yashaka gukingira umuntu nafata ko ari ingeramizi ku bagore, abana n'abantu bose muri rusangi.

Twarangije ico kiganoro co kuri terefone jewe mvuga ko nari nkeneye kwiyumvira ku vyo yari ahejeje gusaba, harimwo no kubivugana n'abo dukorana ku bijanye n'umurongo w'amakuru dukorerako.

Umukozi wa MI5 yambwiye ko yari agiye guhinyuza ashingiye ku makenga nari nashikirije kuri X. Yasavye ko ndamurungikira email y'icegeranyo c'amakuru yerekeye ingene uwo mugabo yigenza nk'uko nari nabivuze mu kiganiro kuri terefone.

Email narungitse ntatevye yavuga iti: "Nk'uko twabivuganye, uyu mugabo yaravuzwe kandi aravugwako intureka n'ubusuma birimwo umugore w'umwongerezakazi. Iyo ntureka ivugwa yashitse aho haba kugerageza kwica.

"Avugwako gukora ihohotera mu rugo no gutera intureka ishingiye ku gitsina, ko mbere yerekanye inyifato yo gushurashuza abana, kandi ko mu buzima bwiwe yateye ikibazo gikomeye c'ubuzima bwo mu mutwe ku bantu."

"Kugerageza kwica" vyashaka kuvuga igihe yafata umupanga. Ico gihe, nari nabwiwe na Beth ivyekeye aho yafata umupanga ariko nta video yavyo nari nabonye. Mu nyuma nararonse iyo vodeo nca ndakora intambwe z'amatohoza kugira ngo nemeze ivyo nari narabwiwe, ikintu MI5 yashobora gukora iyo yari kuba yabishatse.

'Birenze umurongo'

Umunsi ukurikira uwo mukozi wa MI5 yarongeye guhamagara kuri terefone.

Narafashe amajwi kugira nje kwandika ivyavuzwe, nkurikije intumbero ya BBC, kuko nashaka ko ngira inyandiko y'ivyavuzwe vose. Kandi sinari nizeye MI5.

Mu kiganiro cafashwe amajwi, uwo mukozi mukuru wa MI5 yavuze ko urwo rwego ''rwasuzumye neza'' rusanga ko X atari aherutse kukora ihohotera. Ubushakashatsi bwanje bwakomeje kwerekana ko iryo suzuma ryari ikinyoma mu gihe igitero c'umupanga cari cabaye mu mwaka w'imbere y'aho.

Uwo mukozi yavutze ati: "Turafise amakenga akomeye ku bivugwa ubu vuba cane vy'ibikorwa vy'intureka, cane cane kuri uwo muntu.''

Yashimangiye ko isuzuma rya MI5 ari uko "twemera ko muri rusangi ata bikorwa vy'intureka yagiyemwo ubu vuba'', n'ubwo yabisiguye neza mu kuvuga ko ''batari gushobora kuvuga ata gukekeranya ko ivyo ari uko vyari bimeze koko."

Mu kiganiro, yameye kandi ko X atari mu buzima bwiza kandi ko yari yarigeze guca mu "bintu vyinshi bijanye n'ibiyayuramutwe n'imigwi y'inkozi z'ikibi'' muri kahise, ko "yaciye mu bintu bitari bike'' kandi ko yaciye muri ''kahise kadatomoye'', bishatse gusigura ko yai yarakoze amabi.

Nubwo ibintu vyari bimeze uko, MI5 yavuze ko imigenderanire ya X na Beth ''yarimwo akagorane gato'', bishatse kuvuga ko yari afise ''ibibazo vy'amagara yo mu mutwe.''

Igihe nandikira X, naravuze ubutumwa bubi kandi buteye umutima uhagaze yari yashize ku mbuga hwaniro, ku kwifatira abagore bikomeye mu bijanye n'imibonano mpuzabitsina - akoresheje amajambo mabi cane atawosubiramwo. Umukozi mukuru wa MI5 yavuze ko igihe X yasohora ubwo butumwa, yari yaratswe vy'igihe uruhusha - bisigura ko muri ico gihe atakorera MI5.

Narasiguye ko, hashingiwe ku vyo nari nzi kuri X, ivyo yanditse vyari bihuye n'uko ateye, ko vyagaragaje ko ari umuntu afise kamere yo gukorera amabi abagore, ko ivyo ari vyo vyatuma ngira amakenga kuri we.

Uwo mukozi mukuru yaremeye ko ivyo yanditse ''vyarenga umurongo'', ariko agasa n'uwudashaka kwumva ivyumvikana ko, niba vyasohotse igihe X yari yatswe uruhusha akanya gato, ivyo ata kindi vyagira atari ukurushiriza kwerekana uko X ateye vy'ukuri. Yari umuntu aterekwa abagore kandi abangamye - nticari ikintu akoreye MI5.

Umuyobozi wa MI5 asa n'uwatangariye cane ingene twari twashoboye kumenya umwidondoro wa X. Nabonye bitangaje, kuko nariko ndavugana na MI5, kandi ngasigura ko vyari ibintu vy'ibanze mu bijanye n'imenyeshamakuru. Ico gihe twavugana kuri terefone, narabwiye uwo mukozi mukuru wa MI5 ko X yari yaragiye ku rubuga rwo kureherezako akoresha izina ry'iritazirano akoresha mu kazi kiwe ka MI5.

Navuze ko nari narabwiwe ko X yari maneko, bitandukanye n'ico kiganiro ca MI5. Umukozi mukuru wa wa MI5 yabaye nk'uwuhagaritswe umutima n'iyo nkuru.

Ariko, yanansavye guhura na X ngo menye ivyerekeye imirimo yiwe nk'intasi. Ivyo yabinsavye kabiri ico gihe twavugana. Hompi naravyirengagije.

Uko nabibonye jewe ni uko kwari ugushaka kumpa ikintu conshitura - guhura n'intasi ya MI5 - bigatuma nibagirwa icari kindaje ishinga. Nabibonye nk'ikintu kitabereye namba, bivanye n'ingene X aterekwa abagore, umuntu aryoherwa mu kubabaza uwundi, afise kamere yo gushurashuza abana, gutera intureka no guhohotera.

'Ifatiro ritari ryo'

Haheze iminsi itanu inyuma y'inama yo muri Kigarama aho twavugirije abunganizi ba MI5 amajwi y'ico kiganiro co kuri terefone, reta yandikiye BBC ivuga ko MI5 ubu yabona ko ivyemezo vyayo ''bishibora kuba atari vyo, kandi ko aho urwo rwego ruhagaze hategerezwa gukosorwa vuba hashoboka''.

BBC yafashe icemezo ko uburyo bwiza bw'uko reta na sentare baronka ivyemezo bikenewe kwari ugusaba gusohora ibinyoma vyari vyabwiwe sentare. Muri uko gusaba gushasha harimwo urwandiko rw'icabona rwanje.

Twabirungitse buca ari ku munsi wa Noheli.

Mu kwishura, MI5 yaciye yisubirako muri vyose kuri ico kibazo.

Mu rwandiko rushasha rw'icabona rwarungitswe muri sentare, icegera c'umuyobozi wa MI5 icabona A yavuze ko ''vy'ukuri'' asavye imbabazi kuba yatanze ivyemezo bitari vyo.

Yavuze ko iyo nkuru y'ikinyoma "yari ihuye n'uko yavyibaza ata buryarya ico gihe, kandi yari ihuye neza n'amakuru nari nahawe''.

Yavuze kandi ko ''ubu biboneka ko MI5, koko, yarenze kuri NCND mu biganiro."

Gushika aho, ntarasigura ingene vyashitse agatanga ivyemezo vy'ibinyoma, n'ubwo reta yavuze haraheze amezi abiri ko yariko irakora ''vyihuta'' kugira itange insiguro.

Icabona A ntiyavuze uwamuhaye inkuru yagendeyeko.

Nta nsiguro kandi yatanzwe k'uwari ashinzwe gutanga uruhusha rw'uko mpishurirwa ico X yakora.

Ivyemezo vyacu vyerekana ko abakozi bakuru batandukanye ba MI5 bari bazi ko hari abo tuvugana, harimwo ababa bajejwe kwiga ama dosiye n'abakozi bakuru bajejwe kurwanya iterabwoba.

Vyongeye kandi, poritike ya reta yerekeye kurenga kuri NCND ivuga ko ibigo bikwiye kumenyesha abo bakorana muri Whitehall, harimwo n'ubushikiranganji bw'ibikorwa vy'umushikiranganji wa mbere ''mu gihe nyaco''.

Ivyo bisigura ko ubushikiranganji bw'ibikorwa vy'umushikiranganji wa mbere n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu - nk'igisata ca reta y'Ubwongereza kijejwe MI5 - bategerezwa kuba bamenye imbere y'igihe ko hagira harengwe kuri poritike ya NCND ku vyerekeye X.

Mw'itangazo ryatanzwe ku wa gatatu, reta yavuze ko abashikiranganji n'abakozi ba reta ''batama bagishijwe inama n'ibigo biba bishaka kugira ico bihishuye. kandi ko ku vyerekeye X batagishijwe inama.

Urwego rujejwe umutekano ruriko rurakora amatohoza y'imbere [muri rwo], nayo reta yatanguye isuzuma ryo hanze risaba ko haba impinduka kugirango muri kazoza amasentare azohore aronka amakuru y'ukuri.

Ariko hari amakenga yumvikana ku kugene ayo matohoza abiri azokorwa mu muco. Kandi, niba isuzuma ubu rikenewe gusaba ingene vyogenda ngo MI5 itange ivyemezo nyavyo mu masentare, bamwe bazokwibaza uko vyahora bigenda gushika ubu.

'Urukuta rw'amabuye'

Iki kibazo kirateye impungenge cane kuko sentare zisabwa kwemerera MI5 ububasha bwo kugumiza ibintu mw'ibanga ku bibazo vy'umutekano w'igihugu.

Amasentare n'amatohoza bikora kuri bene ivyo bibazo kenshi birasasa mw'ibanga, bigakora ku bibazo bihambaye vy'uburenganzira, ubuzima n'urupfu – ibitero vyahitanye abantu MI5 itashoboye guhagarika, abantu batakaje ubwenegihugu bwabo bw'Ubwongereza, abantu bahawe amategeko yo kubaho hisunzwe ububasha bukomeye bwo kurwanya iterabwoba.

MI5 yarasavye ''imbabazi yivuye inyuma" BBC n'amasentare yari yahawe ivyemezo bitari vyo. "MI5 ishize ku gatwe kayo ivyakozwe vyose,'' nk'uko inyandiko zayo z'amategeko zibivuga.

Yavuze ko itahura akamaro ko kuraba ko ibikenewe vyakozwe kugira ivyemezo vyose itanga bibe ari ukuri, bihuye n'ivyabaye kandi vyuzuye.

Hanyuma yongerako iti: "Irazi cane inshingano zidasanzwe MI5 ifise muri iyo nzira, kandi ko sentare itegerezwa kuronka ifatiro ryo kwizera uko vyakabaye ivyemezo vyose tuyiya."

Ibi bihishuwe mu gihe poritike ya NCND ishinzwe ijisho cane, inyuma y'amatohoza ku ntasi ya reta y'Ubwongereza izwi nka "Stakeknife", umwicanyi yanakora ibikorwa vy'ukuboreza igufa yatanga amakuru y'igendereza kuri IRA mu gihe c'uruhagarara muri Irlande ya Ruguru.

Abajejwe umutekano na reta baranse kwemeza canke guhakana ko Stakeknife yari Freddie Scappaticci, yapfuye mu mwaka uheze, nubwo ivyo bizwi neza.

Jon Boutcher, yahoze ari we arongoye ayo matohoza akanandika icegeranyo, yavuze ko NCND ''isa n'aho yabaye nk'ikintu gifatwa nk'ikimenyetso'' muri reta no mu nzego zijejwe umutekano no kuba yabaye ingingo ngenderwako ntakomwakomwa canke amajambo y'igarukagaruka afise akaranga k'uruhome rw'amabuye''.

Yavuze ko poritike "y'uko ko inzego z'umutekano zikora zikurikije amategeko'', muri runsangi kubifata uko ari vyo'' ariko ko ''ishobora gukenera gusuzumwa no guhinyuzwa n'uruhande rwo hanze''.

Icegeranyo ciwe casavye ko reta isubiramwo, ikandika kandi igashiraho amategeko y'ahagarukira poritike ya NCND ku bijanye n'intasi ku vyerekeye imanza zo muri kahise muri Irlande ya Ruguru.

Leta kugeza ubu ntaco irishura kuri iyo nama yagiriwe.

Dosiye ya Beth yari yamaze kugira ingaruka nini kuri MI5 ku buryo isuzuma kandi ikoresha intasi, cane cane abakozi bashobora gutera ivyago ku bagore n'abakobwa.

Ubu noneho yarushirije kugira ingaruka - ku buryo ivyemezo vya MI5 bishobora kwemerwa uko bije kandi bikizerwa, no kwibaza niba poritike ya NCND ikwiye guhinduka.

Ivyemezo bishasha vyerekana ko MI5 itigeze ikurikiza poritike ya NCND muri dosiye ya X kandi, mu vy'ukuri, yarayihevye yose mu gihe yahakana inyifato ya X y'ihohotera n'ubutagondwa.

Vyerekana ko MI5 yari izi neza ingene uwo muntu ateye, kandi bigaragaza uburyo bwayo bwo kudaha agaciro impungenge zerekeye ihohoterwa n'intureka yatera.

Kandi ibi biri hafi gurangiza isuzumwa mu mategeko y'urubanza rwa Beth, rirondera kumenya niba MI5 yari kuba yarahawe uburenganzira bwo kuguma ikoresha poritike ya NCND.

Beth azosubira mu sentare, arondera ukuri mu mabanga y'akazi n'ibinyoma.