Amasezerano masha ya Liverpool na Salah 'aracari kure nk'ukwezi'

Umukinyi wo ku ruhande wa Liverpool Mohamed Salah avuga ko 'akiri kure cane' yo kuronka amasezerano masha muri uwu mugwi wo muri Premier League.

Salah, w'imyaka 32, azoba arangije ikiringo c'amasezerano yiwe aho ikiringo c'amahiganwa y'umwaka kizorangirira, agashobora kuja mu biganiro gushasha n'iyindi migwi itari iyo mu Bwongereza kuva kw'itariki ya mbere y'ukwezi kwa mbere nyene, kugira amenye nimba ashobora kuzokwimuka inyuma yo kurangiza amasezerano yiwe.

Uyu munya-Misiri yinjije igitsindo ciwe kigira 20 muri iri higanwa ry'uyu mwaka, igihe Liverpool yirahira West Ham 5-0 kuri uyu w'Imana ku kibuga ca London Stadium, icatumye Liverpool yongera intambwe irusha iyindi migwi ku rutonde isanzwe iyoboye, aho irusha iyiza ubwa kabiri (Nottingham Forest) amanota 8.

Abajijwe ibijanye na kazoza kiwe igihe yari ahejeje gutsinda, Salah yabwiye Sky Sports ati: "Eka, turacari kure cane yo gusinya ayandi masezerano, kandi nta kintu na kimwe nifuza gutangariza abanyamakuru.

"Icifuzo kiri mu mutwe wanje ubu n'uko nshaka ko Liverpool itwara igikombe ca league kandi ndifuza kubigiramwo uruhara.

"Nzokora uko nshoboye kwose kugirango uyu mugwi utware igikombe. Hari iyindi migwi mikeya iriko igerageza kuduhanvya, kandi dukeneye kuguma mu ntumbero, ntidusamare, dukomeze guca bugufi, twongere tubandanye''.

Salah, kapiteni w'umugwi Virgil van Dijk na myugariro w'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Trent Alexander-Arnold bose bagiye kurangiza amasezerano yabo aho ikiringo c'inkino z'igikombe ca Premier League zirangirira.

Umukuru wa Liverpool Arne Slot avuga ko abo bakinyi uko ari batatu, bashobora kugirana amasezerano y'intangamarara (pre-contract) n'imigwi yo hanze kuva ku munsi wa kane itariki ya mbere y'ukwezi kwa mbere 2025.

Agira ati: "Nibaza ko mfise ububasha ku vyo bashobora gukora, mu gihe bari mu myimenyerezo, mu gihe bari mu nama nanje… ariko ivyo bavuga ku bijanye n'ubuzima bwabo bwite, ivyo nta bubasha ndabifiseko."

"Hari aho ngeza mu kugira ububasha kuri bo, ku bijanye n'ico ndabitezeko ku rubuga, kandi ndanezerewe n'umusaruro Virgil azana, uwo Trent azana, n'uwo Mo (Salah) azana."

Mu ntango z'ikiringo c'inkino, Salah yavuze ko atari anezerejwe namba no kubona umugwi wiwe utaramwongera amasezerano mashasha.

Inyuma y'aho Liverpool itsindiye Manchester City mu ntango z'uku kwezi, Salah yavuze ko yahanganye n'abakinyi b'uruhande rwa Pep Guardiola nk'aho bwari ubwa nyuma ahura nabo.

Uwahoze ari umukinyi wo hagati wa Liverpool Danny Murphy yavuze ko afise icizere ko Salah azoguma Anfield.

"Ndizera ko ari ugushaka kwumvirana canke kwigirisha ku bijanye no kwumvikana ku masezerano mashasha (na Liverpool)," niko Murphy yabwiye ikiganiro Match of the Day.

Agira ati: "Umufana wa Liverpool uwo ariwe wese yifuza ko yoguma muri uwo mugwi, kandi mfise icizere ko azohaguma kandi bazobikora."

"Baracafata umwanya wabo-ibi biraba igihe bariko bavuga ivyerekeye igitigiri kinini c'amafranga. Niwe mukinyi wa mbere mwiza Liverpool ifise kino gihe. Babwirizwa kuyasinya."

Intango ya Salah n'uko yagaragaye...

  • Salah yarinjirije arongera afasha kwinjiriza ibitego Liverpool mu nkino zirenga 8 muri iki kiringo, akaba amaze kurenza ivyo umukinyi uwo ariwe wese yoba yarakoze mu kiringo cose c'inkino za Premier League
  • Salah yagize uruhara mu bitego 30 mu nkino 18 za Premier League (ibitego 17, n'ibindi 13 yafashijemwo) uburyo buke bubaho yavyaje umusaruro w'ibitego 30 mu mwaka w'inkino umwe gusa wa Premier League.
  • Ushizeko ikindi gitego co kuri uyu w'Imana, hamwe n'ikindi yafashijemwo, Mohamed Salah amaze kugira akamaro mu bitego 52 mu mahiganwa y'uyu mwaka wa 2024 (29 yinjije ubwiwe, na 23 yafashije kwinjiza) arusha umukinyi uwo ariwe wese kwinjiza ibitsindo vyinshi mu mahiganwa y'inkino za Leagues zo ku mugabane wa Bulaya.
  • Salah amaze kwinjiza ibitego birenga 20 mu mahiganwa yose mu myaka y'inkino yose uko ari umunani yakiniye Liverpool.
  • Muri Premier League, ni Alan Shearer wenyene na Harry Kane nibo bamaze kurusha uwo mukinyi wo mu Misiri mu kwinjiza ibitego birenga 20.