"Amatora ntashoboka ata gitoro" - Urunani Burundi Bwa Bose

Abantu batondeye bisi ku gituro co hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura, impande y'ahahoze isoko nkuru, Mukakaro 2024
Insiguro y'isanamu, Gutondera bisi igihe kirekire canke kugenda n'amaguru uja canke uva ku kazi bisigaye ari ibintu bimenyerewe cane mu gisagara ca Bujumbura

Urunani rw'imigambwe Burundi Bwa Bose ruriko ruritegurira kwitaba amatora yimirije mu Burundi mu mezi adashika abiri ruvuga ko ayo matora ''adashoboka mu gihe abitoza badashobora gushikira abanyagihugu".

Vyavugiwe mu kiganiro n'abamenyeshamakuru na Kefa Nibizi, umunyamabanga mukuru w'urani Burundi Bwa Bose.

BBC ibajije urwego rujejwe amatora, CENI, ico ruvuga kuri izo mpungenge, ubuvugizi bwarwo bwasubije mu buryo bwanditse buti:

''Amatora ni urubanza ruhambaye mu buzima bw'igihugu. Mu gutunganya amatora, umugwi CENI uguma ukorana na ntaryo n'abegwa n'amatora bose ( Inzego z'igihugu, imigambwe, amashirahamwe aharanira ineza ya bose...). Mu mugwi CENI rero ntidukekeranya ko ikibazo c'igitoro kiri mu myitwarariko y'inzego z'igihugu zisanzwe zibijejewe.''

Ayo matora y'abashingamateka, abakenguzamateka, abajenama b'amakomine n'imitumba ategekanijwe mu ntango z'ukwezi kwa Ruheshi (6), imyiyamamazo nayo itangure hagati mu kwezi kwa Rusama (5).

Ikibazo c'ibitoro mu Burundi kimaze imyaka irenga ibiri carabaye akananirabahinga.

'Jewe ubwanje barandiye igituririre ca miriyoni 4' - Perezida Ndayishimiye

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye harashitse igihe avuga ko ico kibazo acifatiye mu ntoke ubwiwe.

Ariko ku wa gatanu w'indwi iheze, ari mw'ikoraniro n'abagwizatunga, yavuze ko kompanyi y'igihugu SOPEBU reta yiwe yashizeho ngo itunganye itangwa ry'igitoro mu gihugu ubu ''ari yo nyene'' yashinze isoko rya magendo ry'ico gitoro.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

''Uno munsi ntihariho marché noir [isoko ya magendo] y'igitoro?'' niko Perezida Ndayishimiye yabajije abari bitavye iyo nama imbere yo kubandanya ababwira wenyene ati:

''Kurya ivyo vy'ama devise [amafaranga y'agaciro] n'amarundi vyabaye créé [vyazanywe] na BRB [Banki nkuru y'igihugu] niko SOPEBU yazanye marché noir y'igitoro.''

Mu gutohoza ko abo muri SOPEBU barya igiturire, Ndayishimiye yavuze ko yatumye umuntu, ariko atagenda avuga ko atumwe n'umukuru w'igihugu, aja gusaba ama litiro y'igitoro 10.000.

Umukuru w'igihugu yavuze ko uwo yatumye yaciye asabwa gutanga miriyoni 8, zine z'igiturire na zine zo kugura ico gitoro.

Izo miriyoni Ndayishimiye avuga ko ari we yari yazitanze ubwiwe kugira aronke icemeza ko igiturire kiribwa.

''Jewe SOPEBU [Société Petrolière du Burundi] yarandiye igiturire c'imiriyoni zine, jewe uyu-u'', niko Ndayishimiye yabwiye abari ngaho, begurwa n'agatwengo.

Prezida Ndayishimiye yavuze ko SOPEBU aho guha igitoro ibituro (ama station) bisanzwe bitanga igitoro, igihereza abantu ku giti cabo bakamenya iyo baja kukibika.

Yavuze ko ariko bigenda no ku mafaranga y'agaciro (ama dorari) akoreshwa mu kugurira ibidandazwa biva hanze harimwo n'ico gitoro nyene. Prezida Ndayishimiye yavuze ko banki nkuru BRB uko iha ayo mafaranga abantu runaka kandi itategerezwa gukorana n'abantu mu buryo butaziguye kuko ku bisanzwe ikorana n'amabanki y'ubudandaji.

Ku bwiwe, ayo mafaranga arahari mu gihugu, gusa ngo hari abayanyegeza.

Mu kwezi kwa kabiri, umukuru w'igihugu yarasubirije uwahora ari umukuru wa SOPEBU.

Umwihwezo wa BBC

Imyaka iraheze umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aguma avuga ko ingorane z'amafaranga y'agaciro n'ibitoro atari ubukene bwavyo ahubwo ari abagwanya ubutunzi bw'igihugu babinyegeza.

Kuba igiturire gifise uruhara mu biriko biraba nta nkeka. Ariko n'imbere y'uko Ndayishimiye ashika ku butegetsi mu 2020, Uburundi bwakunze kuza imbere mu bihugu birangwamwo igiturire kw'isi. Ariko ibintu ntivyari bimeze nk'uko biri ubu.

Amafaranga y'agaciro amwe ava mu vyo igihugu gishora hanze, kandi muri iyi myaka iheze vyaragabanutse cane.

Ayandi ava mu yo amakungu afashisha igihugu. Imbere ya 2015, hafi 50% y'amafaranga reta y'Uburundi yakoresha ku mwaka ku mwaka yatangwa n'ishirahamwe rya Buraya.

Inyuma y'intureka zifatiye ku matora y'uwo mwaka, iryo shirahamwe ryaciye rifatira ibihano Uburundi vyo kubuhagarikira iyo mfashanyo. Gushika uyu munsi iyo mfashanyo ntiragaruka.

Ivyo vyose bica bikwegana mu kugira ingaruka ku butunzi bw'igihugu cari gisanzwe gifise intege nke.

Hamwe Prezida Ndayishimiye aremera ko igiturire no kunyuruza itunga ry'igihugu ari vyo bigifukamye mu nda. Vyatumye haba amasoko ya magendo ahereye muri SOPEBU na Banki nkuru y'igihugu. Inzego zompi zitwarirwa mu biro vyiwe bwite.

Ahandi avuga ko ingorane ziterwa n'abiyemeje gusambura no gutobera ubutunzi bw'igihugu kuva bananiwe no gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

Vyaba ivya mbere arabizi, vyaba n'ivya kabiri - niba vyose ari vyo - navyo nyene arabizi. Kandi ntasiba kubivuga mu myaka hafi itanu agira amare ku butegetsi. Ikitaraboneka ni umuti. Kandi Prezida Ndayishimiye na reta arongoye ni bo ba mbere babazwa uwo muti.

Vyoca bigenda gute hatabaye amatora?

Kefa Nibizi yasavye reta ''gutegekanya izindi nzira zo gushiraho inzego zatowe hamwe ibintu vyoguma uko biri uno munsi''.

Nibizi avuga ko bimwe mu bintu nyamukuru vyateye ubukene mu gihugu c'Uburundi ari ''igiturire n'ukunyuruza amatungo ya reta''.

Mw'itangazo rya Burundi Bwa Bose, Kefa Nibizi avuga ko ingendo z' ''ibiturire, kunyuruza itunga rya reta no kunanirwa gukorana n'abasanzwe bafasha igihugu …zaramaze kumugaza abari mu butegetsi uyu munsi''.

Perezida Evariste Ndayishimiye yicaye mu nyegamo ku mutwe w'aho begamora hari hasa n'inzahabu n'ibendera ry'igihugu i bubryo bwiwe, agaranzuye amaboko imbere ya camera, muri Ntare House, Ntwarante 2025
Insiguro y'isanamu, Perezida Evariste Ndayishimiye mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka azoba akwije imyaka itamu atwara Uburundi

''Mwarimvye imva ikwiye yo guhambamwo Uburundi?'' Perezida Ndayishimiye

Ivyo Kefa Nibizi arabihurizako cane n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye.

Yatanze uburorero bwinshi bw'ingene itunga ry'igihugu harimwo n'ubutare ryibwa, ababikora bakagura abajejwe ubutungane ku buryo n'abafashwe akenshi badaheza ngo bahanwe.

Prezida Evariste Ndayishimiye, mu mvugo, yashika kure mu kwerekana ko igihugu catabagaye. Muri iyo nama n'abagwizatunga ku ndwi iheze, yabajije niba abarundi baramaze kwimba ''imva ikwiye yo guhambamwo Uburundi ko mbona muriko mubujana mu mva?''

Uranani Burundi Bwa Bose ruhamagarira ''abarundi bose gushiraho inama nshingamateka yigenga igizwe ahanini n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi izotuma habaho ibiganiro vy'ukuri, n'abasanzwe ku butegetsi n'abipfuza ko ibintu bihinduka kugira ubutunzi bw'igihugu busubire butotahare'' hongere ''hategurwe neza'' amatora y'umukuru w'igihugu yo mu 2027.

Ariko urwo runani ntiruvuga ingene urwo rwego rwoshirwaho. Kefa Nibizi avuga ko inzira yotorerwa mu biganiro.