Burundi – Igituma urudandazwa rw'inyama i Bugendana ruriko rurasubira inyuma

- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
Mpagaze muri kimwe mu bibanza birangurirwamwo ibikorwa vy'ubudandaji bitandukanye i Bugendana, kw'ibarabara rikuru "Gitega – Bugendana – Ngozi".
Ku nyubakwa imwe imbere yanje hamanitse amaguru n'imbavu z'inka. Imbere yayo naho hatonze imbabura. Zimwe ziriko ziraka. Batanguye no kwotsa akanyama. Izindi ntibarazatsa.
Ni igihe c'isaha zitanu. Izuba rirakaze. Bamwe mu bayangayanga bariko bakarisha imbugita kugira batangure gukebera abakiriya. Abandi nabo bariko barajanjagura amagufa kugira borohereze abakiriya.
Imodoka n'ipikipiki biguma birengana. Bamwe mu bagendesha ivyo vyuma bahashitse baca bahagarara bakagura izo bafungurira aho nyene, abandi bakagura izo bagenda bajanye.
Prosper Minani ni umwe mu banyagihugu bahejeje kwokesha mushikaki. Ariko afungura akanyama ko mu nda. Aragakunda kandi karazimbutse ugereranije n'izindi, nubwo yemeza ko nako nyene kaduze igiciro.
Ati: "Aka kanyama kararyoshe. Ariko karazimvye. Aka kaboroshete [brochette] nakaguze ibihumbi bibiri. Mu mwaka uheze twakagura igihumbi kimwe.
"Nibaza ko vyaduze kubera ibiciro vy'ibintu vyose kw'isoko vyaduze. Duca tubifata ukwo nyene, none ko tutoheba gufungura!"
Ishilingi rya Tanzania risigaye risumba ifaranga r'Uburundi
Mu gihe komine Bugendana (mu ntara ya Gitega) izwi cane nk'imwe mu makomine y'Uburundi abaga inka nyinshi akanashorera inyama mu bisagara vya Gitega, Bujumbura, Ngozi n'ahandi, abadandaza akaboga muri iyo komine bavuga ko muri iki gihe ibintu bitifashe neza.
Emmanuel Niyonkuru aserukira abadandaza akaboga muri komine Bugendana yibaza ko ugusubira inyuma kw'uru rudandaza gufitaniye isano n'ibihe vy'ubutunzi igihugu kirimwo.
Agira ati: "Inka zigenda zigabanuka. Mu misi yahera twarashobora kubaga izishika 40 canke 50 ku musi kuri iyi mbuga gusa, tugaca tuzishorera i Bujumbura, mugabo nk'uno musi twabaze inka 14 gusa".
Yabwiye BBC Gahuzamiryango ko, muri kahise, igice kinini c'inka bahora bayanga bazirangurira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, ariko ko ubu batakijayo kubera baca bahomba.
Asigura ko ibi biterwa n'uko ishilingi rya Tanzaniya risigaye risumba cane ifaranga ry'Uburundi, mu gihe, nk'uko abivuga, mu myaka itatu iheze iry'Uburundi ari ryo ryari hejuru.
"Ingaruka ni nyinshi. None ubona hari inyama zihari ?", ni ko Emmanuel yidoga avuga, akabandanya agira ati : "Ibiciro vyaraduze kandi hari n'ubukene. Nk'inka twahora tugura imiriyoni zibiri canke zibiri n'igice, ubu zigeze ku miriyoni zitatu n'amajana atanu".
Avuga ko ibi bituma ibiciro vy'inyama na vyo nyene bica biduga: "Mu mezi aheze ikilo c'inyama twakigurisha ibihumbi 15. Ubu tugeze ku bihumbi 27".

'Ata nzoga, ivyo utegura mu gikoni ntibigurwa'
Reneyo Kabura, umwubatsi, aje ahasanga Minani. Abajije igiciro bamubwiye ko mushikaki yipfuza ari ibihumbi bibiri n'amajana atanu (2500).
Aboneka nk'uwijiriwe ati: "Ntivyoroshe. Twebwe abantu batobato tubibona bidushikira uko nyene. Tuzoguma tuba muri ubu buzima. None twogira gute!"
Ikindi gituma inyama zidasohoka cane ngo ni uko ibinyobwa vy'ishirahamwe BRARUDI bitakiboneka neza muri Bugendana.
Kenshi Abarundi bakunda kwihereza mushikaki iyo bariko barasoma agacupa, mbere bisa nk'ivyamaze kuba umugenzo.
Désiré Hatungimana ni umusore afise ubunywero n'igikoni. Mu gihe yabwubatse ku mafaranga y'ingurane, avuga ko ikena ry'inzoga ririko riramusubiza inyuma.
"Muri make, nta nzoga ndonka. Kandi ata nzoga, ivyo utegura mu gikoni ntibigurwa. Ingorane, sindiko ndaronka amahera yo kuriha ideni nafashe. Uno musi sindiko ndadandaza.
"Ndafise ibikoresho vyinshi vyicaye ngaha harimwo n'ivyo gukinjika. Urumva ko ndiko ndahomba".

Kuja kurondera inka bisaba igitoro
Aba banyagihugu basaba inzego z'igihugu kugira ico zikoze kugira umuti uboneke amazi atararenga inkombe.
Saul Ntakarutimana, umunyamabanga ntayegayezwa muri komine Bugendana, avuga ko izo ngorane bazizi ariko ko zirengeye ubushobozi bwa komine.
Yemeza ko n'ingingo itegeka aborozi kwororera mu nzu yagize ingaruka, akavuga ko nk'umworozi yahora yorora inka nka cumi ubu usanga, yinanase, asigaranye inka zibiri canke imwe.
Ku bwa Ntakarutimana, ivyo biri mu mvo zatumye igitigiri c'inka zibagwa buri musi i Bugendana zigabanuka.
Avuga ko na komine yahahombeye kuko inka yose ibagwa isanzwe irihirwa muri komine ibihumbi 10.
Ati : "Hariho n'ikindi kibazo citamwo. Kuja kurondera inka bisaba agatoro. Umuyangayanga ntibimworohera, n'aho womurangira inka iyo iri bituma atahashika kubera ako gatoro kabuze.
"Uca usanga n'ibiciro bihereye ngaho biduga".
Abahinga batandukanye bavuga ko ingorane z'ubutunzi igihugu c'Uburundi kirimwo ziterwa ahanini n'ikena ry'amafaranga y'agaciro.
Zadutse inyuma y'imvururu zo muri 2015 igihe uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza yafata ingingo yo kwitoza kugira arongore iki gihugu mu kiringo kigira gatatu.
Vyateye impari mu migwi itandukanye y'Abarundi maze bituma abashigikiramigambi bahagarika uburyo baha Uburundi.
Ibice birenga 45 kw'ijana vy'amafaranga reta yakoresha yatangwa n'umuryango w'ibihugu vya Buraya (EU).
Gushika ubu, n'ubwo ibihano uwo muryango wari warafatiye Uburundi vyakuweho mu 2020, nturasubira gutanga uburyo wahoze uha reta.
Haciye imyaka irenga ibiri hatanguye ibiganiro bihuza uwu muryango n'ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Uburundi.
Bamwe n'abandi bari bizeye ko bigiye gutuma ingorane y'ubukene bw'amafaranga y'agaciro itorerwa inyishu, ariko bisa n'aho ata co birashikako.
Mu ntumbero yo kugerageza kugwiza amafaranga y'agaciro biciye mu zindi nzira, umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yategetse ko hatangura ibikorwa vyo gucukura ubutare mu burere bumwe bumwe ku murindi unyaruka.













