Uburundi bwaraye bwemerewe imiriyaridi zababa zibiri z'amadorari

Ahavuye isanamu, NTARE RUSHATSI HOUSE
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
Amashirahamwe akukira ONU arangurira imirimo mu Burundi yiyemeje gutanga amafaranga yababa umuriyaridi w'amadolari muri iyi myaka itatu iri imbere.
Nk'uko Violet Kakyoma aserukira aya mashirahamwe yabishikirije, igihe hariko harasozerwa ihuriro ry'imisi ibiri ry'abashigikiramigambi n'abanyamitahe mu gisagara ca Bujumbura, ayo mahera "azofasha mu bijanye no guha ubushobozi n'ubumenyi imigwi itandukanye y'abanyagihugu harimwo abatishoboye kugira bisununure ".
Yongerako ati: "Aya mahera azofasha kandi mu bijanye no guteza imbere ubutunzi bushingiye ku buhinga bwa none, ibisata vy'indero, amagara, n'ibindi ".
Iri huriro ryitabwe n'imigwi itandukanye yavuye mu bihugu birenga 30 vyo mu mpande zine z'isi, rikaba ryari rifise intumbero yo kwegeranya uburyo bukenewe kugira Uburundi bushobore gushira mu ngiro imigambi mikuru mikuru 69 bwateguye kugira ishobore kubushikana ku rugero rw'igihugu cigaburira mu myaka 15 iri imbere, n'igihugu giteye imbere mu myaka 35 iza.
Inzego z'Uburundi zarafashe umwanya ukwiye wo kwereka abashigikiramigambi n'abarwizatunga imigambi boshobora gushoramwo imitahe yabo kandi bakunguka.
Harimwo iyijanye n'uburimyi n'ubworozi, ugukwiragiza amazi ya rusengo mu mihingo itandukanye y'igihugu, gukora amabarabara, gucukura ubutare, kwubaka ingomero, amasoko ntanganguvu, gusanura isoko rikuru rya Bujumbura rimaze hafi imyaka 12 rihiye, kwubaka ibarabara ry'indarayi rizohuza Tanzaniya, Uburundi na Repubulika ya Demokarasi ya Congo, n'iyindi.
Hambavu y'amashirahamwe akukira ONU, ibanki y'iterambere y'ibihugu vya Afrika yo hagati yamenyesheje ko na yo nyene yashoboye kwegeranya imiriyoni 180 z'amadolari, ijana muri aya azofasha kwubaka ibarabara ry'indarayi, nk'uko bivugwa na Jean Mbani, umuhanuzi w'ubuhinga mw'ibanki y'iterambere y'ibihugu vya Afrika yo hagati, BDEAC.
Avuga ko imiriyoni 80 zisigaye zizokoreshwa mu bijanye no gutanga ubumenyi bujanye no gushingura igitoro hamwe no kwubaka ikigega c'integabizoza.
Ati: "Bizofasha Uburundi kugishingura neza no kucegereza abanyagihugu bitagoranye, hamwe no gutorera inyishu ingorane zo kukirangura".
Amafaranga yagiye yemerwa n'imigwi yose hamwe yababa miriyaridi zibiri z'amadolari.
'Impinga ishobora kuba ikiri ndende'
Nk'uko Alain Ndikumana arongoye igisata kiraba ivyigwa (Bureau d'Etudes Stratégiques) mu biro vy'umukuru w'igihugu yabibwiye BBC Gahuza, uno musi kugira imigambi nyamukuru 69 yashizwe imbere ishobore kuja mu ngiro yose, hakenewe imiriyaridi 28 z'amadolari muri iyi myaka itanu.
Vyumvikana ko buri mwaka igihugu kizokenera imiriyaridi 5,6 z'amadolari.
Ndikumana avuga ko bitoroshe kuronka ayo mafaranga yose ariko ko hari ibimaze gukorwa bishobora kwiyongera ku vyo abashigikiramigambi bemeye mu nama yabahuje na reta.
Ati : " Hari ayo dusanzwe twaramaze kwegeranya turi kumwe n'abo dusanzwe dufashanya ashika miriyaridi 4,5 z'amadorari.
" Na reta irafise ayo isanzwe itororokanya mu kigo OBR [kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi] twamaze guharura ".
Amajambo meza si yo akwiye kugira igihugu gitere imbere - Obasanjo

Ahavuye isanamu, NTARE RUSHATSI HOUSE
Mu bitavye iri huriro ridasanzwe harimwo Olusegun Obasanjo yahoze arongoye igihugu ca Nigeria.
Iyi nararibonye mu vya politike yahanuye Abarundi n'inzego z'igihugu guhindura ingene bakora n'inyifato kugira bashobore gushika ku vyo bipfuza.
Ombasanjo avuga ko amajambo meza adakwiye kugira igihugu gitere imbere.
Mw'ijambo ryiwe, yabwiye umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye ati: " Nyakwubahwa mukuru w'igihugu, numvise ko mwatunganije integuro zitari nke zijanye n'imbono ya 2040 – 2060. Ni integuro nyinshi cane.
" Ariko nashaka muntunge ngire ico nshikirije kuri ibi. Gutegura imigambi si bibi. Yamara, mwibuke y'uko hari imigambi myinshi itegurwa igaherera mu majambo kubera itigeze ishirwa mu ngiro ".
" Ntidukwiye rero kuba imbohe zo gutegura imigambi gusa. Dukwiye kuyishira mu ngiro ".
Atarya umunwa, Olusegun Ombasanjo yavuze ko Uburundi butegerezwa gukoresha inguvu zidasanzwe mu kurwanya ibiturire.
Ku bwiwe, inzego ntizikwiye kwigira sindabibazwa canke ziteze utunyoni kuri iki kibazo.
Ati : "Ntitunyegeze umutwe mu musenyi hama duce twibaza ko atawutubona. Amakungu aratubona. Isi iratubona ".
Obasanjo ahanura inzego no gutera intambwe mu bijanye no gutsimbataza intwaro ibereye, mu gukorera mu muco no mu gushiraho ibikenewe vyose kugira abanyamitahe boroherwe.
Abona ko ata munyamitahe akwiye guhabwa urubuga hama ngo ashike yirukana uwari ahasanzwe ku mvo izo ari zo zose, harimwo n'iza politike. Avuga ko vyoba ari bibi cane.
Aranibutsa akamaro ko gutunganya neza ivya politike, kubisabikanya no gufata co kimwe abana b'igihugu mu butandukane bwabo.
Ku bwiwe, ni yo nzira ya mbere yotuma igihugu kironka amahoro n'umutekano, ari na vyo bishikana kuri rya terambere ry'ukuri kandi rirama.

Ahavuye isanamu, NTARE RUSHATSI HOUSE
Uburundi bumaze imyaka buhanzwe n'ikena ry'amafaranga y'agaciro ryatumye butoroherwa mu kugura ivya nkenerwa biva hanze y'igihugu harimwo igitoro, imiti n'intabire ya kijambere.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike abona ko n'ubukene bw'iyongereye ku rugero rutari rumenyerewe. Afatira ku kungene ibiciro biguma biduga.
Izi ngorane Uburundi burimwo zatanguye neza na neza mu mwaka wa 2015 igihe umukuru w'igihugu w'ico gihe Petero Nkurunziza yafata ingingo yo kwiyamamariza ikiringo kigira gatatu, ingingo yateje impari mu mirwi itandukanye y'Abarundi.
Haciye hakurikira imvururu, ingorane za politike n'iz'umutekano, umuryango w'Ubumwe bwa Buraya na wo uca uhagarika imfashanyo waha Uburundi yarenga ibice 45 kw'ijana vy'amafaranga reta yakoresha buri mwaka.
Hari ababona ko iri huriro ry'abashigikiramigambi n'abanyamitahe ryabaye muri iyi ndwi rishobora kuba imwe mu nzira mbonekarimwe zo kwivyukiranya kw'Uburundi.










