Mona Walda Kaneza: Menya ingene uno yari Miss Burundi akanonosora ivy’amabanki yisanze mu muziki

Mona

Ahavuye isanamu, Mona Walda Kaneza

    • Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, umunyamakuru mu Bubirigi

Mona Walda Kaneza, abakunzi b’umuziki mu Burundi bazi kw’izina rya Mow Kenzie ni umwigeme akunzwe cane n’abakunzi b’umuziki mu Burundi, cane cane abakiri bato ku buryo hari n’abigeme b’Abarundikazi, mu Burundi no hanze, basigaye biyita Mow Kenzie.

Mona Walda Kaneza Umurundikazi w’imyaka 26 ariko aremesha ibiteramo mu bihugu vya Buraya guhera mu ntango y’uku kwezi, akaba abaye umwigeme wa mbere w’Umurundikazi muri ino myaka 30 iheze agize ibiteramo azunguruka mu bihugu vya Bulaya, inyuma y’uwundi murundikazi yigeze kuba rurangiranwa mu mpera y’imyaka 80, Jeanine Rema azwi cane kw’izina rya Khadja Nin.

Mow Kenzie asanzwe avuka mu muryango usa n’uwifise mu gihe mu Burundi hari ababona umuziki ko ari umwuga w’abantu bava mu makaritiye abayabaye n’imiryango ikenye.

Imbere yuko yinjira mu muziki, Mow Kenzie yarabaye igisonga c’umwigeme mwiza aciye ubwenge mu 2016 (Première Dauphine Miss Burundi 2016), akaba ari umwe mu bigeme bize amashure maremare kuko afise urupapuro rw’umutsindo rwo ku rwego rwa Master, mu bijanye n’amabanki.

Ab’iwabo bari biteze ko azoba umuhinga mu mabanki ariko yisanga mu muziki

Mona

Ahavuye isanamu, Mona Walda Kaneza

Mu kiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango mu Bubirigi aho yari ahejeje kuremesha igiteramo, avuye uri Suwede, imbere y’uko aja mu Bufaransa, Mow Kenzie yavuze ko benshi mu bamwegereye badatahura igituma yabaye umuririmvyi kuko ari nk’ibintu bibaza ko vyagenewe abantu batobato.

“Jewe n’ubu abanyegereye bambaza indwara narwaye yatumye nja mu muziki kandi narize amashure meza kandi mva mu muryango wifise ariko nkisanga mu muziki benshi bibaza ko ukorwa n’abantu bo ma karitiye matomato.

“Abandi nabo dukorana umuziki bambaza igituma umwana wo mu giti [mu muryango utunze], iwabo bafise vyose yaje mu muziki uzwi ko ukorwa n’abantu batobato.

“Jewe nama ndabishura ko ari vyo nkunda kandi atawubuza umuntu ico akunda”.

Mow Kenzie avuga ko yize amashure menshi kandi yari anaciye ubwenge, ariko ko yabikoze kugira ng aryohere abavyeyi kuko we atigeze ashira cane umutima ku vyo amashure.

Ati: “Ni vyo, narize amashure meza kandi nari nciye ubwenge, ariko ico nashaka kwari kuba umunyamuziki, nico numva nokora kikandyohera, kandi narabishitseko, nico gikuru; ibindi vy’amashure biza ubwa kabiri kuko ntabahenda nize kugira ndyohere abavyeyi gusa”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mow Kenzie avuga ko mu ntango bitamworoheye nk’umwigeme kubera abandi baririmbana bamuciye intege ko ataco yari gupfa ashitseko.

Ati: “Hari abambwira ko mfise ikijwi kinini, ndirimba nabi; rero kubera jewe narinzi ico nshaka naragerageje gukundisha umuziki wanje mu bakunzi banje, mu midiho yose ya RNB na za Hip pop, nkagerageza no kuririmba ntamba, abakunzi banje barabikunda cane nanje ndabakunda, kandi murabona ko bankunda, ivyo nkoze vyose abantu barabikunda gushika hanze y’Uburundi”.

Mow Kenzie ariko avuga ko naho wewe yagize ano mahirwe, abandi bigeme bitaborohera aho hari abasabwa gusambanywa kugira bakorerwe indirimbo.

Ati: “Si ibanga, ndazi abakobwa benshi bambwiye ko bipfuza kuririmba, bafise n’amajwi meza, ariko ugasanga aba-producteurs bamwe bamwe babafasha gusohora indirimbo mu ma-studios babasaba canke bakabahatira kubanza kuryamana na bo kugira bikunde indirimbo zabo zisohoke.

“Benshi hari ababiheba bari bafise impano; ivyo birabaje kuko bituma abigeme batazamuka mu muziki”.

Mona

Ahavuye isanamu, Mona Walda Kaneza

Mona

Ahavuye isanamu, Mona Walda Kaneza

Mona Walda Kaneza, uretse kuba icamamare mu muziki, asanzwe ari umwe mu bakiri bato bakurikiranwa cane ku mbuga hwaniro, bita influenceuses mu gifaransa, aho abarenga ibihumbi mirongo bamukurikirana cane ku rubuga akunda gukoresha rwa instagram.

Avuga ko intumbero yiwe ari ukwumvisha abakiri bato, reta n’abikorera utwabo, ko umuziki ari akazi nk’ubundi buzi, gashobora kubeshaho abantu, kandi koteza imbere igihugu.

Ati: “Urabona ko ataco mbaye, vyose ndabikesha umuziki. Iyaba ntakora umuziki simba ndiko ndatembera i Bulaya, hariho n’abandi benshi nzi nzi ari wo ubabeshejeho.

“Ni bareke gukengera kino gisata, reta n’idushigikire, abarwizatunga bashoremwo amafaranga, ndazi ko mu minsi mike wosanga ibendera ry’Uburundi ririko rirahungabana mu makungu hose kubera umuziki wacu”.

Mona

Ahavuye isanamu, Mona Walda Kaneza

Eka n’abakunzi biwe ntibumva ko bohaga ibiteramo vyiwe.

Michelle, umwigeme w’imyaka 19 aba mu gisagara ca Nivelles mu Bubirigi, avuga ko Mow kenzie ari icitegererezo mu runganwe rushasha (nouvelle génération) kubera uburyo aririmba yongera atamba.

Yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ibiteramo vya Mow Kenzie we n’abagenziwe ari ngombwa kuvyitaba, kandi ko, kubera ingene bamukunda, badashobora guhaga umuziki wiwe n’ibiteramo aremesha.

Eka na Lionel w’imyaka 22 aba mu gisagara ca Liège mu bumanuko bw’Ububirigi avuga ko umusore wese akunda umuziki w’Uburundi yipfuza ko yoronka umukunzi ameze nka Mow Kenzie kubera uburyo yifata, akayagisha abakunzi biwe mu kanyamuneza.