Abana 20 muri Toyota Probox, imodoka z’amashure ntizigikora – Ubukene bw’igitoro mu Burundi

Ahavuye isanamu, Social Media
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Bujumbura, Burundi
Ibisata nka vyinshi mu gihugu "ntibiriko birakora neza" kubera ubukene bw’igitoro, mu gisagara ca Bujumbura amashure yasavye abavyeyi kwimenya kubera atakironka igitoro ashira muri bus zahora zunguruza abanyeshure.
Igisata c’uburezi caragizweko ingaruka zikomeye, bamwe mu bavyeyi barereye ku mashure atandukanye i Bujumbura bavuga ko bibagora cane gushikana abana babo ku masomero muri iki gihe.
Haraciye imyaka ibiri irenga Uburundi bwugarijwe n’ubukene bw’igitoro bwatumye imirimo y’ubudandaji ihungabana, ibiciro na vyo biraduga cane.
Abantu batandukanye barakunze kwerekana ku mbugahwaniro ingaruka z'ikena ry'igitoro cane cane ingorane mu kwiyunguruza kw'abantu mu bisagara.

Ahavuye isanamu, Social media
Innocent Ndirariha, umuvyeyi arereye kuri rimwe mu mashure yo mu gisagara ca Bujumbura, twahuye ahejeje gushikana abana biwe kw’isomero.
Ubu asigaye yikora kw’ipikipiki kubera atoba agitweruka imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Taxi. Bimusaba gutwara kw’ipikipiki abana benshi kugira agatoro kamare umwanya munini ushoboka.
Agira ati: "Ibi vyatumwe n’uko imodoka y’ishure yabuze igitoro baca batubwira ko abavyeyi bategerezwa kwimenya.
"Nca mfata umwanzuro wo kujana abana batatu [kw’ipikipiki], babiri ndabashira inyuma ishakoshi bagashira ku ruhande, uyo wundi umwe nkamwambika ‘casque’ akicara imbere kuri ‘reservoir’. Ngaca ngenda, kandi ngenda urugendo tutari ruto."
Hari abavyeyi biyungunganije bafatira hamwe imodoka ntoya yo mu bwoko bwa Toyota Probox. Ni yo yunguruza abana babo. Ariko kubera ubwinshi, bamwe bagenda bahagaze, abandi bareranye, abandi nabo bakicara mu kibanza cagenewe imizigo.

Twahuye n’umudereva wabo abashikanye kw’ishure. Atubwira ati: "Ubu nzanye abana bashika 20, nkaba ndabakura Kiriri ndabamunakana mu Nyakabiga.
"Ugishikana abo bana umuduga uca uwugumiza ngaho nyene ugaca ugenda mu vy’iwawe n’amaguru ukaza kugaruka kubatora utaha. Ni uruhombo runini rwose kuko hari indi mirimo utari bukore muri iri bura ry’ibitoro."
Aba bavyeyi ntibabona ingene izi ngorane z’ubukene bw’igitoro zizorangira.
Uyu avuga ati: "Ubuzima buragoye cane, imoto yagenewe abantu babiri canke umwe haragendako abantu bane, uca wumva ko atari ibintu bimeze neza. Ni ukwiheba nyene, uratimba kuko nta kundi kuntu vyogenda."
Ku mashure atatu nagendeye ingaruka ziribonekeza. N’ubwo abayobozi batashimye kumpa amajwi, hari abambwiye ko abigisha batagishobora gutonda ku gihe kubera bataronka ingene biyunguruza. Ibi ngo bituma ivyigwa bitangura bitevye.
N’abanyeshure baracererwa ku bwinshi bikaba ngombwa ko abashitse kare baba bararirimba mu kurindira ko bagenzi babo bashika.
‘Igihugu ntikizoguma kimeze uku’ - Umushikiranganji
Mu mpera z’indwi iheze, bamwe mu bashingamateka barashimikiye cane kuri iyi ngorane igihe umushikiranganji w’ikigega ca reta yariko arasigura ibijanye n’amafaranga reta igiye gukoresha.
Umushingamateka umwe yagize ati: "Ibisata nka vyinshi ntibiriko birakora neza kandi ari ho ubwo buryo bwova, ntibiriko birakora neza bivanye n’iri kena ry’ibitoro turimwo, aho abantu usanga bariko bariyunguruza n’amaguru, bashika ku kazi barushe, baratakaza umwanya, bashika batevye, bagataha kare bavuga bati ‘niyunguruze hakiri kare’.
"Nyakubahwa mushikiranganji, ubwo turashobora kuzoshika kuri ino nteguro y’amafaranga abantu bariko barakora muri buno buzima?"
Umushikiranganji Audace Niyonzima yaratanze inyishu. Avuga ati: "Ikibazo c’igitoro nivyo ni intambambyi, ariko ntawovuga yuko igihugu kizoguma kimeze uku, kuko murazi ko intambamyi nyamukuru ari uko [ibitoro] tubirangura mu makungu, tukaba tubirangura mu mafaragna mva makungu, ayo mafaranga nayo muzi ko tuyakenye, bigatuma rero bica bidushikira bigoranye.
"Nibaza ko utwigoro twose reta irimwo irakora dushobora gutuma mu gihe kiri imbere ico gitoro gishobora kuboneka."
Ikibazo c’ubukene bw’amafaranga mvamakungu gisa n’icabaye akananirabahinga mu Burundi.
Mu ntumbero yo kuyarwiza, reta iherutse gutangaza ko igiye guteza imbere igiterwa c’ikawa hamwe n’ic’amavoka bishobora gushorwa hanze y’igihugu.













