Video: Armel Akimana ariko akora Robot ishobora kubagara, kuvomera no gupompa imirima

Insiguro ya video, Iyo Robot izobagara, ivomere yongere ipompe imirima
Video: Armel Akimana ariko akora Robot ishobora kubagara, kuvomera no gupompa imirima

Ubushakashatsi bwo gukora Robot ifasha ibikorwa vyo mu mirima haraheze imyaka indwi Armel abutanguye.

Uwo musore w'imyaka 30 avuka muri komine Bisoro mu ntara ya Mwaro yize ivyo ubuhinga muri kaminuza, avuga ko ico gikorwa kimaze kumutwara hagati y'imiriyoni 5 na 10 z'amafaranga y'amarundi.

Armel Akimana ariko akora ubushakashatsi bwo gukora Robot ikora mu mirima