Liz Truss agiye kuramutswa Ubwongereza

Uyu mudamu w'imyaka 47 niwe yatsinze amatora yo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Bwongereza, yo kugena umushikiranganji wa mbere mushasha.

Aya matora yatunganijwe nyuma y'ugutanga imihoho kw'uwari umushikiranganji wa mbere, Boris Jhonston.

Liz Truss abaye umushikiranganji wa mbere nyuma yo gutsinda uwo bahiganwa, Rishi Sunak, yahoze ari umushikiranganji w'ubutunzi.

Aho yashikiriza ijambo mu nama idasanzwe y'umugambwe Conservative, Madamu Truss yashimiye Rishi Sunak ku "guhiganwa gukomeye" kwabaye.

Truss azoba umushikiranganji wambere icese ejo ku wa kabiri, ahejeje kubonana n'umwamikazi w'Ubwongereza i Balmoral muri Ecosse.

Liz Truss ni we mugore agira gatatu abaye umushikiranganji wa mbere mu mateka y'Ubwongereza.

Uyu mudamu yari asanzwe ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire, araca ahangwa amaso n'abarindiriye ko atangaza umugambi wiwe wo guhangana n'ikibazo c'igiciro c'umurengera c'amasoko ntanganguvu.

Biravugwa yuko ariko arategekanya kugumiza igico c'amasoko ntanganguvu aho kiri, bibe ikizira ko kiduga.

BBC yabwiwe n'abamwegereye yuko umugwi w'abo bakorana uriko urihweza "ivyemezo vyinshi" bishobora kuzotangazwa kuwa kane.

Umugambwe mukuru mu yitavuga rumwe na leta y'Ubwongereza, Labour, uvuga yuko abantu babuze iyo bata umutwe, bakaba barindiriye ko hatangazwa ivyemezo bifatika.