Boris Johnson ntarota arekura ubutegetsi n'aho ageramiwe

Boris Johnson ararahira akarengwa ko adashobora kuva ku butegetsi n’aho abenshi mu bari bamushigikiye bamukuyeko amaboko mu gutanga imihoho mu buryo budasanzwe.

Uyu mushikiranganji wa mbere yimye amatwi abamusaba gutanga imihoho nijoro ku wa gatatu, abenshi muri bo bakaba bari soma mbike nawe, harimwo na Priti Patel na Grant Shapps.

Umunyamabanga wa reta wa Pays de Galles/Wales, Simon Hart, niwe mutegetsi wa reta yiwe yatanze imihoho ubwa nyuma, mu gihe umushikirizamanza mukuru Suella Braverman nawe yatanguye kwihweza ibintu bitagenda neza mu butegetsi.

Ariko umushikirangaji wa mbere ashimangira ko abamutoye bamuhaye "amabanga akomeye ategerezwa kubandanya".

Mu guhangana n’abamurwanya, umushikiranganji wa mbere yabogoje umunyamabanga yari ajejwe imibereho myiza n’uburinganire Michael Gove mu buryo butangaje, aho isoko rimwe ryo mu biro vy’umushikiranganji wa mbere ryamwise “inzoka” igenda “yigamba imbere y’ibinyamakuru ko yabwiye umushikiranganji wa mbere kuva ku butegetsi”.

Mu masaha ya kare ejo ku wa gatatu, Gove yahoze afatanije na we muri rwa rugamba rwa Brexit rwo kuva mw'ishirahamwe rya Bulaya ariko akaza kubera intambamyi Johnson igihe yiyamamaza ubwa mbere ku burongozi bw’umugambwe w’abagendera karanga ka kera (Conservateurs/Conservative), yari yasavye umushikiranganji wa mbere gutanga imihoho.

Yirukanywe ku mugoroba wa nijoro inyuma y’aho abashikiranganji n’ivyegera barenga 40 batangiye imihoho – ibitari bwigere bibaho mu kiringo c’amasaha 24.

Eka no mu masaha y’ijoro, abatanga imihoho barabandanije, aho umunyamabanga wa Pays de Galles Hart yagiye gukura akarenge imbere gato y’isaha zitanu z’ijoro mu masaha y’Ubwongereza.

Hart avuga ko ata yindi nzira yari asigaranye, yongerako y’uko bagenziwe bakoze ivyo bashobora vyose, haba mu mwiherero canke ku mugaragaro, mu “kugufasha guhindura ibintu, ariko numva agahinda kubona igihe carenze kugira ibi bishoboke”.

Yari umwe mu murwi w’abashikiranganji bagerageje guhanura umushikiranganji wa mbere gutanga imihoho, harimwo mbere n’abahoze ari soma mbike na Johnson nka Patel, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n'umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu Shapps, n’umushikiranganji w’ubudandaji Kwasi Kwarteng.

Mu gihe ari mu ngorane zidasanzwe z’ubutegetsi bwiwe, umushikiranganji wa mbere Johnson ari mu kibazo co gusubiriza abashikiranganji bababa 20 inyuma y’abatanze imihoho ku bwinshi.

Mu masaha yitereye ya nijoro ku wa gatatu, umushikirizamanza mukuru Braverman yahoze ari soma mbike yifatanije n’abandi mu gutera akamo Johnson ko yotanga imihoho, aho yabwiye umunyamakuru Peston w’imboneshakure ITV ko yagiye avyitwaramwo “nabi cane” muri ino misi ya vuba.

Avuga ko adashobora gutanga imihoho kubera ari ngombwa ko abandanya n’amabanga yiwe ariko akavuga ati: “Mu gihe hoba uguhiganira uburongozi, noshiramwo izina ryanje”.

Uwahoze ari umushikiranganji w’amagara y’abantu Matt Hancock nawe yakuye icizere ku mushikiranganji wa mbere, avuga ko yamushigikiye “mu bihe bigoye n’ivyoroshe”, ariko ko ubu hageze ko agenda.

Hancock, n’aho avuga ko atazoja mu bahiganira iki kibanza c’ubutegetsi, abona ko Johnson adasigaje igihe kirekire ku butegetsi, “n’aho hoba ejo canke mu ndwi iza”.

Ariko hari bamwe mu bashikiranganji bacifatanije na we – harimwo icegera c’umushikiranganji wa mbere, Dominic Raab, umushikiranganji w’imico kama Nadine Dorries, umushikiranganji ajejwe Brexit Jacob Rees-Mogg.

Asigura igituma Johnson ategerezwa kubandanya n’amabanga yiwe, isoko rimwe ryo mu biro vyiwe rivuga riti: "Umushikiranganji wa mbere yizewe n’imiriyoni 14 z’abanyagihugu bashaka ko abakorera…nimba abanyamugambwe bashaka kumuhagarika, ni babanze bamwake iki cizere”.

Umushikiranganji mbere yararokotse mu matora y’abashingamateka yo kuraba nimba acizigiwe canke atacizigiwe mu kwezi guheze kandi nk’uko amategeko abivuga ubu, nta yandi ashobora kuba imbere y’amezi 12.

Ariko hari amatora yimirije mu ndwi iza ku burongozi bw’umurwi uzwi nka Comité 1922/1922, umurwi ugizwe n’abashingamateka b’umugambwe w’aba Conservateurs (umugambwe wa Johnson), ari na wo utegura amatora yo kuraba nimba umutegetsi kanaka acizewe canke atacizewe.

Abamurwanya bariko bashaka gutorwa mu ntumbero yo kuraba ingene amategeko yohinduka maze hagategurwa ayandi matora vuba bishoboka yo kuraba nimba acizigiwe canke atacizigiwe.

Urukurikirane rw’imihoho yo ku wa kabiri no ku wa gatatu yaturutse ku makuru y’ingene umushikiranganji atavyifashemwo neza ku kibazo c’ihohotera rishingiye ku gitsina ryagirizwa uwahoze ari icegera c’umukuru w’urwego rujejwe inyifato, Chris Pincher.

None Boris Johnson ibintu bishobora kumugendera gute?

Mu gihe abarongoye umugambwe bohindura iyi ngingo ibuza ko haba ayandi matora yo kuraba nimba umutegetsi acizewe canke atacizewe imbere y‘ikiringo c’umwaka, abanywanyi b’umugambwe w'aba Conservateurs barwanya Johnson bashobora kugerageza kurondera ingene bomwomora muri rino ci canke inyuma y’aho gato imbere y’igihe c'ubukonje bwinshi.

Iyo Johnson atakaza icizere c’abashingamateka, yategerezwa gutanga imihoho canke agatumako amatora.

Yotegerejwe gutanga imihoho we nyene ubwiwe – bigashoboka ku gitsure ca reta yiwe, nk’uko vyagendeye Margaret Thatcher – canke inyuma y’urundi rukurikirane rw’abashikiranganji botanga imihoho.