Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatimbo b' i Burundi n'Intore z'i Rwanda mu mudiho umwe mw'isabukuru ya Louvre
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu Bubiligi
Ku wa gatandatu w'indwi iheze, imbere y'ikigo mpuzamakungu c'iratiro ry'akaranga -Musée du Louvre i Paris mu Bufaransa, vyabaye nk'imbonekarimwe, aho umurisho w'ingoma z'Uburundi n'abatimbo binywana n'intore zo mu Rwanda bagatambira hamwe umudiho umwe baherekanya.
Abantu bava mu mihingo itandukanye y'isi baje kuraba iyo nzu ndangakaranga ya Louvre imwe mu bibanza vy'iratiro bihurumbirwa n'abarenga imiliyoni 9 buri mwaka bahinduye intumbero yari yabajanye maze baja gutamarira iryo sabukuru yari yahuje intore z'Urwanda n'ingoma z'Uburundi.
Iyo sabukuru y'uwo musi igenekerezo rya 17 Rusama (5) yateguwe n'umwanditsi akongera akaba umuririmvyi Gael Faye asanzwe afise se w'Umufansa na nyina w'Umunyarwandakazi.
Gael Faye w'imyaka 43 asanzwe yavukiye mu Burundi avuga ko intumbero ari ukwerekana itunga rifiswe n'akarere k'ibiyaga binini, aho umuco ari igikoresho mu kunywanisha Abarundi n'Abanyarwanda.
Gael Faye agira ati: "Jewe navukiye mu Burundi ndahakurira kuri Data w'Umufaransa na mama w'umunyarwandakazi. Kunywanisha ingoma z'Uburundi n'intore zo mu Rwanda bagatambira hamwe ngaha i Louvre, ikibanza ingenzi nyinshi kw'isi zihurumbira, ni ukwerekana ko umuco w'ibiyaga binini ari itunga rikomeye risumba yose, ritagira umupaka, rinywanisha bose. Vyerekana ko turi intashikirwa, turi bamwe."
Mu bitavye iyo sabukuru harimwo Joshua, Umurundi w'umutimbo akongera akaba umunyavyese, yari yaje ava i Bujumbura. Ku bwiwe, ngo iyo sabukuru ni akanya ko kwerekana ko Abarundi n'Abanyarwanda ari bamwe.
Ati: "kubona intore z'Abanyarwanda zihamiriza, abatimbo tugakokera, twese hamwe, tugahurira hamwe, tugahibongoza duhanahana, tugashira umutima hamwe, tugatambira hamwe, ni iteka rikomeye.
"Kurengera ko imigenderanire y'ibihugu vyacu itifashe neza aho n'imbibe zacu zugaye ariko tugahurira hamwe tugatambira hamwe, ni iteka rikomeye cane ryerekana ko turi bamwe kandi umuco woduhuza, ukatwereka ko ataco dupfa, tugasubira kugenderanira".
Ivyo abihuriyeko na Jean Claude Kaze, Umunyarwanda w'umwiyeretsi w'intore aho avuga ko umuco ushobora kwunga abashamiranyre
"Ibibereye muri ino sabukuru birerekana ko harya Abarundi n'Abanyarwanda turi bamwe, tuvuga ururimi rusa na rumwe, ko ico dukwiye ari uko twotsimbataza umuco kuko ni ifatiro riduhuza ryoshobora kutwunga. Ntawibaza ko vyoshoboka, ariko raba turabikoze i Paris, n'abandi nibaturabireko.''
Bamwe bati 'ni isabukuru y'umwizero'
Ni isabukuru yaranzwe n'ibigumbagumba bivanze n'amarira y'umunezero kuri aba Barundi n'Abanyarwanda bari bavyitavye, abato n'abakuze, mu gihe ibihugu vyabo birabana ay'ingwe, bakabona ko iyi sabukuru ari iy'umwizero.
Hardiesse Irangabiye, Umurundikazi w'imyaka irenga gato 20, ni umwe muri bo. N'ibigumbagumba, yagize ati: "Sinarinzi ko twohurira hamwe gutya tukabonesha amaso yacu, aho intore z'Urwanda, n'abatimbo b'Uburundi boja hamwe bakavugiriza hamwe, bagatambira hamwe.
"Ibi vyerekana ko, naho iwacu mu migenderanire bitifashe neza, turashobora kwicarana tukayaga, hanyuma tugasubiza hamwe, kandi birashoboka, ntaco dupfa, ahubwo turi bamwe".
Eka na Didi, Umunyarwandakazi w'imyaka irenga 50, ni ko abibona, aho agira ati: "Ntako bisa, ntamajambo mfise, ibi vyerekana ko ata karimbi kahari mu bihugu vyacu, mbega ukuntu Abarundi n'Abanyarwanda turi beza!"
"Mbega abadutwara ntibabona ko turi ubwoko bumwe? Aha ntimubona ko dufise itunga, ari wo muco wacu, tukareka kurabana nabi kandi turi bamwe! Ibibereye ngaha umwe wese abifate nk'isomo", ni ko yongerako akorora amosozi.
Yaba ingoma z'Uburundi canke intore z'Urwanda, vyompi biri ku rutonde rw'itunga kama rikwiye gukingirwa kw'isi, urutonde rwishirahamwe mpuzamakungu rijejwe imico n'akaranaga kw'isi, UNESCO (patrimoine immaterial de l'Unesco).
Ingoma z'Uburundi zashizwe kuri uru rutonde ku wa 27 Munyonyo (11) 2014, intore zo mu Rwanda zikaba zahambije ingoma kuri urwo rutonde inyuma y'imyaka 10, mu 2024.