Yari azi ngo agiye kuronka akazi mu Bwongereza kumbe bashaka kumwiba ifyigo

Icumba c'ibagiro kwa muganga

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na Mark Lobel, Kate West na Melanie Stewart-Smith
    • Igikorwa, File on 4

Iyumvire nawe umuntu yahoze arara mw'ibarabara mu nyuma agahungira ku kirindiro c’igipolisi hafi y’ikibuga c’indege, Heathrow Airport, co mu Bwongereza, bica bituma haba urubanza rwa mbere mu Bwongereza kw’icuruzwa rya kiremwa muntu aronderwamwo ingingo z’umubiri. BBC yaronse uburenganzira bw’akataraboneka bwo gushikira umurwi w’igipolisi c’Ubwongereza wakoze amatohoza kuri runo rubanza rw’imbonekarimwe.

Daniel yari hafi yo gukorerwa ikintu giteye ubwoba mu buzima bwiwe bwose.

Yari yicaye mu cumba c’isuzuma ku bitaro Royal Free hospital mu gisagara ca Londres/London, avugana n’abaganga mu congereza ciwe kidashemeye.

Hari haciye imisi mikeya uyu mugabo w’imyaka 21 yahoze acururiza mu mabarabara ya Lagos muri Nigeria, ashitse mu Bwongereza aho yari yagiye bamubwiye ko kari “akaryo ko guhindura ubuzima bwiwe”. Yibaza ko yari agiye kuharonkera akazi keza.

Ariko ubu rero, abaganga bariko bavugana nawe bamwereka ingaruka z’ibagwa yagomba akorerwe n’ingene bizoba ngombwa ko azokwama akurikiranwa n’abaganga ubuzima bwiwe bwose.

Daniel yabwiye abajejwe amatohoza ko ico ari co gihe yatahuye ko ata kazi yari agiye guhabwa, ko ahubwo yari yajanywe mu Bwongereza kugira ngo ahereze ifyigo ryiwe umuntu atazi.

Christine Huddlestone wo mw’ishirahamwe rirwanya ubucakara bwa none rizwi nka Justice and Care, avuga ati: "Yari agiye gukatwa nk’inyama, bamukuremwo ivyo bashaka hanyuma bamushone”.

Ku gihamana ciza Daniel yagize, abaganga bagize amakenga ko uyu mugabo atari azi ivyari bigeye kumubako, kandi ko yashobora kuba yafashwe ku gahato. Rero vyabaye ngombwa ko bahagarika ico gikorwa.

Daniel nta mwidegemvyo yari afise imbere y’abamutwaye kumugurisha. Asubiye mu nzu yarimwo, abagabo babiri baraje kumusuzuma. Ico gihe niho yumva bavugana ingene bomusubiza muri Nigeria kugira ngo habe ariho bamukuriramwo ifyigo ryiwe.

Yaciye ahunga, hanyuma inyuma y’imisi ibiri arara mu gahinga, yagiye ku kirindiro c’igipolisi kiri hafi ya Heathrow, gica gitangura amatohoza yatumye haba urubanza rwa mbere mu Bwongereza rw’abantu badandazwa kugira ngo bakurwemwo ingingo z’umubiri.

Aho hari mu kwa gatanu 2022, ubu Daniel – si ryo zina ryiwe nyakuri – akaba acungerewe bikomeye n’abapolisi.

Ikiganiro File on 4 ca BBC camenye ko iki kibazo ciwe cabaye imbarutso kuko catumye abategetsi b’Ubwongereza bamera magabo ku bindi vyaha vyo kudandaza ingingo z’abantu. Muri ibi harimwo:

  • Urubanza rw’umuhindi w’imyaka ya za 60 yahagaritswe mu Bwongereza yiketswe ko yari mu migambi igayitse yo guhendahenda uwundi muntu kugira ngo bamukuremwo ingingo. Yahagaritswe mu ntango z’uku kwezi hanyuma ararekurwa atanze ngwati.
  • Urubanza rwarungitswe mu gipolisi n’ikigo Human Tissue Authority, ari na co gitanga uburenganzira bwo gutera umuntu ingingo y’uwundi muntu mu Bwongereza, hari inyuma y’aho cankiye gutanga uruhusha
  • Abandi bantu "bakeya" igipolisi carangiwe n'abategetsi, bikekwa ko bagarutse mu Bwongereza inyuma yo guterwamwo ingingo hanze mu buryo butemewe n’amategeko.
  • Hagati aho, igipolisi c’Ubwongereza kivuga ko kikiriko kiratohoza “ku bandi bikekwa cane” mu matohoza yaco ya mbere.

Yatwawe kuri magendo

Ikibazo ca Daniel kirashira ahabona amayeri abacuruza abantu bakoresha mu guhendahenda abantu ngo babatware mu Bwongereza bakoresheje ibinyoma.

Igihe Daniel yemererwa ubwa mbere amahirwe yo kuronka akazi mu Bwongereza, yari akiri muri Nigeria, yasabwe kuja kwipimisha amaraso. Ico yibajije ko kwari ukugira aronswe viza (visa), ariko kwari ukuraba ko ahubwo akomeye kugira ngo ashobore gukurwamwo ifyigo.

Mu nyuma yafatiwe indege imushikana i Londres – ariko nta mahera yari afise kandi nta ruhusha yari afise rwo gukora ku rurapuro rwiwe rw’inzira. Aho yaja hose yaragenzurwa.

Niho rero abamutwaye bamushikana ku munyanigeriyakazi yari yiteze kuronswa ifyigo ryiwe.

Sonia, ico gihe yari afise imyaka 25, yari afise ingwara ikomeye y’ifyigo. Akeneye guterwa irindi kandi yama akorerwa icitwa dialyse mu kiringo c’amasaha atanu ku musi, incuro zitatu canke zine mu ndwi.

 Sonia Ekweremadu ari kumwe na Daniel - si ryo zina ryiwe ry'ukuri - mu nzu y'uburiro

Ahavuye isanamu, Igipolisi c'Ubwongereza

Insiguro y'isanamu, Sonia Ekweremadu ari kumwe na Daniel - si ryo zina ryiwe ry'ukuri - mu nzu y'uburiro

Bafashwe ifoto nk’icemeza ko hari ico bapfana – aho yashikirijwe nka muvyara wa Sonia, umunyamuryango wiwe yipfuza kumuha ifyigo ryiwe.

Ibi babikoze uku kubera ko n’ubwo vyemewe n’amategeko guha uwundi ingingo y’umubiri wawe – ntushobora kubikora ku nyungu z’amafaranga.

Kugura ingingo z’umubiri ni iki?

  • Kugura ingingo z’umubiri harimwo gukura igihimba c’umubiri ku wundi muntu mu buryo butemewe n’amategeko, akenshi ku nyungu z’amafaranga, nyene kubikorerwa yavyemeye canke atavyemeye. Mu mategeko arwanya ubucakara bwa none, nta muntu ashobora gutanga uburenganzira bwo kumukoresha ivyo bishakiye.
  • Hajamwo agahato, uburiganya canke kwemerera abakorerwa ubu bugome ibitaja ntibize
  • Itegeko ry’Ubwongereza rirwanya ubucakara bwa none, Modern Slavery Act 2015, rirahana urudandazwa rw’abantu, ari naho hari ingingo ihana urucuruzwa rw’ingingo. Rurahanishwa igihano gishobora gushika ku munyororo w’ubuzima bwose.

Daniel yarajanywe mu manama atari make n’abahanuzi mu vy'amagara y’abantu mw’ishami ryigenga riraba abarwayi ku bitaro Royal Free Hospital i Londres. Hari n’umusiguzi (interprete) yahembwa mu kwigisha Daniel ingene yovuga ivyo abaganga bari bakeneye kwumva.

Ariko aya mayeri Daniel yarayanse, aca yitura igipolisi.

Amakuru yatanze yatumye abapolisi bashika kwa se wa Sonia, umwe mu banyaporitike bakomeye cane muri Nigeria.

Ike Ekweremadu yari umukenguzamateka wo hejuru akongera akaba n’umutunzi ruhebwa yarihira amashure umuryango wiwe kugira ngo bige mu Bwongereza.

Mu rubanza rwiwe mu ntango z’uno mwaka, Ekweremadu yavuze ko yahenzwe kandi ko atigeze arondera gukorera amarorerwa Daniel. Mu vy’ukuri, abacamanza babwiwe ko uwitwariwe yafashije gushiraho amategeko ahana ugutanga ingingo z’umubiri muri Nigeria.

Umukenguzamateka Ike Ekweremadu yari umunyaporitike akomeye muri Nigeria

Ahavuye isanamu, Igipolisi c'Ubwongereza

Insiguro y'isanamu, Umukenguzamateka Ike Ekweremadu yari umunyaporitike akomeye muri Nigeria

Umuhuza

Muri sentare, vyabonetse ko Daniel atari we wenyene yajanywe mu Bwongereza kugira ngo akurwemwo ifyigo. Hari irindi ryakuwe mu muntu rihabwa uwundi mu 2021, navyo nyene bikaba vyakozwe bidaciye mu mategeko.

Umugabo yahawe iri fyigo na we nyene yari mu baburanywa, hampande y’umuryano wa Ekweremadu – ari bo bavyeyi ba Sonia. Yari umuhuza wabo, Dr Obinna Obeta, ari na we yateguye ingene Daniel yari kwibwa ingingo ziwe.

Dr Obeta yari azi ingene bigenda kuko na we nyene yaherewe ifyigo kuri Royal Free Hospital.

Mu kumusomera, umucamanza Johnson, afatiye kuri ico gikorwa ca mbere, yavuze atarya umunwa ati: “Abaganga bo muri Royal Free, hamwe n’abahinga bigenga bo muri Human Tissue Authority, barahenzwe".

Aho bahendewe ni uko ngo babwiwe ko habaye umwumvikano, kandi bakaba babwiwe ko nyene gukurwamwo ifyigo na nyene kuriterwa mu 2021 bari abavyara. Ariko mu vy’ukuri, vyahavuye bimenyekana ko ata sano bari bafitaniye.

Dr Obinna Obeta yakoze nk'umuranzi, hamwe n'umugore w'uyo mukenguzamateka, Beatrice, nabo nyene baragiriwe n'icaha

Ahavuye isanamu, Igipolisi c'Ubwongereza

Insiguro y'isanamu, Dr Obinna Obeta yakoze nk'umuranzi, hamwe n'umugore w'uyo mukenguzamateka, Beatrice, nabo nyene baragiriwe n'icaha

Muri uru rubanza, vyabonetse ko, n’aho igikorwa co gukuramwo Daniel ifyigo cahagaze, nta n’umwe ku bitaro Royal Free yigeze yitura igipolisi ku makenga yabo – ibi bigasigura ko Daniel yabandanije ari mu vyago vyo gukorerwa iki kibi.

Ibitaro Royal Free Hospital vyakurikije inzira yemewe ku bijanye n’ikibazo ca Daniel kandi "ni naco gituma haciye hafatwa ingingo yo guhagarika ico gikorwa".

Ibi bitaro kandi vyavuze ko bibandanya "gukorana mu buryo bwa hafi n’igipolisi kugira ngo abo bose bakora mu gisata kijanye no gutera ingingo z’umubiri bamenye amategeko ahana magendo y’ingingo z’umubiri bongere bamenye ico bokora mu gihe biketse ko hari icaha coba carakozwe”.

Guterwa ingingo hanze

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kw’indwi kw’umwaka uheze, kuba wararihiye guhindurirwa urugingo mu mahanga vyahindutse icaha mu Bwongereza, Ecosse na Pays de Galles. Ubu amategeko abwiriza abaganga bose mu Bwongereza kumenyesha abantu abo ari bo bose bagarutse babitura kugira babasuzume inyuma yo guterwa ingingo.

Umuhinga mu bijanye n’amafyigo Dr Adnan Sharif aba i Birmingham avuga ko ari icaha kigoye kwemeza, “ariko turazi ko bibaho” – agafatira ku bushakashatsi buheruka gukorwa n’ikigo kijejwe amagara y’abantu mu Bwongereza, NHS, bwerekana ko habaye abantu bababa 150 basubiye mu Bwongereza mu kiringo c’imyaka cumi. Abenshi muri bo bari abatewe amafyigo.

Twasavye ikigo Human Tissue Authority (HTA) ko botubwira igitigiri c’abo bashikanye ku gipolisi kuva iri tegeko rihindutse mu kw’indwi kw’umwaka uheze.

Umuyobizi nshingwabikorwa Dr Colin Sullivan yatubwiye ko "bake cane" ari bo bashikirijwe igipolisi – anongerako y’uko abatari bake muri bo bashizwe ahabona n’abaganga hamwe n’abandi bajejwe ubuvuzi.

Avuga ko ikigo HTA ubu cahinduye amabwirizwa agenga abakozi, co kimwe n’ubuhinga nyabwonko, mu ntumbero yo gushira ahabona abikekwa cane mu buryo bworoshe.

"Gukubitwa intahe bisigura iki?"

Ibibazo bijanye n’ubucakara bwa none akenshi biragoye kuronkera ivyemezo.

Ku bijanye n’ikibazo ca Daniel igipolisi cabona ko amatohoza ashobora kumara imyaka myinshi kubera abagirizwa bavuye mu gihugu.

Ariko, ku wa 21 Ruheshi (6) 2022, Sereja (Sergeant) Andy Owen yaronse terefone yamubwira ko Ike Ekweremadu n’umugore wiwe Beatrice bari mu rugendo batera baja i Londres.

Ubwo nyene yaciye arungika ingabo ziwe ku kibuga c’indege Heathrow. Bakize gushika, ubwo nyene abapolisi bambaye ibirwanisho baba babakuye mu ndege.

Bamaze gufata amaterefone yabo, igipolisi cashoboye kubona integuro yose. Mu vyemezo nyamukuru harimwo ubutumwa bahanahanye ku vyerekeye impembo y’imiriyoni 4.5 z’ama-naira (amadorari 5.487) bari guha nyene gutanga ifyigo.

"Iri ryari isoko rikomeye cane", niko Sereja Owen yatubwiye. "Jewe nariko ndaronka ibindi vyemezo bibagiriza".

Ariko guhangana n’umuntu nk’uyo w’igihangange ntivyari vyoroshe.

Mu gihe amatohoza yari ageze hagati, abakenguzamateka ba Nigeria baragerageje kwimurira urubanza muri Nigeria.

Barashatse kandi “kubonana n’uwakorewe ikibi”, nk’uko bivugwa n’intwazangabo mu gipolisi Andy Furphy, "ivyaciye bidutera amakenga. Ubwo nyene twaciye tubona ko nyene gukorerwa amabi umutekano wiwe utameze neza”.

Kimaze kugirirwa inama, igipolisi carashoboye gukora ibishoboka vyose ntibashobora kumubona.

Mwenewabo na Daniel avuga ko se wiwe n'abavukanyi babo bama mu marira imisi yose kuva Daniel aburiwe irengero
Insiguro y'isanamu, Mwenewabo na Daniel avuga ko se wiwe n'abavukanyi babo bama mu marira imisi yose kuva Daniel aburiwe irengero

File on 4 yavuganye n’umukenguzamateka yari arongoye izo ntumwa, Adamu Bulkachuwa, yashoboye kugendera Ike Ekweremadu mw’ibohero. Yatubwiye ko yashaka “gusatira mu rwego rw’imigenderanire n’urw’ubutegetsi kuri reta y’Ubwongereza kugira ngo turabe ko twotorera umuti ikibazo”.

Ariko Bulkachuwa yashimangiye ko atashaka kworohereza mugenziwe kugira ngo asubire mu gihugu, agasigura ko “na twebwe twateye igikumu ku mategeko mpuzamakungu abuza urudandazwa rwa kiremwamuntu”.

Ku wa 23 z’ukwa gatatu, aba bantu batatu bagize uruhara mu mahano yashikiye Daniel barakubiswe intahe mu gahanga. Ike Ekweremadu yaciriwe umunyororo w’imyaka icenda n’amezi umunani. Umugore wiwe Beatrice acirirwa umunyororo w’imyaka ine n’igice. Umuhuza nawe Dr Obeta, yaciriwe imyaka cumi.

Sonia yarejejwe.

Sereja Owen yari muri sentare na Daniel.

"We mu vy’ukuri yavuze ati: 'Gukubita intahe mu gahanga bisigura iki?'

Iyi nyishu, ifatanije n’ingene uwakorewe aya mabi yanse kwemera indishi yemererwa n’abayamukoreye, vyatanze ishusho itandukanye ku bantu babona “umugabo akiri muto ko ata kindi yari gukora atari ukwemera …akaronka amafaranga menshi yashoboka”, nk’uko bivugwa na Sereja Owen.

Yabwiye BBC ko Daniel yaryohewe kubona baramwizeye, kandi ko yipfuza kubandanya n’ubuzima bwiwe.

Umuryango watatanye

Dusubiye muri Nigeria, iyi nkuru yabaye incamugongo ku bakunzi ba Daniel.

Ubu bafise ubwoba ko incuti z’uyu munyaporitike w’igihangange wa Nigeria yapfungishije zizohava zihora.

Twarashikiriye mwenewabo wa Daniel kw’isoko ry’i Lagos aho Daniel yahora agurishiriza ibikoresho vy’amaterefone.

Yatubwiye ko atari bwavugane na mwenewabo kuva aburiwe irengero mu kwa kabiri 2022 kandi ko yagiye kumenya aho yari ari aho amakuru y’urubanza rwiwe amenyekaniye inyuma y’amezi atari make.

Ati: "Imisi yose twama mu marira mbere na dawe yarababaye cane gushika aho yanduriramwo n’indwara.

"Daniel yarahenzwe aratwarwa".

Daniel yahora agurisha ibikoresho vy'amaterefone mw'isoko ryo muri Lagos
Insiguro y'isanamu, Daniel yahora agurisha ibikoresho vy'amaterefone mw'isoko ryo muri Lagos

Nyene inzu Daniel yari apanze akaba yari n’umuhanuzi wiwe, kandi yama avugana nawe buri musi imbere y’uko bamubura, aremeza atarya umunwa ko atari kwemera kugurisha ifyigo ryiwe.

Ati: "Kubera arazi ko hari izindi nzira zo kurondera amahera. N’aho bari kumwemerera umuriyoni w’amapawundi ntavyo yari kwemera”.

Ubu Daniel afise ubwoba ku mutekano wiwe. Acungerewe n’igipolisi mu Bwongereza kandi yumva ko adashobora gusubira muri Nigeria. Ashobora kutazosubira kubonanana n’umuryango wiwe.

Yarakijije ifyigo ryiwe akaba yandikishije amateka, ariko ubuzima bwiwe bwarasambuwe.