Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Maison Blanche itera ivyatsi amakuru ashira Trump mu madosiye ya Epstein yo guhumbisha abana
- Umwanditsi, Max Matza
- Igikorwa, BBC News
Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) yamiriye kure amakuru avuga ko izina rya Perezida Donald Trump riri mu mazina amajana n'amajana aboneka mu nzandiko z'ubushikiranganji bw'ubutungane afitaniye isano n'umuhisi Jeffrey Epstein yapfuye yagiriwe n'icaha co guhumbisha abana.
Ibi bintu "nta kindi atari amakuru y'ibinyoma abandanya, arementanywa n'Abademokarate hamwe n'ibinyamakuru vyigenga", nk'uko bivugwa n'umuvugizi wa Maison Blanche.
Ibi bije inyuma y'aho umucamanza umwe wa Amerika yankiye ibisabwa n'ubushikiranganji bw'ubutungane ko dosiye ya sentare ya Florida ku bijanye na Epstein yoshirwa ahabona.
Ubutegetsi bwa Trump bumaze igihe ku gitsure kibandanya ciyongera c'abasaba gushira ahabona ido n'ido ry'uyu muntu yabaye rurangiranwa mu guhumbisha abana. Igihe yari mu myiyamamazo mu mwaka uheze, Trump yiyemeje ko yari gushira ahabona aya madosiye.
Ikinyamakuru Wall Street Journal candika ko izina rya Trump riboneka kenshi kumwe n'ayandi menshi, harimwo n'ibindi bihangange, mu makuru ubushikiranganji bw'ubutungane bufise.
Kuba izina riri muri izi nzandiko ntibisigura ko hari icaha na kimwe yagirizwa, canke ko Trump yoba hari icaha yakoze gifitaniye isano n'urubanza rwa Epstein.
Mu kwa kabiri, umushikirizamanza mukuru Pam Bondi yabwiye Trump muri Maison Blanche ko hari ibivugwa ku bantu benshi muri aya madosiye, harimwo na Trump yigeze kugiriranira ubucuti na Epstein muri kahise.
Bondi yarabwiye kandi uno mukuru w'igihugu ko amadosiye ya Epstein avugwamwo abana bakoreshwa mu mashusho y'ibiterasoni hamwe n'amakuru y'ibanga ku bakorewe aya mabi, nk'uko vyandikwa na Wall Street Journal.
Ibindi binyamakuru vya Amerika vyaranditse inkuru isa n'iyi nyene, ariko BBC ntiyashoboye kuyihinyuza ku giti cayo.
Trump yarigeze kuba ari akadasohoka na Epstein imbere y'uko bacanamwo mu 2004 – imyaka ibiri imbere y'uko Epstein ahagarikwa ubwa mbere.
Mu ndwi iheze, umunyamakuru yabajije uno mukuru w'igihugu nimba umushikirizamanza mukuru yoba yarigeze amubwira ko izina ryiwe ryari muri aya madosiye.
Yishuye ati: "Oya, oya".
Steven Cheung, umuvugizi wa Trump, yavuze ko iyi nkuru ata "kindi atari amakuru y'ibinyoma abandanya, arementanywa n'Abademokarate hamwe n'ibinyamakuru vyigenga".
Uno mushikirizamanza yagize ati: "Nta kintu na kimwe muri aya madosiye cosigura ko hakwiye kuba ayandi matohoza canke gukurikiranwa mu butungane".
Umukuru wa FBI (ibiro vy'igendereza ryo hagati mu gihugu) Kash Patel agira ati: "Abamena amabanga y'ubutungane hamwe n'ibinyamakuru vy'ibinyoma ntibahengeshanya guteza urubwa Perezida Trump bakoresheje ukumwambika ibara be n'ibinyoma, rero iyi nkuru ntaho itandukaniye n'ibi".
Ariko umutegetsi wo muri Maison Blanche atavugwa izina yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko badahakana ko izina rya Trump rivugwa muri aya madosiye.
Uno mutegetsi yadomye urutoki ku madosiye ya Epstein yashizwe ahabona amezi make imbere y'aha n'ubushikiranganji bw'ubutungane yarimwo Trump.
Ayo madosiye yarimwo amanomero ya terefone ya bamwe mu bagize umuryango wa Trump, harimwo n'umukobwa wiwe.
Trump yari yategetse Bondi kurondera gushira ahabona amakuru yose afiswe n'umurwi w'abacamanza bize urubanza, ivyatumye ubushikiranganji bw'ubutungane busaba amasentare yo muri Florida na New York kwugurura amadosiye yerekeye urwo rubanza muri izo ntara zompi.
Ariko ejo ku wa gatatu, umucamanza Robin Rosenberg yafashe umwanzuro ko gushira ahabona inzandiko z'urubanza rwa Epstein muri Florida kwohonyanga amabwirizwa ngenderwako agenda amakuru y'ibanga y'abacamanza muri iyo ntara.
Mu mwanzuro wiwe w'impapuro 12, uno mucamanza yagenywe na Obama yagize ati: "Ubutungane burabohewe amaboko i mugongo".
Izi nzandiko zivugwa ni izavuye mu matohoza ya Florida kuri Epstein mu 2006 yatumye yagirizwa icaha co gukwegakwegera umwana akiri muto mu buhumbu.
Umucamanza Rosenberg yaranse kandi kurungika uru rubanza i New York, aho abacamanza babiri bariko biga, umwe umwe ukwiwe, ko inzandiko zivuga amatohoza yo mu 2019 kuri Epstein ku caha co gushora abana mu buhumbu. Nta ngingo irafatwa.
Iki cemezo kije mu gihe ubutungane bwasubije amaso kuri Ghislaine Maxwell yagiriwe n'icaha co gushora abana mu buhumbu ubu akaba ari mu munyororo w'imyaka 20 ku caha co gufasha Epstein mu guhumbisha abakobwa bakiri bato.
Umutegetsi wo hejuru mu bushikiranganji bw'ubutungane ariko ategura kuja kubonana n'uno Mwongerezakazi yahoze ari umunyamideri kugira ngo avugane na we ku vyerekeye ivyo azi kuri uru rubanza, nk'uko umushingwamanza wiwe yabibwiye BBC.
Abarepubulikani bari muri Komite y'inama nshingamateka ijejwe ubugenzuzi, barengukishije Maxwell kwitaba imbere yayo ari mw'ibohero hakoreshejwe ubuhinga bwa none ku wa 11 Myandagaro (8).
Umushingwamanza wiwe, David Oscar Markus, yabwiye BBC ko ari nka hamwe yohitamwo kuvuga aho gukoresha uburenganzira bwiwe bwo kwinumira ahabwa n'ibwirizwashingiro, "yovugisha ukuri nk'uko yavyiyemeje kuva kera".
Yongerako ati: "Naho ku vyerekeye kurengutswa imbere y'inama nshingamateka, Maxwell ariko arabikorerako intambwe ku yindi.
"Ararindiranye igishika kubonana n'ubushikiranganji bw'ubutungane, kandi ico kiyago kizofasha kumenya ukungene azobandanya n'ibikurikira".
Umukuru w'inama nshingamateka Mike Johnson agabisha ko Maxwell adashobora kwizerwa ko azotanga amakuru yizewe.
Uno Murepubulikani wo muri Louisiana agira ati: "Nshaka kuvuga, uyu ni umuntu yaciriwe imyaka myinshi, myinshi y'umunyororo kubera ibikorwa biteye ubwoba, vy'agahomerabunwa, vy'ububisha, hamwe n'ibikobwa bibi yakoreye abakiri bato ataco bazira".
Mu ntango z'uku kwezi, Bondi yavuze ko ubushikiranganji bw'ubutungane bwa Amerika ata bantu bwari bwigeze butora bagiriza Epstein.
Yavuze kandi ko yiyahuye ari mw'ibohero i New York mu 2019 – nubwo havugwa vyinshi ku rupfu rwiwe.
Bondi yarigeze kuvuga ko yari guhishura amakuru akomeye muri uru rubanza, avuga ko yari afise "amazina menshi" n'amakuru menshi ku bijanye n'ingendo z'indege".
Uku kwihindukiza kw'uno mushikirizamanza mukuru kwatumye bamwe mu bashigikiye Trump cane baterwa n'uburakari bwinshi, bamusaba ko yotanga imihoho.
Abademokarate baciye biheka kuri uku kutumvikana kuri mu mugambwe w'Abarepubulikani mu kwagiriza ubutegetsi bwa Trump ugukingira ikibaba.
Ku wa kabiri, Johnson arongoye inama nshingamateka yahagaritse ibikorwa vyayo kugira baje mu karuhuko hasigaye umusi umwe, mu kugerageza gutevya intego z'inama nshingamateka zo gutegeka ko inzandiko zijanye na Epstein zishirwa ahabona.
Ariko Abarepubulikani bigumuye bari mu kanama ka Komite y'inama nshingamateka ijejwe ubugenzuzi baratoye ku muhingamo w'ejo ku wa gatatu bategeka ubushikiranganji bw'ubutungane gushira ahabona aya madosiye.
Abarepubulikani batatu - Nancy Mace, Scott Perry na Brian Jack – barifatanije n'Abademokarate mu gutora bemeza ko aya madosiye aja ahabona. Abarepubulikani babiri batoye bahakana.
Ariko James Comer, Umurepubulikani arongoye iyi Komite y'inama nshingamateka ijejwe ubugenzuzi, ni we ategerezwa gutera igikumu kuri iki cemezo kugira ngo ivyo iyi Komite yemeje bibandanye.