Umucamanza yasubiye gutangira itegeko rya Trump inyuma y'icemezo ca sentare ntahinyuzwa

    • Umwanditsi, Ana Faguy
    • Igikorwa, BBC News, Washington DC

Umucamanza wo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika yongeye gutangira itegeko rya perezida Donald Trump ryo kwima uburenganzira ku bwenegihugu bwa Amerika, abantu bamwe bamwe, mu gihe urubanza kuri iyi ngingo rukibandanya.

Umucamanza mushasha wo muri leta ya Hampshire yemeje ingingo ivuguruza itegeko rya Trump, gutyo aba arabujije ishirwa mu ngiro ryaryo mu gihe c'agateganyo.

Ikirego cari catanzwe n'ishirahamwe ry'Abanyamerika baharanira uburenganzira bw'abanyagihugu, kw'izina ry'abavyeyi b'abimukira n'abana babo.

Iyo ngingo kandi ije mu gihe haheze amayinga make sentare nkuru y'igihugu ishinze ingingo igabanya ubushobozi ku gihe n'uburyo ingingo zifatiwe ku rwego rw'igihugu n'amasentare yo hejuru, ziheza zigashirwa mu ngiro.

N'ubwo biri uko, ingingo nka ben'izo (zo ku rwego rw'igihugu) zishirwa mu ngiro biciye mu nzira zimwe zimwe z'amategeko.

Iyo ngingo y'umucamanza ije inyuma y'iya sentare nkuru y'igihugu, ikaba ihuye n'ico cemezo gishasha ca sentare.

Ariko rero, ibiro vy'umukuru w'igihugu White House/ Maison Blanche ntivyemera iyo ngingo y'umucamanza, bikavuga ko bigiye guhangana n'ico vyise "amagerageza y'aba bacamanza b'uturere yo gushaka kuburizamwo ingingo za perezida Trump yatorewe gushira mu ngiro."

Umuvugizi wa (White House) Harrison Fields avuga ko iyo ngingo ari "ikintu kiboneka kandi kidahuye n'amategeko, co gushaka guca ku ruhande ingingo ya sentare nkuru y'igihugu yaje kubuza ko ibintu bifatwa mu kivunga" ivyo avuga ko "ari ukwirengangiza amategeko bishimikije uburenganzira bwo gufata ingingo bahabwa n'amategeko biciye mu zindi nzira."

Iyo ngingo (y'umucamanza wa Hampshire) iravuga ko itegeko rya Trump riteye kubiri n'ingingo ya 14 y'ibwirizwanshingiro, yashinze ko 'abantu bose bavukiye muri Amerika canke baronse akabira k'abanyamerika, n'ukuvuga bagengwa n'amategeko yaho, ari abanyagihugu ba Leta zunze Ubumwe za Amerika, bakaba n'abanyagihugu ba leta basanzwe babamwo (batuyemwo).

Trump yagerageje gukuraho ubwo burenganzira ku bavukiye muri Amerika ku bavyeyi b'abimukira batararonka impapuro zibemerera kuba muri ico gihugu canke abahagiye nk'abashitsi, nka kimwe mu bikoresho vyiwe vyo kurwanya abimukira.

Iyo ngingo y'umucamanza (class-action laswsuit) ishaka guhangana n'iryo tegeko rya Trump ivuga ko ritubahirije ibwirizwanshingiro kandi ryonona, uwo mucamanza akavuga ko ije gukingira abana bashobora guhura n'ingaruka zo kubuzwa uburenganzira ku bwenegihugu.

Iyo ngingo kandi ihagaritse vy'agateganyo iyo Trump yari yafashe nk'iyihutirwa.

Uwo mucamanza yahaye leta iminsi indwi yo kwuguruza (kujurira).

Kubuza ubwenegihugu abana bavuka ku batabufise, cari kimwe mu bikorwa Trump yihutira gushira mu ngiro akimara gushika ku butegetsi.

Amasentare menshi hirya no hino mu gihugu yaratanze amategeko yo kudakurikiza iyo ngingo ya Trump mu gihe bacihweza ibirego kuri yo.

Ubutegetsi bwa Trump nabwo bwaciye bwungururiza muri sentare nkuru y'igihugu kuri ivyo vyemezo vy'abacamanza, buvuga ko badafise ububasha bwo guhagarika ishirwa mu ngiro ry'iyo ngingo y'umukuru w'igihugu, kandi ikibazo kikiri mu masentare.

Sentare nkuru y'igihugu yiganjemwo abafise ivyiyumviro vy'aba 'conservative' bahengamiye ku ruhande kwa Trump, aho batoye ari 6 kuri 3, kuri iyo ngingo mu bisanzwe igabanya ububasha bw'abacamanza, n'ubwo batashitse ku kwiga ikibazo c'uko yoba ihuye canke idahuye n'ibwirizwa nshingiro.

Hakurikijwe ingingo ya sentare nkuru y'igihugu, Iitegeko rya Trump rizotangura gushirwa mu bikorwa kluva kuwa 27/07/2025.