Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Obama ariyamiriza ibirego vya Trump amwagiriza ubuhemu mu matora yo mu 2016
- Umwanditsi, Max Matza
- Igikorwa, BBC News
Perezida Donald Trump wa Amerika yagiriza "ubuhemu" Barack Obama yahoze arongoye iki gihugu, akavuga ko yateguye gutoba ikiringo ciwe ca mbere mu kuvuga ko intsinzi yiwe yari ifitaniye isano n'ukwivanga mu matora kw'Uburusiya.
"Baragerageje kwiba ayo matora", niko Trump yavuze ari muri Maison Blanche/ White House (mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) igihe yagiriza Obama ko yarondeye kurwanya intsinzi yiwe kuri Hillary Clinton mu 2016.
Umuvugizi wa Obama yishuye avuga ko ibivugwa na Trump ari "ukurondera gusamaza abantu".
Trump yariko avuga ku cegeranyo casohowe n'umukuru w'igendereza rya Amerika Tulsi Gabbard mu ndwi iheze cagiriza Obama n'umurwi wiwe wari ujejwe umutekano w'igihugu ko "bamaze imyaka myinshi barondera gusenyura Perezida Trump" – ivyo Abademokarate bavuga ko ari ibinyoma.
Trump yavuze aya majambo ejo ku wa kabiri igihe yariko abazwa n'abanyamakuru ku bijanye na Jeffrey Epstein yagirizwa ivyaha vyo gusambanya no gusambanisha abana, yiyahuye ari mw'ibohero mu 2019 mu gihe yari arindiriye kuburanywa.
Ubutegetsi bwa Trump buri ku gitsure, busabwa gushira ahabona amakuru yandi kuri uno muntu yari azwi mu guhumbisha abana.
Trump yabwiye abanyamakuru ati: "Uruhigi mwategerezwa kuba muriko muravuga, ni uko Obama yafatanywe itonga.
"Harageze kwiruka ku bantu, Obama yafashwe ata guca ku ruhande.
"Yarakoze icaha. Ubu bwari ubuhemu. Ibi ni agahomerabunwa".
Yavuze ibi mu gihe yari aramutse yakira umukuru w'igihugu ca Philippines, Ferdinand Marcos Jr.
Umuvugizi wa Obama, Patrick Rodenbush, agira ati: "Kubera icubahiro duha ibiro vy'umukuru w'igihugu, ibiro vyacu mu bisanzwe nta nyishu bitanga ku bintu bitagira mvura be n'amakuru y'ibinyoma ava muri Maison Blanche.
"Ariko ibi birego birarenze ku buryo bitokwirengagizwa. Ibi birego bitangaje birateye isoni kandi ni ivyo kurondera gusamaza abantu."
Icegeranyo casohowe n'ibiro vy'uwujejwe igendereza ry'igihugu ku wa gatanu w'indwi iheze cashize ahabona ubutumwa muravyo (emails) bwahanahanwa hagati y'abajenama ba Obama, kikavuga ko bahishije amakuru y'igendereza yerekana ko Uburusiya bwagerageje kwinjira mu bubiko bw'amamashini nyabwonko kugira ngo butobe amatora ya Amerika ariko bukananirwa.
Ikopi yashizwe ahabona y'amakuru abari barongoye inzego z'umutekano za Amerika bari bateguriye Obama inyuma y'amayinga make Trump atsinze Clinton ikaba yari yateguwe ku wa 8 Kigarama (12) 2016, ivuga iti: "Dusanga ko ibikorwa bibi vy'inkozi z'ikibi zo mu Burusiya ku mamashini nyabwonko y'amatora ata nkurikizi vyagize ku vyavuye mu matora aheruka muri Amerika."
Ariko FBI (igisata ca Amerika kijejwe igendereza ryo hagati mu gihugu) ntiyashigikiye ivyavuye mu matohoza nubwo yagize uruhara mu kuvyandika, ariho ku musi wakurikiye haciye haba inama muri Maison Blanche n'abategetsi bo hejuru, nk'uko iki cegeranyo kibivuga.
Inyuma y'aho, umujenama w'uwari arongoye igendereza ry'igihugu ico gihe James Clapper yarungikiye ubutumwa muravyo abakuru b'igendereza abasaba gukora isuzuma rishasha "nk'uko umukuru w'igihugu yabisavye" ryerekana "ibikoresho Moscou [ubutegetsi bw'Uburusiya] yakoresheje hamwe n'ivyo yakoze mu kwivanga mu matora yo mu 2016".
Gabbard avuga ko ubu butumwa muravyo ari icemezo c'"umugambi mubi w'ubuhemu" wo kwonorera Trump, mbere akaba yagabishije ko azoshira abari abategetsi ku ntwaro ya Obama mu minwe y'ubutungane kugira ngo bakurikiranwe.
Ariko mw'itangazo ryiwe ejo ku wa kabiri, umuvugizi wa Obama yagize ati: "Nta kintu na kimwe muri urwo rwandiko rwasohowe mu ndwi iheze kivuguruza umwanzuro wemewe na benshi ko Uburusiya bwagerageje kwivanga mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2016 ariko bukaba butashoboye guhindura na kimwe mu majwi."
Ihuriro ry'inzego n'amashirahamwe ajejwe igendereza muri Amerika (ikizwi nka Intelligence Community, IC mu mpfunyapfunyo) ryarasohoye ivyavuye mw'isuzuma muri Nzero (1) 2017, ryanzuye ko Uburusiya bwarondeye gutoba imyiyamamazo ya Clinton no gufasha Trump muri ayo matora amezi atatu imbere y'uko aba.
Abategesi ba Amerika basanze mu vyakoreshejwe mu kurondera gutoba ano matora harabayemwo amakonte menshi y'ububeshi ku mbuga hwaniro hamwe no kwinjira mu butumwa muravyo bw'Abademokarate, ariko bakaba bahavuye basanga inkurikizi ishobora kuba yabaye nto kandi ko bitashoboye guhindura ivyavuye mu matora.
Icegeranyo categuwe mu 2020 na komite y'inama nkenguzamateka ijejwe igendereza ikaba ihuriyemwo impande zompi (Abarepubulikani n'Abademokarate), na co nyene casanze Uburusiya bwari bwaragerageje gufasha mu myiyamamazo ya Trump mu 2016.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire muri iki gihe, Marco Rubio, akaba yari umukenguzamateka ico gihe, yari mu Barepubulikani bateye igikumu kuri iki cegeranyo.
Imyaka ibiri ya mbere y'ikiringo ca mbere ca Trump yaratosekajwe n'itohoza ryakozwe n'ubushikiranganji bwiwe bw'ubutungane ku bijanye n'uko yoba yari yagiranye umugambi n'Uburusiya kugira ngo ahindure ivyavuye mu matora yo mu 2016.
Icegeranyo cavuye muri iri tohoza (kizwi nka Mueller report) casanze ata vyemezo vyari bihari ko Trump canke abari bajejwe imyiyamamazo yiwe boba barakoranye na Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya), kandi nta muntu n'umwe yigeze akurikiranwa ku vyaha nk'ivyo.
Irindi tohoza ridasanzwe ry'inyuma y'aho ryakozwe n'umushikirizamanza yitwa John Durham, ryasanze iri tohoza rya mbere rya FBI ritabayemwo "umwihwezo wimbitse" kandi ko ryari ryishimikije "amakuru y'igendereza atihwejwe neza kandi atari afise ivyemezo".