Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abategetsi b'i Buraya bariyamiriza inyifato y'amareta yabo ku ntambara ibera muri Gaza
- Umwanditsi, Tom Bateman
- Igikorwa, BBC State Department corresponden
Abategetsi barenga 800 bakiri mu mabanga yabo muri Amerika n'i Buraya bashize umukono kw'itangazo rigabisha ko poritike y'amareta yabo ku ntambara ibera muri Gaza ishobora gufatwa "nko guhonyanga bikomeye amategeko mpuzamakungu".
Iryo tangazo BBC ifitiye kopi rivuga ko ubutegetsi bwabo buhakwa kuba mu bufatanyacaha muri "kamwe mu kaga kabi gahitanye abantu benshi muri iki kinjana", ariko impanuro z'abo nk'abahinga zashizwe ku ruhande.
Ni co kimenyetso ca vuba co ku rwego rwo hejuru co kutavuga rumwe mu mareta y'ibihugu vya Buraya bifitaniye ubucuti na Israel.
Umwe mu bashize umukono kuri iryo tangazo, umutegetsi wo muri Amerika amaze imyaka irenga 25 akora mu vyerekeye umutekano mu gihugu, yabwiye BBC ingene " babandanya kudaha agaciro" amakenga bafise.
Uwo mutegetsi agira ati:"Amajwi y'abantu batahura neza ivyerekeye ako karere n'uko ivyaho vyifashe ntibumvirijwe.
"Ibintu bitandukanye ngaha n'uko tutananiwe guhagarika ibintu, turi abafatanyacaha. Iki n'ikintu gikomeye gitandukanye n'ibindi bihe vyose noba nibuka". Uko ni ko uwo mutegetsi atashatse kumenyekana izina yavuze.
Iryo tangazo ryashizweko umukono n'abakozi ba reta bo muri Amerika, abo ishirahamwe ry'ubumwe bwa buraya, EU n'ibihugu 11 vya Buraya harimwo Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubudagi.
Rivuga ko Israel itigeze yerekana "aho igarukira" mu bikorwa vya gisirikare irimwo muri Gaza, "ivyatumye abasivire ibihumbi n'ibihumbi bapfa kandi vyari gushiboka ko bakingirwa, kandi... ukubuza ko imfashanyo zinjira n'ibigirankana ... bituma abasivire ibihumbi n'ibihumbi bashobora kwicwa na kigoyi no kugenda bapfa buhoro buhoro."
Rigira riti""Birashoboka ko poritike y'amareta yacu agira uruhara mu guhonyanga bikomeye ry'amategeko mpuzamakungu, ayo mu ntambara eka mbere n'ayo guhonya ubwoko canke jenoside."
Amazina y'abashize umukono kuri iryo tangazo ntiyashizwe ahabona, kandi BBC ntiyigeze ibona urutonde rw'ayo mazina, ariko yamenye ko hafi igice cabo ari abategetsi, umwe wese yoba amaze n'imiburiburi imyaka irenga cumi muri reta.