Gaza: Abana basizwe ku ngoyi n'ingwano bakomeretse, bashonje kandi bari bonyene

    • Umwanditsi, Yolande Knell
    • Igikorwa, BBC News, i Yeruzaremu

Rwavukiye mu mahano y'ingwano yo muri Gaza, uru ruyoya rw'umukobwa rw'ukwezi kumwe ruryamye mu mashini yo kubundikira (couveuse/incubator) ntirwigeze rukora kuri nyina warwo.

Rwavutse nyina warwo Hanna abanje kubagwa, Hanna yaguye mu gitero c'indege ca Israel. Ntiyashoboye kurokoka ngo yite izina umukobwa wiwe.

Umuforomakazi Warda al-Awawda avura urwo ruyoya ruto mu bitaro vya al-Aqsa biri i Deir al-Balah muri Gaza yo hagati avuga ati: "Tumwita ngo umukobwa wa Hanna Abu Amsha."

Muragabe: Iyi nkuru irimwo insiguro zishobora kubabaza umutima

Muri aka kaga katewe n'ingwano zikiriko ziraba kandi bari kumwe n'abana bapfushije hafi abagize umuryango wabo bose, abaganga n'abashinzwe ubutabazi hari aho bagorwa no kuronka abitaho abo bana bari mu kigandaro.

Umuforoma avuga ati: "Twarabuze ingene tuvugana n'umuryango wiwe. Nta n'umwe wo mu muryango wiwe araza ngaha kandi ntituzi ico se wiwe yabaye."

Abana bagize hafi ica kabiri c'ababa muri Gaza bangana na miriyoni 2.300.000, barahungabanijwe ubuzima n'ingwano ikaze.

Naho Israel ivuga ko igerageza gukinga ingorane zishikira abanyagihugu b'abasivile, harimwo gutanga amategeko yo gukinjura, ariko abarenga 11.500 y'abafise imyaka iri munsi ya 18 baramaze kwicwa nk'uko bivugwa n'abajejwe ubuvuzi muri Palestine. Hari kandi benshi bakomeretse, benshi muri bo bafise ibikomere bimeze nabi cane.

Biragoye kuronka ibiharuro nyavyo ariko nk'uko bivugwa n'icegeranyo ca vuba cashizwe hanze n'ikigo kidaharanira inyungu ca Mediterranean Human Rights Monitor, abana barenga 24.000 barabuze umuvyeyi umwe canke abavyeyi bompi.

Ibrahim Abu Mouss, afise imyaka 10 gusa, yarakomeretse cane ku kuguru no mu nda igihe igisasu caterwa muhira iwabo. Ariko aguma aririra nyina, sekuru na mushiki biwe.

Se amufashe ukuboko, Ibrahim avuga ati: "Baguma bambwira ko bariko baravurirwa ngaha hejuru mu bitaro. Ariko nahavuye menya ukuri kw'ivyabaye igihe nabona amasamu mw'iterefone ya papa. Nararize cane ku buryo nababara ahantu hose."

Bavyara biwe bo mu muryango wa Hussein bakunda gukinana ariko ubu bicaye bijiriwe hafi y'imva z'umusenyi z'ababo bahambishijwe n'ishuri ryahinduwe ubwihisho muri Gaza yo hagati. Umwe wese yabuze umuvyeyi umwe canke bompi.

Abed Hussein aba mw'ikambi y'impunzi ya al-Bureij avuga ati: "Igisasu caguye ku mavi ya mama hanyuma umubiri wiwe ucikamwo ibimanyu. Twamaze iminsi dutoragura ibimanyu vyiwe mu bibomoka vy'inzu.

"Igihe bavuga ko umuvukanyi wanje, marume, hamwe n'umuryango wanje wose bishwe numvise umutima wanje uvuye amaraso n'umuriro."

N'ibitirotiro mu maso, Abed ntasinzira mw'ijoro kubera gutinya urwamo rw'imijagirwa ry'ibisasu vya Israel no kumva ari wenyene.

Asigura ati: "Igihe mama na papa bari bakiriho, narashobora gusinzira ariko inyuma y'aho biciwe sinkishobora gusinzira na gato. Nahora ndyamana na papa."

Abed n'abo bavukana babiri barokotse bari kumwe na inakuru ariko ubuzima bwa minsi yose bumeze nabi cane.

Avuga ati: "Nta bifungurwa canke amazi. Ubu ndababara mu nda kubera nguma nywa amazi y'ikiyaga."

Se wa Kinza Hussein yishwe ariko aragerageza kurondera ifu yo gukora umukate. Aracabona ishusho y'ikiziga ciwe, bakizanye muhira kugihamba inyuma y'aho yiciwe n'igisasu.

Aribuka ko: "Nta maso yari afise kandi n'ururimi rwiwe bari baruciye."

Avuga ati: "Ico nifuza ni uko iyi ngwano yohera. Ibintu vyose bimeze nabi."

Abantu nka bose muri Gaza batunzwe n'imfashanyo bahabwa y'ibintu vya nkenerwa mu buzima. Ivyegeranyo vya ONU bivuga ko abantu umuriyoni 1,7 bateshejwe ivyabo, kandi benshi baguma bimuka barondera ahantu hatekanye.

Ariko ishami rya ONU ryita ku bana Unicef rivuga ko ingorane nyamukuru ari iyo abana 19.000 babaye impfuvyi canke basigaye ari bonyene badafise umuntu akuze abitaho.

Umuyobozi ajejwe gutanga amakuru muri Unicef Palestine, Jonathan Crick, ari muri Rafah mu bumanuko bwa Gaza yavuze ati: "Abana benshi muri abo batowe mu bibomoka canke babuze abavyeyi babo mu bitero vyatewe mu mihana y'iwabo. Abandi batowe ku mipaka ya Israel, mu bitaro no mu mabarabara.

"Abakiri bato cane ntibashobora kuvuga amazina yabo n'abakuze nabo baracababaye ku buryo bigoye cane kumenya abo aribo kugira dushobore kubahuza kandi n'abasigaye mu miryango yabo."

Naho abaryango babo botorwa, si abantu wovuga ko boshobora kugira ico bafasha abo bana babuze abavyeyi.

Crick avuga ati: "Reka tugumize mu mutwe ko nabo bari mu bihe bigoye cane.

"Barashobora kuba bafise abana babo bakeneye uwubitaho kandi birashobora kubagora kwitaho abana batazi aho ababo baherereye batanafise ikibaraba."

Kuva ingwano yatangura, ikigo kidaharanira inyungu gikorera mu gihugu, SOS Village d'Enfants, gikorana na Unicef, kivuga ko catoye abana nk'abo 55 bafise imyaka iri munsi ya 10. Yahaye akazi abandi bahinga muri Rafah kugira batange ubufasha mu vy'inyifato (psychological help/aide psychologique)

Umukozi mukuru muri SOS yambwiye ko umwana w'imyaka hafi ine yatakariye ku mupaka. Bamutoye afise uburwayi bwo kutavuga mu bihe bimwe bimwe, ingwara y'ubwoba ituma adashobora kuvuga ivyamubayeko n'ico abiwe babaye, ariko ubu ariko aratora mitende inyuma y'aho bamwakiranye utuganuke kandi agakina n'abandi bana babana.

Unicef ivuga ko abana bose bo muri Gaza bakeneye ubufasha bw'ingwara zo mu mutwe.

Ubuzima bwabo bwarahungabanijwe, naho hoba guhagarika ingwano kw'igihe kinini, benshi muri bo bazosigara mu kangaratete kandi bizobagora kubivamwo.