Israel – Hamas: Imisi 100 inyuma y’igitero ca Hamas cabaye imbarusto y’intambara, Gaza isigaye ari umusaka

    • Umwanditsi, Na Wyre Davies
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu Buseruko bwo Hagati

Mu misi ijana iheze, habaye ikintu kitari citezwe muri Israel. Iki gihugu cavutse mu matati n’intambara mu myaka 75 yonyene iheze, cavyukiye ku vyo bamwe bafata ko ari akaga kageramiwe ukubaho kwayo.

Mw’ijoro rya nijoro ku wa gatantatu, i Tel Aviv, ibihumbi n’ibihumbi barakoranye bibuka ivyabaye ku wa 7 Gitugutu (10). Hejuru ya vyose abari aho bose bibutse abantu bababa 130 banyurujwe na Hamas gushika n’ubu bagipfungiwe muri Gaza, nubwo bamwe muri bo bashobora kuba batakibaho.

Mu gatondo ka kare, haraciye imisi 100, ibihumbi n’ibihumbi vy’abarwanyi ba Hamas bafise ibirwanisho bikomeye barateye uturere dutandukanye, bamwe baciye mu kirere abandi baciye ku butaka bameneye ku rubibe rwa Gaza.

Bateye ibigo vya gisirikare n’ibisagara biri ku rubibe bisanzwe bimenyereye ibitero vya rokete bivuye muri Gaza, ariko birarengerewa n’ubukana bw’iki gitero ca Hamas.

Abantu nibura 1200 ku mupaka barishwe mu gihe ingabo za Israel zatewe zititeguye.

Amasanamu y’abantu bari bibereye mu muziki bariko barahunga aho bari mw’isabukuru ry’ahitwa Nova yateye ubwoba bikomeye Israel. Mu bari muri iyo sabukuru, 360 muri bo barishwe abandi batari bake bafatwa bugwati batarwa muri Gaza.

Mu bari muri ibi birori bikomeye i Tel Aviv vyo kwibuka iki gitero harimwo imiryango y’ababuze abayo, bafise ivyapa bambaye n’udupira turiko amasura y’ababo.

Benshi mu bari buri ibi birori bavuga ko ivyabaye ku wa 7 Gitugutu ari co kintu ca mbere giteye ubwoba kuva babayeho muri Israel kandi ko ari bwo bwa mbere abanya-Israel babonye ko bageramiwe ku rugero nk’urwo.

Mu gihe intego nyamukuru ari itahukanwa mu mahoro ry’abanyurujwe, abenshi kandi barashigikiye intego za reta mu ntambara yayo muri Gaza, bake muri bo bakaba ari bo basaba ukwihangana no kurondera kubana neza n’abanya-Gaza.

Kuva ico gihe, mu gikorwa co kwihora iki gitero co ku wa 7 Gitugutu, igisirikare ca Israel caciye gitangura isekeza ryo gucucagira ibibombe kuri Gaza ku rugero rutari bwigere rubaho – intego yaco ikaba ari: ugusambura burundu Hamas hamwe n’ubutegetsi bwayo bwose.

Hafi Gaza yose, kuva mu gisagara ca Gaza kiri mu buraruko gushika mu gisagara ca Khan Younis mu bumanuko, isigaye ari umusaka.

Israel ivuga ko Hamas yakubiswe irashaya kandi ko, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Israel, ubu ata nguvu isigaranye zo gukorera mu buraruko.

Ariko igitigiri c’abasivire bamaze kugandagurikira mu bitero vy’amabombe ni kinini cane. Abarenga 23.000 baramaze kuhasiga ubuzima, nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas, abenshi muri bo bakaba ari abagore n’abana. Abandi baharurwa mu bihumbi bazwi ko baheze mu bihomoka.

Abategetsi ba Palestina bavuga ko abanyagihugu 85% ba Gaza bataye izabo. Mu gihe imfashanyo zinjira muri Gaza, umukuru w’ishami rya ONU rijejwe ubutabazi avuga ko ibintu bimeze nabi cane.

Faten Abu Shahada, ni umugore akeneye kwama ariko aravugwa ifyigo, ari na co gituma we n’umuryango wiwe bataye bakomokera mu bumanuko. Ubu baba mw’ihema muri Khan Younis.

Ati: "Gaza yaratikiye. Ubu nta Gaza igisigaye – nta bitaro, nta mashure. Abana bacu barataye umwaka w’ishure, Gaza ntikibaho”.

Amakungu ariko atera igitsure Israel kugira ngo ihagarike intambara canke habe agahengwe muri Gaza kubera amahano abasivire bariko barahabonera.

Eka n’incuti yayo ya hafi cane, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zama ziriko ziravuga ko Israel ifise uburenganzira bwo kwivuna kandi zidashaka ko ivyabaye ku wa 7 Gitugutu bisubira, iguma ibwira umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu ko abasivire bamaze kwicwa “barenze urugero”.

Perezida Biden aramaze kuvuga kw’”icucagira ry’ibibombe vy’urudavagi” rikorwa na Israel, aho yavuze ko iki gihugu kiriko kiratakaza incuti kw’isi. Gideon Levy ni umwanditsi mu kinyamakuru co muri Israel Haaretz kandi yama anegura Netanyahu. Umunyamakuru wa BBC yamubajije nimba ino ntambara – imaze kuba ari yo ya mbere ndende kuva mu 1948 – ishobora kurangira ubu bwa vuba.

Yishuye ati: "Ino ntambara uko imeze izobandanya igihe cose Abanyamerika bazoreka Israel ikabandanya irwana”.

Yongerako ati: "Si nibaza ko yoba isigaje ayandi mayinga menshi. Ariko si mvuze ko intambara yaheze kuko nta muntu n’umwe yigeze yiyumvira ibizokurikira.

"Israel itavuye muri Gaza, hazokwama ibitero vyo kuyivuna. Kandi ni haba ibi bitero vyo kuyivuna, hazotegerezwa kuva ivyo kwihora".

Mu gihe ingabo za Israel zibandanya gutera ibirindiro vya Hamas hagati no mu bumanuko bwa Gaza, ivyo kurangiza intambara bisa n’ibiri kure mu vyiyumviro vya Netanyahu.

Israel ivuga ko intambara idashobora guhagarara gushika Hamas itsinzwe burundu. Hari igipfungu kuri kazoza k’akarere, cane cane ku bihumbi n’ibihumbi vy’abasivire bari mu mahano atagira izina muri Gaza.