Abakomanda b'umuhari Hamas mu buraruko bwa Gaza barishwe - Israel

Igisirikare ca Israel kivuga ko "casambueye burundu" uburongozi bw'umuhari Hamas mu buraruko bwa Gaza.

Umuvugizi wa gisirikare Daniel Hagari yabwiye abamenyeshamakuru ko abagwanyi ba Hamas ubu bagira ibitero gake kandi " batagira ababarongoye".

Avuga ko Israel yishe abagwanyi boba bashika 8.000 mu buraruko bwa Gaza. BBC ntiyashoboye guhinyuza ico gitigiri ko ari co.

Yabandanije avuga ko abasirikare ba Israel ubu bariko barashira inguvu nyinshi mu gutuza Hamas mu bumanuko no hagati mu karere ka Gaza.

Israel imaze kwica abantu barenga 22.000 kuva intambara yadutse, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu.

Ku musi wa gatandatu bwavuze bwaharuye abapfuye barenga 120 mu masaha 24 gusa.

Ako karere karasinzikaye cane kandi abantu bahaba bashika imiliyoni 2.3 barataye izabo.

Ibitero vya Israel vyatanguye inyuma y'aho abagabo bitwaje inkoho bagize igitero giturumbuka mu bumanuko bwa Israel itariki 7 z'ukwezi kwa Gitugutu (10), bica abantu 1.200, benshi muri bo ari abasivile, abandi bashika 240 bagirwa imbohe.

Imbohe zisigaye ni 120 inyuma y'irekurwa rya bamwe hisunzwe ihagarikwa ry'intambara ryabaye mu mwaka uheze.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yarasubiriye kwemanga ku musi wa gatandatu ko Israel ishobora kubandanya igikorwa cayo co "gutuza Hamas, kubohoza abagizwe ingwati no gukora ku buryo Gaza itazosubira kubangamira Israel".

Mw'itangazo, Netanyahu yagize ati:"Dutegerezwa gushira ku ruhande ibintu vyose ... gushika tugeze ku ntsinzi."

Hagati aho, abanye Palestine batandatu bariciwe mu gitero ca Israel mu gisagara ca Jenin, mu karere ka Cisjordanie kigaruriwe na Israel, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Palestine bujejwe amagara y'abantu.

Ibinyamakuru vya Palestine bivuga ko ico gitero cagizwe n'igitigiri kinini c'ingabo za Israel.

Iruhande y'ico gitero, bivugwa ko igitero c'indege za Israel catumbereye ahantu hari hakoraniye abantu benshi muri Cisjordanie, inyuma y'aho imodoka y'intambara y'ico gihugu iciriye ku kintu giturika, gihitana umusirikare umwe.

Jenin iguma iterwa urutitsa na Israel mu mezi 18 aheze mbere ibitero bikaba vyarongerekanye kuva intambara ya Gaza yadutse itariki 7 z'ukwezi kwa Gitugutu (10).

Hanyuma ku rubibe rwa Israel mu buraruko, umuhari wa Hezbollah wararashe amarokete arenga mirongo ibiri ku butaka bwa Israel ku musi wa gatandatu, muco bise intangamarara y'inyishu kw'iyicwa ry'umutegetsi wa Hamas i Beirut mu ntango z'iyi ndwi.

Saleh al-Arouri yiciwe mu gitero cikekwa ko ari ica Israel ku mugwa mukuru wa Libani.

Mw'itangazo ry'uwo muhari wo muri Libani ufashwe mu mugongo na Iran uvuga ko wateye rokete 62 ku kirindiro kirimwo uburyo bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere ca Meron.

Igisirikare ca Israel kivuga ko cabonye ahaturutse izo rokete hashika 40 kandi ko cishuye kuri ivyo bitero.

Umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire Anthony Blinken ku wa gatandatu yavuze ko ariko ashira inguvu nyinshi ku gutuma intambara ya Gaza idakwiragira hose no kwirinda "ubwicanyi bw'urutavanako".

Blinken yabivugiye mu Bugiriki mu ntango y'urugendo rw'indwi yose muri ako karere. Yaciye abandaniriza urwo rugendo muri Yordaniya aho aza guhura n'umwami Abdullah kuri uyu w'Imana imbere yo kubandaniriza muri Qatar.