ONU ivuga ko AFC/M23 imaze kwinjiza abarenga 7000 bashasha mu barwanyi bayo kuva ifashe Goma

Ahavuye isanamu, UN
Intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Bintou Keita yaraye abwiye Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi ko "abarwanyi bashasha barenga 7000'' bamaze guhabwa inyigisho za gisirikare mu makambi ya AFC/M23 mu mezi indwi aheze.
Mw'ijambo yashikirije abagize iyo nama, umupfasoni Keita yavuze ko muri aya mezi umunani aheze umuhari AFC/M23 wabandanije wiyagurira uturere wongera ushinga imizi mu turere wigaruriye, wirengangije vyinshi mu vyo wasabwe n'iyo nama mu ngingo yayo yo mu kwa kabiri uno mwaka.
Iyo ngingo yasaba impande zose guhagarika imishamirano ubwo nyene kandi ata gisabwe. Yategeka kandi "AFC/M23 guhagarika ibitero vyayo, ikava mu bisagara vya Goma na Bukavu, hamwe no mu tundi turere yari imaze kwigarurira, ikongera igahagarika ivyo gushinga inzego zibangabanganwa" n'iza reta.
Umupfasoni Keita avuga kandi ko kuva muri Ruheshi (6), ubutumwa bwa MONUSCO bumaze kuronka "indiri y'abasaba gukingirwa mu materitware agenzurwa na AFC/M23", akavuga kandi ko muri Rutshuru, ukwezi kwa Mukakaro (7) ari kwo kwagandaguriwemwo abantu benshi kuva uno muhari utanguje intambara mu mpera za Munyonyo (11) 2021.
Ati: "Ibi birerekana igihengeri hagati y'ingingo zifatwa n'iyi Nama hamwe n'ibibera ku rubuga".
Atera akamo iyi Nama n'abafise uruhara bose ko bokora ibishoboka vyose kugira ngo haboneke amasezerano yo guhagarika intambara burundu hamwe n'amahoro arama yotuma ituze rigaruka mu buseruko bwa DR Congo.
Ati: "Ico conyene ni co kizotuma ivyo mwiyemeje bigaragarizwa mw'iterambere ry'ukuri ku banyagihugu".
Nubwo yahagaze kuri AFC/M23, Bintou Keita yamenyesheje ko atari wo muhari wonyene uteye isibe mu buseruko bwa DR Congo, aho yagarutse no ku yindi nka ADF, CRP, CODECO.
Nta vyinshi yavuze ku muhari FDLR urwanya Urwanda, reta y'ico gihugu ikaba isanzwe yagiriza reta ya Congo ko ikorana ikongera igafasha uno muhari, ivyo Congo ihakana, ahubwo nayo ikagiriza Urwanda ko ari icitwazo kugira ngo rubandanye ruvogera ubusugire bw'iki gihugu kimaze imyaka hafi 30 mu ntambara igenda yisubiriza.
Kuva intambara isubiye kwaduka mu mpera za 2021, utwigoro two kugarukana amahoro gushika ubu ntaco turashikako.
Keita yibutsa ko ibihugu n'amashirahamwe y'akarere, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Qatar, Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko (EAC), hamwe n'ishirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko (SADC) vyiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira amahoro agaruke, bibicishije mu biganiro.
Ati: "Hagati aho, amahoro aracari kure nk'ukwezi ku rubuga".
Mw'ijambo ryiwe, Keita yerekana ibihengeri birangwa mu masezerano n'ivyemezo bimaze gufatwa mu ntumbero yo kugarukana amahoro muri DR Congo, ariko gushika ubu bikaba ataco birashikanako.
Ati: "Ni twananirwa kuzibira ibi bihengeri, amamiriyoni n'amamiriyoni y'abasivire ni bo bazobandanya bavyishura".













