Ubwato bubiri bw'intambara bwa Amerika bwaciye mu micungararo ya Taiwan

Ahavuye isanamu, US 7TH FLEET
Igisirikare kigwanira mu mazi ca Amerika camenyesheje ko ubwato bubiri bw'intambara bwaco buriko buraca mu micungararo ya Taiwan.
Ni ubwa mbere igikorwa nk'ico kibaye kuva habaye imishamirano hagati ya Taiwan n'Ubushinwa bivuye ku rugendo umukuru w'inama nshingamateka ya Reta zunze Ubumbwe za Amerika yagize muri Taiwan mu ntango z'uku kwezi.
Mu kwishura, Ubushinwa bwaciye bukoresha imyimenyerezo ya gisirikare muri ako karere.
Muri iyi myaka ya vuba, igisirikare ca Amerika n'ica Buraya bigwanira mu mazi vyagumye bifata iyo nzira ica mu micungararo ya Taiwan.
Amerika ivuga ko ayo mato abiri yose atera misile zeretswe inzira - USS Antietam na USS Chancellorsville - ariko arerekana uburenganzira bwo guca mu mazi mpuzamakungu.
Ubushinwa bufata ibikorwa nk'ivyo nk'agasotoro kandi bukabandanya bwemeza ko iryo zinga rya Taiwan ari igice c'ico gihugu.
Ku musi w'Imana, igisirikare c'Ubushinwa cavuze ko kiriko kirakurikiranira hagufi ingendo z'ayo mato, ko kigavye kandi ko citeguriye kwivuna igihe cosotorwa, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.
Mw'itangazo, igisirikare kigwanira mu mazi ca Amerika cavuze ko guca mu micungararo ya Taiwain vyerekana ko " Reta zunze Ubumwe za Amerika" zishigikiye ukwishira n'ukwizana no kwisanzura mw'ibahari Pacifique.
Iryo tangazo ryongerako riti:"Aya mato yaciye mu muhora uca kure yahagenzurwa n'igihugu ico ari co cose."
Umushikiranganji wa Taiwan ajejwe wivuna abansi yavuze ko ayo mato yariko aragenda yerekeza mu bumanuko kandi ko ingabo z'ico gihugu ziriko zirayakurikirana, ariko ko "ibintu vyifashe neza".
Taiwan n'igihugu gifise intwaro yaco, ariko Ubushinwa bukibona nk'intara yabwo ishobora kuzosubira kwiyunga na bwo, binakenewe ku nguvu.
Taiwan yabaye iyindi ngorane ikomeye hagati ya Amerika n'Ubushinwa muri iyi myaka iheze, aho Amerika igenda yinengesereye kuri ico kibazo.
Amerika irubaha politike "y'Ubushinwa bumwe" - umushinge wa diplomasi hagati y'ivyo bihugu bibiri, aho yemera reta imwe y'Ubushinwa - ikaba ifitaniye n'imigenderaniye ku mugaragaro n'Ubushinwa hamwe na Taiwan.
Ariko kandi irafitaniye ubucuti "butari ku mugaragaro" n'iryo zinga. Ivyo bikaba birimwo kugurisha ibigwanisho kuri Taiwan kugira ishobore kwivuna.










