N'ayahe 'mayeri y'ikinyogoto' akoreshwa na Taiwan mu kwikingira China?

Igisirikare ca Taiwan

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Taiwan cama mu myimenyerezo yo kwivuna igihe coterwa n'Ubushinwa

Ubushinwa buriko buragira imyimenyerezo ya gisirikare y'akataraboneka mu micungararo ya Taiwan, igihugu bufata ko kiri mu bigize Ubushinwa.

Iyo myimenyerezo yatangujwe mu kwishura ku rugendo umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi, yagize kuri iryo zinga, irimwo gutera misile mu kiyaga no kwinjira mu kirere ca Taiwan.

Kuva mu myaka irenga 20, imishamirano hagati y'Ubushinwa na Taiwan yagumye yongerekana, ku buryo kuba Ubushinwa bushobora gutera iryo zinga ari abantu bari kurushi boba babona ko bidashoboka.

Mu gihe Ubushinwa bwotera Taiwan, intambara y'ibihugu bitanganya inguvu yoca yaduka, n'ukuvuga intambara aho kimwe muri ivyo bihugu gifise inguvu z'umurengera za gisirikare gusumba ico bahanganye.

N'intambara turiko turabona ubu hagati y'Uburusiya na Ukraine, kandi yatweretse ko ukutanganya inguvu ata co bisa bisana n'ibibera ku rubuga rw'intambara.

Ibintu vyoba ibindi mu gihe Ubushinwa bwotera Taiwan?

Igwaneko nk'ikinyogoto

Ubushinwa bubamwo abantu imiriyaridi 1.4 ku miliyoni 24.5 z'abo muri Taiwan, bukoresha amahera angana incuro 13 mu gisirikare ugereranije n'umubanyi wabwo, burusha kure, ufatiye ku gitigiri c'abasirikare, ibikoresho hamwe n'ibigwanisho.

Mu gihe Taiwan izi neza ko ata nguvu ifise, yaciye itora "amayeri y'ikinyogoto".

Cumvise ko kigeramiwe, ikinyogoto gica gishinga utwoya twaco dushinze nk'uducumu kugira kibuze igikoko gishaka kukirya kucegera.

"Ububabare bwo guhonyora kuri utwo ducumu tw'ikinyogoto, ni yo nzitizi ya mbere ibuza ko kiribwa", nk'uko bisigurwa n'ikinyamakuru Taipei Times.

Mu gihe ariko ico gikoko ciyemeje gutera ico kinyogoto, kirahabonera kikaruhira guheba.

Ikinyogoto

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uducumu tw'ikinyogoto turakomeratsa bigatuma haba ibikoko bike bishobora kucegera

Amayeri ya Taiwan ahagaze kuri ivyo, binemezwa mu cegeranyo co kwivuna umwansi citwa Quadrennial Defence Review co mu 2021.

"Kurinda umwansi ku nkengera birabana, kumuterera mu mazi, kumusamburira ahegereye inkengera hamwe no kumuzimanganiriza ku biraro", ivyo ni vyo ico cegeranyo kivuga.

Mu kugwana intambara n'ababarusha inguvu, Taiwan ntishira imbere kurondera indege karuhariwe n'amato yibira azimvye, ahubwo gukwiragiza ibigwanisho vyo kwikingira biguma bihindura ibibanza kandi binyegeje, nka misile zirasa indege n'izirasa amato.

Impome zitatu z'amenyo zo kwikingira Ubushinwa

Zeno Leoni, umuhinga mu vyo kwivuna abansi n'imigenderanire hagati y'Ubushinwa n'Uburaya akora kuri Kaminuza King's College y'i Londres, yaragize umwihwezo kuri izo mpome zitatu zituma Taiwan igira amayeri y'ikinyogoto.

Mu nyandiko yerekeye uburyo bwo kwikingira bwa Taiwan yashizwe ahabona mu kinyamakuru The Conversation, yasiguye ati:"Uruhome rw'inyuma rugizwe n'iperereza no gutata mu ntumbero yo kwihweza nimba igisirikare kiryamiye amajanja."

Kuva mu myaka irenga mirongo ibiri, Taiwan yarateguye uburyo bwo kugabisha hakiri kare, kugira yikingire ibitero vya bukwi na bukwi itari yiteze vy'Ubushinwa.

Gutyo, Ubushinwa "bwotegerezwa gutangura gutera bukoresheje misile zishika ahantu hagereranye hamwe n'ibitero vyo mu kirere mu gusambura ivyuma vya 'radar' , ibibuga vy'indege hamwe n'inkoho zitera misile vya Taiwan."

Indege ya gisirikare y'Ubushinwa

Ahavuye isanamu, HANDOUT

Insiguro y'isanamu, Indege za gisirikare z'Ubushinwa zaragize imyimenyerezo mu kirere no mu mazi mu micungararo ya Taiwan
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kwishura ku gitero nk'ico, uruhome rwo hagati rw'ikinyogoto rugizwe no kugomora ingabo zigwanira mu mazi kugira habe ibitero vyo mu kiyaga bafashijwe n'indege z'intambara bahawe na Reta zunze Ubumbwe za Amerika, nk'uko uwo muhinga abivuga.

Ubwato buto buto kandi bunyaruka butera misile bufashijwe na za kajugujugu z'intambara hamwe n'inkoho zitera misile ziri ku butaka, bishobora kugerageza kubuza amato y'abashinwa gushika ku butaka bwa Taiwan.

Canke ko mu gihe boramuka bashitse ku butaka bwa Taiwan, bazibonerako mu kubura abasirikare benshi n'ibikoresho.

Leoni asigura ati: "Uko Taiwan imeze hamwe n'abanyagihugu bayo ni vyo bigize uruhome rugira gatatu rwo kwikingira."

Imisozi ya Formose ihanamye cane, inkengera z'ikiyaga zoroshe kwururukirako hamwe n'igice kinini cubatswemwo, biha amahigwe abazoba bariko barigwanako, kandi bishobora gutuma abateye bahatakariza ibintu vyinshi.

Ikindi, mu gihe abasirikare b'Ubushinwa baruta kure aba Taiwan incuro 12 mu bwinshi, bafise kandi abarenga imiliyoni n'igice bahamagarwa iyo bakenewe (réservistes) bokwinjira mu ntambara mu gihe ingabo z'Ubushinwa zoba ziteye ico gihugu.

Ibigwanisho bihindagura ibibanza, bikoreshwa mu buryo butandukanye kandi vyoroshe kunyegeza ni vyo vyoba kirumara ku ruhome rwa gatatu, nk'uko vyagaragaye muri Ukraine mu gukoresha misile ngendanwa za Javelin na Stinger zabiciye biracika ku ndege n'ibimodoka bitamenwa vy'Uburusiya.

Kajugujugu y'Ubushinwa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kajugujugu y'Ubushinwa mu micungararo ry'izinga rya Pingtan

Amerika yokora iki ?

Mu kwezi kwa gatanu, Perezida Joe Biden yatangaje abantu benshi mu kuvuga ko igihugu ciwe "cafashe ingingo" yo gutabara Taiwan, n'aho mu nyuma yisubiyeko mu kuvuga ko atacahindutse ku "mikenyuro iteye amadidane".

Iyo ngingo ntitumbereye gusa guca intege Ubushinwa ngo ntibutere Taiwan, inagamije kubuza Taiwan gutangaza ko yikukiye (Ubushinwa bwaragabishije ko buzoyitera niyabikora), mu gihe idashigikiwe muri ico gikorwa na Amerika.

Bamwe mu bagize inama nshingamateka ya Amerika barasavye ko hoba impinduka aho ico gihugu gihagaze mu "gushira ahabona imikenyuro" yo guca intege Ubushinwa, bubandanya bwotsa igitutu Taiwan, no kwongereza ingabo muri ako karere.

Uko biri kose, abantu bari ku rushi ni bo bacibaza ko Amerika yorera amaboko mu gihe Ubushinwa bwotera Taiwan.

Ukwerekana inguvu za gisirikare kw'Ubushinwa biratera uruhagarara ku buzima bwa misi yose bwa Taiwan, abantu ahanini birabababaje cane gusumba kubatera ubwoba.

Uruja n'uruza rwo mu mazi hamwe n'amakompanyi y'indege vyaragize ibibazo bikomeye, aho amato aguma ahagaze ku bivuko, indege na zo zasivya ingendo inyuma y'aho Ubushinwa buburije kuja mu nkengera ry'iryo zinga kubera imyimenyerezo ya gisirikare yariko irahabera.