Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
''Fearless Journey'', filime y'urugendo rwa Maggy Barankitse mu myaka 30 y'ibikorwa vy'ubugiraneza
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bruxelles
Marguerite Barankitse, azwi cane nka Maggy, ku wa mbere yari yahagurukije abantu amajana.
Nako siwe yabahagurukije, mugabo bari bagiye kuraba filime y'urugendo rw'ibikorwa vy'ubugiraneza amazemwo imyaka irenga 30.
''Fearless Journey'' vyogereranywa mu Kirundi nk''Urugendo Rutagira Ubwoba'', ni filime y'iminota 60 yakozwe n'urunani rw'amashirahamwe y'abagiraneza yo muri Luxemburg hamwe n'abamenyeshamakuru bo muri ico gihugu, aho Barankitse asanzwe afise ubwenegihugu bw'icubahiro kubera ibikorwa vy'ubuntu yagiye ararangura.
Muri ico gihugu niho nyene iyo filime yerekaniwe ubwa mbere.
Iryo murikwa ryabereye mu nyubakwa za Banque de Luxembourg ryari ryitabwe n'abantu amajana barimwo abari bazindutse bavuye mu bihugu bitandukanye vya Bulaya na Asia, abategetsi, abaserukira ibihugu, abihebeye Imana n'abagwizatunga batandukanye.
Iyo filime ntiyerekeye urugendo rwa Maggy mu bikorwa vy'ubugiraneza gusa, ivuga kandi n'urugendo rwo kurwana indwara yiwe ya cancer ubu avuga ko yanesheje, vyose ngo kubera ''urukundo''.
"Urukundo nirwo rwatumye ntsinda indwara ya cancer, mbabarira n'abantwaye ivyanje'', Marguerite Barankitse niko yavuze iyo reresi ihejeje kwerekanwa.
Ivyo yakoze mu Burundi vyaranyazwe
Iyo filime isubira inyuma ku myaka hafi 32 iheze Maggy, w'imyaka 68, akora ibikorwa vy'ubugiraneza.
Kimwe mu bigo vyamenyekanye cane yashinze ni Maison Shalom ku murwa mukuru w'iyahora ari intara ya Ruyigi ubu iri mu ntara ya Buhumuza. Yagishinze mu 1993, umwaka umwe mu yindi myinshi yaranzwe n'indyane, ubwicanyi n'intureka muri kahise k'Uburundi.
Umukuru w'igihugu Melchior Ndadaye amaze kugandagurwa, inganda zaratikiye mu gihugu, abana benshi bacika impfuvyi, harimwo no mu Ruyigi aho Maggy Barankitse yari asanzwe akora kuri diyoseze.
Aca ashinga Maison Shalom ngo yegeranye kandi yiteho bene abo bana. Maison Shalon bivugwa ko yakiriye kandi ikarera abana barenga ibihumbi 30 b'impfubyi n'abatishoboye.
Uretse Maison Shalom, aho mu Ruyigi Maggy yarahashinze n'ibindi bikorwa vyinshi vyo gufasha birimwo
- Ibitaro Rema birimwo n'ishure ry'ubuvuzi
- Garage des Anges ahokorerwa imiduga
- Cinema des Anges aharabirwa amafilime
- Irerero ry'abana b'impfuvyi (Orphelinat) n'ikigo c'abana batagira kirera.
- Amashure n'imyuga
- Imigambi itandukanye y'iterambere irimwo n'ishirahamwe ryo gutanga amadeni matomato (microcrédit)
Ariko ivyo vyose ubu vyaranyazwe hisunzwe ingingo y'ubutungane. Maggy ari ku rutonde rw'abaronderwa n'ubutungane bw'Uburundi ku ruhara boba baragize mu ntureka zo mu 2015 zashingiye ku kiringo ca gatatu c'uwari umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza n'ukugerageza gutembagaza ubutegetsi.
Ariko Maggy avuga ko urukundo rwatumye ababarira " abantwaye ivyanje'' kandi ari 'rwo ruzotuma abarundi bava mu ndyane."
Kubandanya ibikorwa no kurwana na cancer mu buhungiro
Mu musumiranyo w'izo ntureka zo mu 2015, Maggy Barankitse yarahunze igihugu, aja mu gihugu kibanyi c'Urwanda, ahahungiye n'abandi Barundi batari bake.
Yarabandanije ibikorwa nk'ivya Maison Shalom, aho yashinze imigambi ifasha impunzi z'Abarundi, harimwo n'abari mw'ikambi ya Mahama.
Ubwitange n'ubutwari bwiwe vyatumye aronka ubushimwe mpuzamakungu bwinshi burimwo Nansen ka HCR hamwe na Aurora Prize .
Fearless Journey ibaye filime ya mbere mpuzamakungu imuhariwe.
Igice ca nyuma kirerekana urugamba rwiwe rwo gutsinda indwara ya cancer mu buhungiro.
Umwe mu bari bitavye imurikwa ry'iyo filime ni Cardinal Jean-Claude Hollerich, umwungere mukuru wa Ekleziya Gatolika muri Luxembourg. Yashimangiye ko urugendo rwa Marguerite Barankitse ari intangarugero kw'isi yose.
"Maggy ni akarorero ku bantu bose. Yaraturubitswe, rimwe mu mashirahamwe arakangwa, ararwara cancer arayitsinda, ariko ntiyigeze areka gufasha abandi, harimwo n'abamukoreye ikibi. Ni ikimenyetso ko urukundo rushobora gutsinda ikibi", niko uwo yigeze gukora ku cicaro gikuru ca Papa i Vatikano yavuze.
Denise Richard, umuyobozi wa Partage Luxembourg, rimwe mu mashirahamwe yafashije gukora iyo filime, yavuze ko igamije kwerekana ko mu ''gihe isi iguma irangwa n'intambara, abantu nk'aba b'intwari bakeneye gushigikirwa kugira ubutumwa bwabo bw'ubuntu bugere kure.''
Nicolas, umwe mu bagwizatunga nawe yari yaje kuraba iyo filime, yavuze ko ubuzima bwa Barankitse ari ishure ry'ubuntu. Ati:
"Umuntu yigeze kurwara cancer mu buhungiro, ariko akabandanya gufasha abandi , kndi ivyo yaranguye mu gihugu c'iwabo bigafatwa, ntivyabujije ko akomeza kubabarira. Abana bacu nabo kw'isi bose bakwiye kwigiraa ku rugero nk'uru."
Ibitavye imurikwa ry'iyo filime bahejeje kuyiraba barahagurutse bamuha amashi y'iteka n'amashimwe menshi, hanyuma hakurikira uguhoberana n'ugushima kwinshi. Abatari bake barifotoreje nawe kugira bafate urwibutso rw'uwo musi.