Burundi: Ivyo Marguerite Barankitse avuga ku birego vy'iterabwoba

Marguerite Barankitse avuga ko kumwagiriza ibitero vy'iterabwoba ari ugushaka kumuca inkokora kandi ko iyo ataba umukristu vyari kumushavuza.

Umupfasoni Barankitse yavuzwe n'umushikirizamanza kizigenza mu bantu yagirije kuba inyuma y'ibitero bitandukanye mu gihugu vyahitanye abantu.

Umushikirizamanza Sylvestre Nyandwi yateye akamo ibihugu vy'akarere gufasha kugira aba bagirizwa bafatwe mu gihe boramuka baciye muri ibi bihugu.

BBC yegereye bamwe mu bagirijwe na Nyandwi mu kiganiro yaraye ahaye abamenyeshamakuru, Barankitse akavuga ko ivyo bamwagiriza bifise izindi mvo kandi atari irya mbere.

Ati: "Kuva mu 2007 baranyagirije ibitari bike mugabo bagomba ko ncika inkokora, nagira ndababwire ko ivyo birego bintumye ahubwo mbandanya nkora ibikorwa vy'urukundo Imana yantoreye".

Barankitse arongoye ishirahamwe Maison Shalom, arazwi mu bikorwa vyo gufasha impfuvyi n'abakene kandi yaherewe udushimwe dutandukanye kw'isi, ariko yaje guhungira mu Rwanda ahakomereza ivyo bikorwa.

Leta y'u Burundi imwagiriza ibikorwa vyo kurwanya ubutegetsi, akaba asanzwe aronderwa n'ubutungane bw'Uburundi ku ruhara bumwagiriza mw'itembagazwa ry'ubutegetsi ryaburijwemo mu 2015.

Barankitse n'abandi barimwo abahoze ari intwazangabo, abamenyeshamakuru n'impirimbanyi z'uburenganzira, baraciriwe umunyororo wo guherayo mu Burundi atari aho bari kubera iryo hirika ry'ubutegetsi ryabujwemwo.

We avuga ko ivyo yagirizwa ubu na mbere vyose bifise imvo za politike, no gushaka kwigarurira ivyiwe yasize mu Burundi.

Yagiriza kandi bamwe mu bakuriye umugambwe uri kubutegetsi kunyaga ivyo Maison Shalom yari yarahaye urwaruka bakabiha Imbonerakure, avuga ko ibi yabibwiyeko Révérien Ndikuriyo umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD.

Yagize ati: "Jewe rero ngira ngo ubu bagomba bance inkokora, bagomba ngo mvuge nabi, kumbure ko nokwihebura, ihibambe we sinzokwigera nihebura."

Yongeraho ati: "N'ubu rero ntibinteye ubwoba, barabonye bahejeje kunyangaza ko nagiye nkubakira abana i Mahama, nkigisha abana muri kaminuza, nkavura, none bagira ngo bankorere inteba ishushe amakungu amparire ivomo."

Barankitse, yahunze u Burundi aja mu Rwanda aho ahanini akorera ibikorwa vyiwe harimwo gufasha impunzi n'impfuvyi, gusa avuga ko ivyo yagirizwa iwabo bitamuca intege.

Ati: "…Nanje kubera urukundo nkunda igihugu canyibarutse niyo mpamvu banyambika ibara kuva kera ariko ntibinteye ubwoba, ndaremye."

Ntibafise ubwoba bwo guhagarikwa aho bari?

François Nyamoya wo mu mugambwe MSD utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi ukorera hanze nawe yagirijwe iterabwoba n'umushikirizamanza.

Yabwiye BBC ko ivyo babagiriza bikomeye ariko ko muri MSD - irongowe na Alexis Sinduhije - bitabatangaje kuko ubutegetsi butipfuza ko uwo mugambwe ubaho.

Ati: "Tubibonamwo imvo za politike…ngira babuze aho bafatira, tubona ko ariyo nzira barondeye batwagiriza ibikomeye, nayo ahandi ho ivyo ntibihuye n'imico yacu twebwe nta bintu vyo kwica abantu twoshobora gukora."

Yongerako ati: "Kuba turwanya ubutegetsi vyo turavyemanga turaburwanya, kandi tuzobandanya tuburwanya, mugabo tuburwanya mu nzira ya politike".

Nyamoya avuga ko ivyo umushikirizamanza yavuze ko bakoze amatohoza bo batevyemera ko ahubwo "bakoreshejwe".

Ati: "Nashaka nibutse ko n'umukuru w'igihugu wenyene yivugiye ko ubutungane bw'Uburundi ari akamaramaza.

"Sinibaza rero yuko ibindi bihugu vyoza gukurikiza imitahe ivuye mu gihugu gitwarwa n'umukuru w'igihugu wenyene yivugira yuko ubutungane bwiwe ari akamaramaza

"Twe tuguma dutekanye mu mutima wacu kuko ataco twiyagiriza."