Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umurundikazi Marguerite Barankitse yahuye na Papa Francis
Umurundikazi Marguerite Barankitse we n'abandi bantu batatu bahawe igihembo cya mbere cyitwa 'Aurora Prize' mu 2016 ejo kuwa gatatu babonanye na Papa Francis i Vatican mu Butaliyani.
Barankitse arazwi cyane mu karere no kw'isi kuko yahawe amashimwe anyuranye kubera kwita ku mpfubyi zasizwe n'intambara mu Burundi kuva mu myaka 25 ishize.
Ibikorwa bye byo kwita ku mpfubyi yabikoremereje mu Rwanda aho amaze imyaka irenga itatu mu buhungiro.
Ni inshuro ya kabiri ahuye na Papa Francis muri iki gihe amaze mu buhungiro.
Barankitse, hambere n'abandi bashumba ba kiliziya gatolika babanje Jean Paul II na Benoit XVI.
Barankitse yahunze imidugararo ya politiki mu Burundi yabaye mu 2015.
Mu kwezi kwa cumi muri uwo mwaka umushinjacyaha mukuru w'u Burundi yamushyize ku rutonde rw'abantu 12 iki gihugu gishakisha.
Kuva yahunga, Barankitse yumvikana mu ijwi rinenga ubutegetsi n'abategetsi b'u Burundi bariho ubu.
Mu kwezi kwa gatandatu mu Burundi habaye imyiyerekano yo kwamagana ibitangazamakuru mpuzamahanga byamuhaye umwanya wenyine anenga ubutegetsi na perezida w'u Burundi.
Ibi we avuga ko ari uburenganzira bwe kuvuga icyo atekereza ku butegetsi bw'igihugu cye.
Abana amaze kurera barenga amagana, we yabwiye BBC ati: "Ibitirigiri sibyo bihambaye, njye nashaka mvukishe muri uwo mwijima w'urwanko itara rizokwirukana uwo mwijima uri hagati muri ibi bihugu by'ibiyaga bigari".
Lydia Akimana yamufashe ari impfubyi y'imyaka itatu ubu agiye kugira imyaka 28.
Yabwiye BBC ati: "Niwe mubyeyi nzi, niwe mubyeyi nerekana. Muri Canada aho mba barakunda kumbaza ngo mama wawe ni inde, niwe nita mama".
Marguerite Barankitse aheruka kubwira BBC ko kurera impfubyi ari ubutumwa yahawe n'Imana kandi yiteguye kubukomereza n'ahandi.
Ati: "Umuryango uhera ku muryango, nahereye mu Burundi, ubu ngeze mu Rwanda, Imana imbwiye iti 'none ntiwobandanya ukajya muri Syria?' nogenda."