BBCGreatLakes.com
Igiswahili
Afrika
Ayanyuma: 27 Ukwa kabiri, 2009 - 17:58 GMT
Sangira n,incutiAyasohoka neza
Marguerite Barankitse yahawe agashimwe na leta y'u Bufaransa

Marguerite Barankitse ari kumwe n'abana areze
Marguerite Barankitse ari kumwe n'abana areze
Ako gashimwe agaherewe ku kigo ca Maison Shalom aho arerera abana b'impfuvyi mu ntara ya Ruyigi

Ako Gashimwe, Chevalier De Legion D'Honeur, ni ko gashimwe gahambaye mu Bufaransa gahabwe aba civile ku bera ibikorwa vy'ubutwari baranguye.

Ako gashimwe kagizwe n'ikimetso c'umudari, ukaba watanzwe n'umunyamabanga w'u Bufaransa ajejwe agateka k'ikiremwa munut, Rama Yade, ku bubasha yahawe n'umukuru w'igihugu ciwe.

Umunyamabanga w'u Bufaransa ajejwe agateka k'ikiremwa muntu, Rama Yade

Rama Yade yavuze ko mu kuza gutanga ako gashimwe, yashatse gutera agateka umupfaso witanze akarengera ikiremwa muntu.

Marguerite Barankitse canke Maggi, yuguruye ikigo Maison Shalom mu 1993 bivuye ku kigongwe yatewe n'abana bagizwe impfuvyi n'amagume yabaye mu Burundi muri uyo mwaka.

Maggi amaze kuronka udushimwe tutari duke kubera ico gikorwa akora co kurera abana batagira abavyeyi.

AMAKURU YA NYUMA
Sangira n,incutiAyasohoka neza
Turi bande|Dutere akamo
BBC Copyright Logo^^ Subira hejuru
Amashakiro|Ikirere|Ibiganiro|Imirongo
BBC News >> | BBC Sport >> | BBC Weather >> | BBC World Service >> | BBC Languages >>
Mfasha|Wenyene