Eswatini yakiriye abantu 10 birukanwe muri Amerika naho vyari bikiri mu mburano

Indege ya Air Force ya Amerika ihagaze ku kibuga c’indege. Izuru ry’iyo ndege risa n'ibara ry'umunyota n’amamoteri abiri ari ku mababa y’ibubamfu biraboneka hamwe n’abakozi bayo bo hasi bambaye amakoti asa n'ibara ry'umucungwe aboneka ari kure (hi-viz).

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Izi ndege za gisirikare zirakunze gukoreshwa na Amerika mu kwirukana abimukira

Amerika yarungitse abantu 10 yirukanye muri Eswatini naho amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu muri ico gihugu ca Afrika y'ubumanuko yari yashingishije urubanza rwo guhagarika uwo mugambi.

Uyu ni umugwi wa kabiri w'abantu birukanywe ubutegetsi bwa Trump burungitse muri Eswatini mu rugamba rwiwe rwo guhangana n'ikibazo c'abimukira.

Abo bantu 10 "bakiriwe mu mutekano ntangere", kandi nta ngorane bateje abantu, nk'uko bivugwa mw'itangazo ry'igisata c'amabohero muri Eswatini .

Eswatini yakiriye abantu batanu birukanywe, mu kwezi kw'indwi ubutegetsi bwa Amerika bukaba bwabise "ibikoko vy'ubuyobe". Umwe muri bo aramaze gusubizwa muri Jamaica, igihugu c'amamuko yiwe, mu gihe abandi babiri bitezwe gutahukanwa mu gihugu cabo vuba, nk'uko leta ya Eswatini ibivuga.

Mw'itangazo ryasohotse ku wa Mungu, reta yavuze ko izokwakira abantu 11 bazokwirukanwa, inyuma y'amasezerano yagiranye na Amerika "yo gukorana muri ubwo buryo".

Ntiyasiguye igituma 10 gusa ari bo bamaze gushika.

Umwidondoro wabo nturashirwa ahabona.

BBC yavuze mu kwezi kw'icenda ko ubutegetsi bwa Trump bwabwiye Kilmar Ábrego García, umugabo w'umunya Salvador yavuzwe cane mu rubanza rw'ubwimukira rumaze igihe kirekire, ko ashobora kujwanwa muri ico gihugu ca Afrika yo mu bumanuko kigendera ku ntwaro ya cami.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubutegetsi buvuga ko yahora ari mu mugwi w'abasuma bo muri Salvador witwa MS-13, ivyo we ahakana.

Muri Ntwarante (3), yarirukanywe habaye ukwihenda ajanwa muri El Salvador, hanyuma asubizwa muri Amerika aho apfungiwe, yagirizwa gutwara magendo ya kiremwammuntu. Yaburanye ahakana icaha.

Ku wa gatanu, sentare y'igihugu muri Amerika yavuze ko urubanza rwa Garcia rushobora kuba rurimwo "imvo z'ukwihora", kandi ko azokwumva ibindi bimenyetso imbere y'uko ifata ingingo ya nyuma.

BBC yabajije umuvugizi wa reta ya Eswatini, Thabile Mdluli, nimba Garcia ashobora kuba ari mu mugwi wa nyuma uzokwirukanwa canke atarimwo, ariko nta nyishu aratanga.

Mu kiganiro yatanze imbere y'aho, Mdluli yavuze ko abo bazokwirukanwa bazoshirwa "mu kibanza gikingiwe kitegereye abantu, mu gihe hazoba hariko harategurwa ingene botahukanwa mu bihugu bakomokamwo.

Aba bantu bashitse umusi umwe imbere y'uko urubanza rwerekeye ingingo yo kubirukana rwari gusubira gutangura ku mugwa mukuru Mbabane.

Ishirahamwe ryishinze gutatura amatati ryo muri Afrika y'epfo (SALC) - hamwe n'ayandi mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike - rivuga ko ingingo ya leta ingana "n'ukwitwaza igikenye kw'abategetsi" kandi ko ibwirizwa nshingiro rya Eswatini rivuga ko ayo masezerano yari akwiye kubanza kwemerwa n'abashingamateka, ibitakozwe gushika ubu.

Amashirahamwe abaharanira uburenganzira na yo nyene yagize imyiyerekano hanze y'ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika yiyamiriza iyi ngingo.

Aya mashirahamwe avuga ko ayo masezerano yakozwe mw'ibanga kandi ko ari akarorero k'ugusubira inyuma kwa demokarasi, haciye imyaka 20 Eswatini yemeje ibwirizwanshingiro riha ijambo abashingamateka mu gihugu aho umwami yari amaze igihe kirekire yiziziye ububasha bwose.

Melusi Simelane wo muri SALC yabwiye BBC ati: "Twari kwitega ko iyo ntambwe yerekana ko demokarasi yacu imaze gukura — amategeko yubahirizwa kurusha, abategetsi babazwa ivyo bakora, hamwe no gutandukanya neza amashami y'ubutegetsi".

Reta iriko irikingira muri uru rubanza, ivuga ko yakoze ibiri mu bubasha bwayo, kandi ko ibwirizwa shingiro ritanga uburenganzira bwo gushika ku masezerano nk'ayo n'amakungu.

Bamwe mu bashingamateka bari bashikirije impungenge ku bijanye n'ayo masezerano mu nama nshingamateka, ariko umushikiranganji wa mbere Russell Dlamini yavuze ko yakozwe n'inzego zo hejuru.

Ayo masezerano kandi yateye ubwoba igihugu kibanyi ca Afrika y'Epfo, kikaba cagaragaje ubwoba bw'uko abo birukanwe bashobora kujabuka bakinjira mu gihugu baciye ku mipaka idakingiwe neza.

Mdluli yageragejeku bahumuriza mu kuvuga ko abo birukanywe bapfungiwe ahantu ha bonyene mu kibanza gicunzwe.

Eswatini ni igihugu gito cahoze citwa Swaziland, kidafise umuhora ugishikana kw'ibahari, gikikujwe n'ibihugu vya Afrika y'Epfo na Mozambike. Eswatini irongowe n'Umwami Mswati wa gatatu kuva mu 1986.