Intambara ya Ukraine: Amezi ari imbere ntiyoroshe kuri Zelensky – umukuru w’igisagara ca Kyiv

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine bizoba ngombwa ko yumvikana n’Uburusiya ku bijanye n’ubutaka imaze gutakaza mu ntumbero yo kurondera amahoro, nk’uko bivugwa n’umukuru w’igisagara ca Kyiv, Vitali Klitschko, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru co mu Butaliyano, Corriere della Sera.

Muri iki kiganiro, Klitschko agira ati: "Amezi ari imbere ntagiye kworohera Zelensky. Ubwo azobandanya intambara uravye abariko barapfa n’ibiriko birasambuka, canke arondere kwumvikana na Putin ku bijanye n’ubutaka amaze kwigarurira?

“Mbega bizogenda gute ari nka hamwe Trump yotsinda amatora? Hanyuma kandi yosigurira gute igihugu ko ari ngombwa ko duheba ibice vy’ubutaka bwacu bwatwaye intwari zacu z’abasirikare bapfuye bariko baraburwanira?

Uno mukuru w’igisagara ca Kyiv, umugwa mukuru wa Ukraine abandanya ati: "Reka tuvugishe ukuri: ni ngombwa ko dutsinda intambara, ariko ibintu bitera biba nabi, bizovana n’ingene incuti zidufashe mu mugongo, kandi yoba ari amarushwa atagira uko avugwa ari nka hamwe vyoba ngombwa ko intambara ibandanya mu yindi myaka ibiri.

"Bishobora kuba ngombwa ko Zelensky akoresha kamarampaka, si nibaza ko we ubwiwe ashobora gushika ku myumvikano nk’iyi ibabaje kandi ikomeye, abanyagihugu batavyemeye”.

Klitschko agabisha ati: "Ingingo izo ari zo zose umukuru w’igihugu cacu ashobora ashobora gufata, zishobora kuba izo kwiyahura muri poritike”.

Ku bwiwe, imwe mu nzira Zelensky ashobora guhitamwo ishobora kuba iyo gushinga reta yizewe n’abanyagihugu, nk’uko vyagenze kuri Israel igihe Hamas itera ku wa 7 Gitugutu (10) 2023.

Klitschko yabajijwe ico yiyumvira ku cipfuzo ca Zelensky co gutegura irindi koraniro rigira kabiri ryo kurondera amahoro imbere ya Munyonyo (11), ariko Uburusiya bugategerezwa kuryitaba.

Uno mukuru w’igisagara ca Kyiv yishura ati: "Tuzoraba, sinzi. Abarusiya ntibatomoye, biragoye kubizera. Putin aravuga ibijanye n’ingene amahoro yoboneka, ariko igihe cose yama ahemuka ku vyo yiyemeje. Putin aracafise icizere c’ukuzokwigarurira Kyiv”.

Nk’uko Klitschko abivuga, nta kintu na kimwe kiboneka gishobora kuba imbere y’amatora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Hagati aho, Boris Johnson yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, akaba ashigikiye cane ko Ukraine yobandanya ihabwa imfashanyo ya gisirikare yanditse mu kinyamakuru Daily Mail co mu Bwongereza ko Donald Trump ashobora gutabara Ukraine aramutse asubiye gutorwa.

Johnson yabonanye na Trump mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe w’Abarepubulika mu ndwi iheze, akavuga ko inyuma y’ikiyago bagiranye, yizeye ko Trump ashobora gushigikira Ukraine ari nka hamwe yoramuka atowe nk’umukuru w’igihugu.

Muri iki kinyamakuru Johnson yandika ati: “Mu gihe turi mu mpera y’ica kane c’ikinjana ca 21, isi ihagaze mu mayira abiri: intambara mbi cane ishobora kwaduka hagati ya Israel n’imirwi ikoreshwa na Irani mu Buseruko bwo Hagati, ikibazo ca Taiwan mu Nyanja y’Ubushinwa, hamwe n’ikibazo kiri ku mugabane wacu – Ubulaya – intambara iriko yiha inkumbi kandi ya mbere mbi mu myaka 80.

“Maze kuvugana na Donald Trump muri ino ndwi, ndizeye neza ko afise ishaka n’ubwira bwo gushira ibintu ku murongo, kubohora Ukraine, kugarura amahoro, no guhagarika ikwirakwira ry’intambara ziha inkumbi”.

Johnson abandanya agira ati: “Uretse ivy’abandi Barepubulika bagize imisi bavuga, ndibaza ko Trump azi ukuri: ugutsindwa kwa Ukraine kwoba ari ugutsindwa kwa Amerika bimwe bikomeye.

"Ndizeye ko Trump ashobora guhagarika ibi – ku neza ya Ukraine n’Uburengero. Nshimangira ko ntashobora kumenya neza ico azokora aramutse atowe. Ariko iki nico ashobora kuzokora”.

“Abarusiya ubu bakoresha ibibombe vyarara (bombes planantes/glide bombs)mu ntumbero yo gusambura ibirindiro vya Ukraine. Ariko abanya-Ukraine ntibashobora kwishura kubera Amerika itabemerera gukoresha ATACMS ngo batere ibibanza vya gisirikare vy’Uburusiya, kandi Ubwongereza, ku gihamana kibi, ntiburiko burabemerera gukoresha misire zo mu bwoko bwa Storm Shadow”, niko Johnson abandanya yandika.

Ati: “Trump ashobora gukora ikintu gishobora kumuzamwo: gukuraho inzitizi; guha abanya-Ukraine impusha bakeneye; hanyuma rero, igihe Putin azoba yasubijwe inyuma, hakaba amasezerano”.

Uno yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza agira ati: "Trump asanzwe azwi ko yagize uruhara rukomeye mu vya gisirikare ku nyungu za demokarasi ya Ukraine. Ari nka hamwe yogaruka ku butegetsi mu mpera z’uno mwaka, Trump afise amahirwe menshi yo gukosora umurage yoba asigiwe n’uwamusubiriye, ariko kandi akayobora isi mu ntambwe za kazoza”.