Umupadiri yanka akarenganyo yanse itegeko rya Vatican

Ahavuye isanamu, AFP
Umwe mubagize akanama gakurikirana ibibazo vy’ubushurashuzi bwakozwe n’abapatiri yiyamirije yivuye inyuma ingene afashwe na Vatican.
Peter Sanders, yiyamirije inkuru yavuye muri Vatican ivuga ko yari yagiye mu biruhuko.
Yavuze ko adashobora kurota ava muri ako kanama, aca yongerako ko azoganira ivyerekeye kazoza kiwe n’uwamushize muri ayo mabanga, uwo na we akaba ari Papa Francis.
Sanders ubwiwe yarashurashujwe akiri umwana muto, akaba yaragirike ishengero katolika ko impfunga amaso kuri ivyo bibazo vy’ubushurashuzi, ntirinahane abapatiri baba babikoze.






