Burundi: Reta ntizoja i Arusha itariki 6 z'ukwa mbere

Ahavuye isanamu,
Reta y’uburundi ivuga ko idashobora kwicarana n’abagirizwa gutembagaza ubutegetsi, n’abafashe inzira yo kurwana no gutera ingorane mu gihugu.
Abategetsi b’Uburundi basaba ko bobanza kwumvikana n’abahuza kugira hashingwe ayandi matariki mashasha.
“ Nta rindi sango rirashingwa kuko ivyo twasavye batarabironkera inyishu,” Joseph Bangurambona, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu.
Ku ruhande rw’amashirahamwe ataho yegamiye muri politike, hari abavuga ko ata butumire bararonka hamwe n’Uburyo bwo gushika no kubabeshaho I Arusha, hari hasanzwe hategekanijwe kubera ivyo biganiro ejo ku wa gatatu.
Bavuga kandi ko abaganira bose batazitaba ivyo biganiro.
“Iyo mu biganiro hagize uwuvuga ko atagenda, kubera tutashimye iki canke kiriya, n’ukuvuga ko n’iyo ugiye ata co uba ugiye gukora, kuko ntuvuga wenyene, ntiwivugana,” ivyo bishikirizwa na Beco Njangwa, arongoye ishiramamwe ONELOPE.

Ibiganiro vyabereye I Kampala bikirangira, Alain Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yaciye amenyesha ko itariki zitandatu n’ikibanza c’I Arusha batavyumvikanyeko.
Umuvugizi w'umugwi CENARED utavuga rumwe na leta y'u Burundi, Jeremie Minani, avuga ko kuba leta y'ico gihugu itazokwitaba ibiganiro bidatangaje ngo kuko ntavyo yigeze ishaka.
BBC Yagegeje kurondera uruhande rw'umuhuza muri ibi biganiro, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Uganda, Crispus Kiyonga, ariko ntivyashoboka.

Ahavuye isanamu, Getty
Amatati yo kutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, yatanguye mu kwezi kwa kane, yatumye abantu barenga amajana ane bicwa, abarenga ibihumbi amajana atatu bata izabu, abandi benshi barapfungwa.
Mu mpera z’umwaka uheze, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryarafashe ingingo yo kurungika abasirikare 5,000 bo gukinga ko haba genocide, ingingo yaciye yiyamirizwa n’abategetsi b’Uburundi.










