Nigeria: Boko Haram iriko iratsindwa

Ahavuye isanamu,
Umukuru w’igihugu ca Nigeria , Mohammadu Buhari, yabwiye BBC ko abasirikare biwe bimirije gutsinda umuhari wa ki islam wa Boko Haram.
Prezida Buhari yavuze ko uwo mugwi ata bushobozi ugifise bwo kugira ibitero ku basirikare canke mu bibanza birimwo abantu benshi, ako ndi n’ibikorwa bibi vy’ubwiyahuzi bigenda bigabanuka.
Buhari yavuze ko uwo mugwi wahora ufatanye munda uretse ko ubu ugenda ucanamwo cane mu ntara ya Adamawa na Yobe, ukaba usigaye uboineka cane mu ntara ya Borno, aho ufise icicaro gikuru.

Ahavuye isanamu, AFP
Bivugwa ko Boko Haram bagize ibitero birenga ijana, bihitana ubuzima bw’abantu barenga ibihumbi ijana, mu mezi abiri aheze.
Igihe yariko ariyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Nigeria, Buhari yiyemeje kurwanya umuhari Boko Haram ku buryo azoba yayiranduranye n’imizi gushika mu mpera z’uyu mwaka.






