Ikipe y'Uburundi yatsinzwe n'iya RDC 2-3
Umugwi wa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo mu mupira w'amaguru 'Les Leopards' watsinse uw'Uburundi Intamba mu Rugamba 3-2.
Rwari ukino rwa mbere rwo mu gukuranamwo mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi co mu 2018.
Ibitsindo bibiri vy'Uburundi vyompi vyinjijwe na Cedric Amissi ku munota wa 6 n'uwa 81.
Abanyekongo batanguye kunganya ku munota wa 38 , bibiri vya nyuma bavyinjiza mu minota itarenga itanu kuva Intamba zironse ica kabiri.

Abakinyi ba Congo nka bose bakina mu migwi yo hanze nka, Bolisi Yannick wo muri Crystal Palace mu Bwongereza . Niwe yinjije ibitsindo bibiri, ica 1 n’ica 3.
Hari n’abandi nka Yusufu Mulumbu na Mokani Dieumerci bo muri Norwich mu Bwongereza nyene
Urukino rwo gusubiza ni ku wa mungu mu minsi itatu gusa.
Muri kahise k’umupira w’amaguru, umugwi nserukiragihugu w’Uburundi nturigera utsinda uwa Congo mu rugero rw’abakuze.
Uburundi bwari bugeze kuri iyi ntambwe inyuma yo gukuramwo amazinga ya Seychelles.

I Bujumbura abakunzi b’umupira bari bizigiye ko Congo itaja kubatsindira ku kibuga iwabo.
Mu kahise k’umupira, Uburundi ntiburigera butsinda Congo mu rugero rw’abakuze.










