Jean Pierre Bemba eregwa guha igiturire ivyabona

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, Jean Pierre Bemba, yarengutse i La Haye yagirizwa guha igiturire ivyabona.
Bwana Bemba aregwa kuba yarahaye igiturire ivyo vyabona, mu rubanza aregwamwo ivyaha vyo mu ntambara.
Yagirizwa ko we n'abafasha biwe ba hafi, batunganije umugambi bari mw'ibohero wo kugerageza kwumvisha ivyabona cumi na bine ngo bitange ubuhamya butari ukuri.
Abashinjacaha mu rubanza rwiwe nyamukuru kuri sentare mpanavyaha mpuzamakungu, bamwagiriza ivyaha vyo mu ntambara hamwe n'ivyo guhohotera ikiremwa muntu, vyakorewe muri Centre Afrique hagati y'imyaka ya 2002 na 2003.






