Malaysia yatoye imva 139 z'abimukira'

Hariko haraba igikorwa co kuzura ivyo biziga kugira barabe ko vyoba arivy'abimukira

Ahavuye isanamu, none

Insiguro y'isanamu, Hariko haraba igikorwa co kuzura ivyo biziga kugira barabe ko vyoba arivy'abimukira

Igipolisi muri Malaysia kivuga ko imva 139 z'abantu bakekwa kuba ari abimukira zatowe mu makambi 28 y'ahacishwa abimukira ku rubibe bihana na Thailannde.

Umukuru w'igipolisi ku rwego rw'igihugu Khalid Abu Bakar yavuze ko zimwe muri izo mva, zatowe kuva itariki 11 z'ukwezi kwa gatanu , zishobora kuba zitarimwe ikiziga kimwe gusa.

Zegereye akarere ka Thailande katowemwo muri uku kwezi amakambi y'abimukira bakoreshwa nk'urudandazwa n'imva nyinshi zitimbiwe cane.

Thailande yaciye ifata ingingo ikomeye yo kuzibira amayira abo bacuruza abantu bakoresha mu gucisha abo bimukira ku butaka bw'ico gihugu.

Ico gikorwa caciye gituma abo bacuruza abantu babatwara baciye mu mazi. Ariko amajana n'amajana muri bo barabuze iyo bava n'iyo baja abari babazanye bamaze kubata bonyene hanyuma hakabura igihugu kibakira.

Abakora urudandazwa go gutwara ibimukira bamaze imyaka bakoresha amashamba yo mu bumanuko bwa Thailande no mu buraruko bwa Malaysia kugira binjize abantu muri Malaysia.

Benshi muri abo bimukira n'aba Rohingya b'aba Islam bahunga kuburabuzwa muri Myanmar, nk'uko bivugwa n'abaharanira agateka ka zina muntu, ariko abandi n'aba Bangladesh baja kurondera akazi muri Malaysia.