Kenya: umunyororo w'imyaka 15 ku bafashe ku nguvu umukobwa

Ubwa mbere bari bakatiwe igihano co gutema ubwatsi.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Ubwa mbere bari bakatiwe igihano co gutema ubwatsi.

Abaharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu muri Kenya bashimye igihano c'umunyororo w'imyaka 15 cahawe abantu batatu bagiriwe n'icaha co gufata umukobwa ku nguvu.

Ubwa mbere bari bakatiwe igihano gito co gutema ubwatsi.

Sentare yo mu muji wa Busia mu burengero bwa Kenya, yabwiwe ko abo bagabo batatu bafashe ku nguvu umwana w'umukobwa w'umunyeshure, imbere yo guta ikiziga ciwe mu musarane.

Haciye hegeranywa ibikumu vy'abantu barenga miliyoni basinye urwandiko rwakwiragijwe hakoreshejwe interineti. Urwo rwandiko rwasaba ko hoba ubutungane bukwiye inyuma yaho igipolisi gifatiye ico caha ko kwabaye gutera uwo mukobwa bisanzwe.

Abo baharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu bashimye ingingo yo gupfunga abakoze icaha; ariko kubona vyafashe hafi imyaka ibiri ngo bigaragaza akarenganyo kagirirwa abakorewe icaha.