Oxfam ishaka ko ibihugu vyahuye na Ebola bifashwa

Ahavuye isanamu,
Ishirahamwe ry'abagiraneza, Oxfam, ryasavye ko hatanguzwa umugambi ukomeye ugamije gufasha ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika vyaciyemwo Ebola.
Umuyobozi nshingwabikorwa wa Osfam, Mark Goldring, yavuze ko isi yikanguye itevye mu guhangana na Ebola, ngo ariko nta rwitwazo ruriho rwotuma ibihugu vyabangamiwe bidafashwa kwivyura.
Iryo shirahamwe ryasavye ko haba inama idasanzwe igamije gukusanya amamiriyoni y'amadolari yo gufasha mu mugambi wa nyuma ya Ebola.
Uwo mugambi ngo wosa n'uwakoreshejwe i Buraya nyuma n'intambara ya kabiri y'isi.






