Ubwato bwahitanye abarenga ijana muri Kongo

Ahavuye isanamu, other
Amakuru ava muri republika iharanira demokrasi ya Kongo avuga ko abantu barenga ijana baguye mu mpanuka y'Ubwato.
Ubwato bwuzuye ingenzi bwarohamye mu kiyaga Tanganyika mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu kuwa gatanu.
Umushikiranganji w'intara ajejwe kwunguruza abantu n'ibintu yabariye ibiro ntaramakuru vy'Ubufaransa ko imivyimba ishika ijana na mirongo ibiri n'icenda yatowe.
Abamenyeshamakuru bahegereye bavuga ko impanuka nk'izo zishika kenshi kuko usanga ubwato buba bwuzuye cane.






