Abanyamulenge bumvirijwe ubwa mbere ku bwicanyi bwo mu Gatumba

Ubushikirizamanza mu Burundi yarengukishije ubwa mbere ku wa gatanu abaserukira impunzi z'abanyekongo b'Abanyamulenge bahungiye muri ico gihugu mu rubanza basaba hakurikiranwa abishe benewabo mu Gatumba mu 2014.
Abaserukira abandi 3 nibo barengutse ku mvo z'amatohoza imbere y'icariho c'umushikirizamanza mukuru muri sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura.
Umwe umwe wese yumvirijwe ukwiwe mu kiringo c'isaha irenga.
Kw'itariki 13 ukwezi kwa 8 mu 2004, mu Gatumba hiciwe abanyamurenge barenga 160.
Abaserukiye abandi bavuze ko kwumvirizwa n'ubushikirizamanza ari intambwe bazokwemera ko ubutungane bw'uburundi bufise ishaka ry'ugukurikirana urwo rubanza mu gihe abo barega bazoba barengukishijwe imbere y'ubutungane.
Mu 2010 , umuryango w'Abanyamulenge witwariye Agathon Rwasa na Pasteur Habimana kuba aribo bari inyuma y'ubwo bwicanyi.
Agathon Rwasa ico gihe yari umukuru wa Palipehutu FNL, umuhari wagwanya leta y'Uburundi witwaje ibigwanisho. Pateur Habimana nawe yari umuvugizi wawo.
Igitero ku mpunzi z'Abanyamulenge mu Gatumba caraye kibaye, Habimana yabwiye amaradiyo amwe amwe ko ari Palipehu FNL yakigavye.
Ubu Agathon rwasa arahakana ivyo yagirizwa akavuga ko ahubwo vyobazwa Pasteur Habimana yari umuvugizi w'uwo muhari we yayvyiyemereye ku maradiyo.










