CIA yatangaje ko iri kuri facebook na twitter

Urubuga rwa twitter rwa CIA

Ahavuye isanamu,

Insiguro y'isanamu, Urubuga rwa twitter rwa CIA

CIA ivuga ko yizeye ko ivyo bizoyifasha kwegera abanyagihugu.

Ico kigo c'ubusumyi bw'urusaku carungitse ubutumwa bwa mbere ku rubuga rwa twittwer gisa n'igishaka gutebura.

Bwavuga ngo:"Ntidushobora kwemeza canke guhakana ko ubu aribwo butumwa bwacu bwa mbere".

CIA yari imaze kuronka abayikurikira kur'urwo rubuga @CIA barenga ibihumbi amajana atatu (300,000.00).