Bosnia irihweza ivyasambuwe n'imigumuko

Imigumuko muri Sarajevo

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu, Imigumuko muri Sarajevo

Abari mu myiyerekano baturiye ibiro vy'umukuru w'igihugu biri iSarajevo, aho uwo muriro watongoye ivyari mu bubiko kugeza ku vyo igihe c'intambara yambere y'isi yose.

Muri Tulza, uhagarariye leta yatanze imihoho, inyuma y'aho aboneye abantu ibihumbi bihereje amabrabara biyamiriza ubukene bw'akazi na ruswa.

Iyi migumuko niyo ya mbere ikomeye ibonetse mu gihugu kuva intambara irangiye ngaho muri Bosnia, haraheze imyaka nka mirongo ibiri.