Ikibazo cy'ubutasi hagati y'Uburayi n'Amerika

Uyu munsi intumwa z'inteko nshingamategeko y'Uburayi zirahura i Washington n'abashinzwe umutekano hamwe n'abategetsi b'Amerika ku kibazo cy'ibirego bivuga ko inzego z'ubutasi z'Amerika zishobora kuba zarumvirije telefone z'abategetsi n'abaturage b'Uburayi.
Abanyepolitike b'Uburayi baraganira ku ngaruka ibikorwa byo kumviriza telefoni z'abantu byagira k'uburenganzira ku buzima gatozi.
Umukuru wa leta y'Ubudage, Angela Merkel, nawe yohereje i Washington abashinzwe iperereza mu gihugu cye gusaba ibisobanuro ku birego bivuga ko hashize imyaka icumi telefone ze zumvirizwa.
Inzego z'ubutasi z'Amerika ntizahakanye ibyo birego, ariko zavuze ko ibyavuzwe mu binyamakuru byo m'Ubudage ko Perezida Barack Obama yari azi ko telefone zumvirizwaga kuva muri 2010 atari ukuri.






