DRC:Tshisekedi yemeje ko ariwe president

Etienne Tshisekedi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kizigenza mu batavuga rumwe n' ubutegetsi bwa Congo, Etienne Tshisekedi

Etienne Tshisekedi yahamagariye abasirikare kutubahiriza amategeko bahabwa na president Joseph Kabila, amaze guhakana ibiharuro vya nyuma vyatangajwe n'umurwi w'amatora ku matora y'umukuru w'igihugu.

Ku munsi wa gatanu, umurwi ujejwe gutunganya amatora watangaje ko Kabila ariwe yatahukanye intsinzi n'amajwi 49%, nayo Tshisekedi aronka 32%

Etienne Tshisekedi yaciye atangaza ko ahakanye ivyo biharuro, yemeza ko ariwe yatahukanye intsinzi kandi akuye leta ya Kabila.

Yahamagariye abasirikare n'abandi bakozi kumwamagana, atangaza ko umunsi wiwe wo kurahira ari kuwa gatanu, kuri Stade des Martirs.

Yemereye agashimwe abasirikare mu gihe bashoboye gufata Joseph Kabila bakamumuzanira abona.

Umwe mu bashigikiye Joseph Kabila mu kwiyamamaza mu matora aheruka, yavuze ko Tshisekedi ariko akurikira ionzira y'umunyavyaha.

Aubin Minaku, yavuze ko ata n' umwe ari hejuru y'amategeko, n'aho yob ari umu kandida, mu gihe ariko ahamagarira abantu gukora ivaha bihanwa n'amategeko mpuzamkungu.

Minaku yavuze kw'igihugu gitegerezwa kugira ico gikoze kuri tshisekedi, kandi ko na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yogira ico ikoze.