Mu mafoto: Umwami Charles ku musi wa mbere atanguye amabanga

Ku wa gatanu mu gatondo, niho Umwami mushasha w'Ubwongereza Charles III yava i Balmoral akaja i Londres /London, inyuma y'urupfu rwa nyina wiwe, Umwamikazi. Muri urwo rugendo ari kumwe n'umutambukanyi wiwe, Camilla Umwami yafashe indege yamuvanye i Aberdeen imujana ku kibuga c'indege ca RAF Northolt imbere y'uko aja gushikiriza ijambo igihugu aciye ku mboneshakure. Ashitse ku kirimba ca Buckingham, yasanganiwe n'abantu ibihumbi n'ibihumbi bamwipfuriza kuroranirwa muri bino bihe bishasha.

Ejo ku wa gatanu nyene, abahungu biwe, Abaganwa William na Harry, niho bava i Balmoral.

Umwami Charles III yururutse imodoka ku kirimba ca Buckingham nk'Umwami ku ncuro ya mbere