Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu mafoto: Umwami Charles ku musi wa mbere atanguye amabanga
Ku wa gatanu mu gatondo, niho Umwami mushasha w'Ubwongereza Charles III yava i Balmoral akaja i Londres /London, inyuma y'urupfu rwa nyina wiwe, Umwamikazi. Muri urwo rugendo ari kumwe n'umutambukanyi wiwe, Camilla Umwami yafashe indege yamuvanye i Aberdeen imujana ku kibuga c'indege ca RAF Northolt imbere y'uko aja gushikiriza ijambo igihugu aciye ku mboneshakure. Ashitse ku kirimba ca Buckingham, yasanganiwe n'abantu ibihumbi n'ibihumbi bamwipfuriza kuroranirwa muri bino bihe bishasha.
Ejo ku wa gatanu nyene, abahungu biwe, Abaganwa William na Harry, niho bava i Balmoral.
Umwami Charles III yururutse imodoka ku kirimba ca Buckingham nk'Umwami ku ncuro ya mbere